Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 18

Yakobo Aja i Harani

Yakobo Aja i Harani

URAZI abo Yakobo ariko aganiriza abo ari bo? Amaze kugenda imisi itari mike, abasanga kw ivomo baragiye intama zabo. Ati ‘mbega muri aba he?’

Bati ‘turi ab’i Harani.’

‘Murazi Labani?’

Bati ‘egome turamuzi, kandi n’umukobwa wiwe Rakeli ngurya azanye intama za se.’ Murabe nawe ngurya ariko araza.

Yakobo abonye Rakeli ari kumwe n’intama za inarume Labani, ariruka atembagaza ibuye ryari ryugaye iriba, kugira ngo zishobore kunywa amazi. Ahejeje aca ahobera Rakeli, aramwimenyesha. Rakeli aranezerwa cane, arirukanga abimenyesha se Labani.

Labani biramuhimbara cane ko Yakobo yaje kumuramutsa. Yakobo amaze kumumenyesha ko ashaka kwabīra Rakeli, aranezerwa, mugabo asaba ko Yakobo abanza kumukorera imyaka indwi. Kubera ko yakunda Rakeli cane, aremera arakora. Hageze ko amurongora urazi ivyabaye?

Labani amuha umukobwa wiwe mukuru Leya mu kibanza ca Rakeli. Yakobo amaze kwemera gukora iyindi myaka indwi, amwongera Rakeli ngo amwabīre. Ico gihe Imana yarareka abantu bakabīra abagore benshi. Ariko ubu nk’uko Bibiliya ibitwereka, umugabo ntashobora kurenza umugore umwe.