Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 26

Yobu Ntiyahemukiye Imana

Yobu Ntiyahemukiye Imana

UYO murwayi ntaguteye ikigongwe? Yitwa Yobu, uyo mugore na we ni uwiwe. Urazi ivyo ariko arabwira Yobu? Ngo ‘tuka Imana upfe uveho.’ Reka turabe icatumye avuga ibintu nk’ivyo, n’igituma Yobu yari aremvye cane.

Yobu yari umwizigirwa agamburukira Imana. Yaba ahantu hitwa Uzi, hafi y’i Kanani. Yehova yaramukunda cane, ariko hāriho umwansi wiwe. Urazi uwo ari we?

Yari Shetani wa mubisha. Ibuka ko Shetani ari umumarayika mubi, umwansi wa Yehova. Yatumye Adamu na Eva bagambararira Yehova, aca yibaza ko yohindura abantu bose bakaba abansi ba Yehova. Yobishobora none? Oya. Menya ko twamaze kwiga ivy’abagabo n’abagore b’abizerwa benshi. Uracibuka bangahe?

Yakobo na Yozefu bamaze gupfa mu Misiri, Yobu asigara ari we wenyene mwizigirwa rwose ku Mana kw isi yose. Yehova yashaka kwereka Shetani ko idashobora guhindura abantu bose ngo babe babi, ayibwira ati: ‘Raba Yobu ukuntu anyizeye.’

Shetani irahārīra iti: ‘Ni umwizigirwa kubera ko umuhezagira, kandi akaba atunze cane. Ubimwatse yoca agutuka.’

Yehova ati: ‘Genda ubimwake. Mugirire nabi uko ushaka kwose, turabe ko aca antuka. Kimwe gusa ntumwice.’

Ubwa mbere Shetani atuma ibisuma bimwibira inka n’ingamiya, intama ziwe na zo ziricwa. Munyuma ituma igihuhusi, kimwicira abana biwe 10. Ivyo biheze, imuzanira iyo ndwara mbi, iramubabaza cane. Ni co gituma umugore wiwe yamubwira ngo ‘tuka Imana upfe uveho.’ Ariko Yobu ntiyayitutse. N’abagenzi biwe babi batatu baraza, bamubwira ngo abayeho nabi, ariko aguma ari umwizigirwa.

Vyaranezereje Yehova cane, munyuma aca aramuhezagira nk’uko ubibona aho hepfo. Yaramukijije iyo ndwara, araronka n’abandi bana 10 beza beza. Inka, intama n’ingamiya na zo aronka iziruta iza mbere incuro zibiri.

Uzokwama nawe uri umwizigirwa ku Mana nka Yobu? Ubigenjeje utyo, izoguhezagira nawe. Uzoshobora kubaho imyaka yose, igihe isi izoba yabaye nziza nka rya tongo ry’i Edeni.