Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 24

Yozefu Agerageza Benese

Yozefu Agerageza Benese

YOZEFU yashaka kumenya ko benese bātaye agatima kabi. Ababwira ati: ‘Mwaje gutata. Mwaje kurāba uko igihugu cacu kimeze.’

Bati ‘eka data ntituri abatasi. Turi abantu beza. Twese turavukana. Turi 12, umwe ntakiriho, umuhererezi na we yasigaranye na dawe i muhira.’

Yozefu yigira nk’uwudashaka kuvyemera. apfunga uwitwa Simeyoni, abasigaye arabarekura ngo bajane ivyokurya i muhira. Ababwira ati: ‘Ni mwagaruka ntimuze musige umuhererezi wanyu.’

Bashitse i muhira i Kanani, bigānira se ivyabaye vyose. Yakobo arababara cane. Ararira ati: ‘Yozefu yarapfuye, Simeyoni na we arakurikiye, sinshobora kubarekurira umuhererezi wanje Benyamini.’ Ivyokurya bitanguye guhera, aramurekura bamujana i Misiri, kugira ngo baronke ibindi.

Yozefu aza abona ngabo baraje. Aranezerwa cane aho aboneye murumunawe Benyamini. Menya ko ata n’umwe yatahuye ko uwo muntu mukuru ari Yozefu. Yozefu ari n’ico aza kugerageresha benese 10.

Ategeka umusuku wiwe kwuzuza ivyokurya mu magunira yabo. Yozefu afata igikombe ciwe ciza, agihisha mw igunira rya Benyamini batabizi. Baragenda, batarashika kure atuma umusuku wiwe ngo abakurikire. Amaze kubashikira ababwira ati: ‘Ni kuki mwivye igikombe ca databuja?’

Bose bati: ‘Nta gikombe twivye. Uwo uza kugitorako muri twebwe ace yicwa.’

Wa musuku arasaka mu magunira yose, agisanga mu rya Benyamini nk’uko nawe ubibona ngaha. Ati ‘abandi bose ni mwigire, ariko Benyamini we n’aze tugende.’ Abo bavukanyi 10 baza kubigira gute none?

Bose basubirana na Benyamini kwa Yozefu. Yozefu ati: ‘Mwebwe ni mwigīre i muhira, nsigaranye Benyamini abe umushumba wanje.’

Yuda aca araboroga ati: ‘Ni nashika i muhira ntari kumwe na Benyamini, data aca apfa kuko amukunda cane. Ndagusavye rero ngo abe ari je ugira umuja wawe, ariko Benyamini umureke atahe.’

Yozefu aca arabona ko bāmaze guhinduka, bāronse umutima w’ikigongwe. Ubu reka turabe ico Yozefu aza kugira.