Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 31

Musa na Aroni kwa Farawo

Musa na Aroni kwa Farawo

AHO Musa ashikiye mu Misiri, yigānira Aroni mwenewabo vya bitangaza vyose. Musa na Aroni bakora ivyo bitangaza, Abisirayeli baca barēmera ko Yehova ari kumwe na bo.

Bahejeje baja kwa Farawo bamubwira bati: ‘Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: ‘Rekura abantu banje bagende, bamare imisi itatu bansengera mu bugararwa.”’ Farawo abishura ati: ‘Yehova jewe sindamuzi, kandi ntabo ngenda ndekuye.’

Farawo yashavujwe n’uko abantu basavye akaruhuko ngo baje gusenga Yehova. Aca abatunira ku bikorwa kurusha uko yahora. Abisirayeli batuka Musa kubera ko bamerewe nabi cane, Musa biramubabaza. Yehova amubwira ngo ntababare. Ati ‘nzotuma Farawo arungika abantu banje.’

Musa na Aroni basubira kwa Farawo, bakorerayo igitangaro. Aroni ata hasi inkoni yiwe, ihinduka inzoka nini. Abapfumu ba Farawo na bo bata inkoni hasi, na zo nyene zihinduka inzoka. Ariko rāba! Iyo kwa Aroni iriko iramira iz’abo bapfumu! N’aho nyene Farawo yaranse kurekura Abisirayeli.

Igihe c’uko Yehova yereka Farawo ububasha bwiwe cari kigeze. Urazi uko yabigenjeje? Yatumye ibihano cumi mu Misiri.

Amaze gutuma ibitari bike, Farawo atumako Musa amubwira ati: ‘Kuraho iki gihano, nanje nca ndabareka bagende.’ Ca gihano giheze, aca asubira kwanka. Ntiyabaretse ngo bagende. Munyuma igihano kigira cumi giheze, aca arabirukana.

Urazi ibihano Imana yabahaye ivyo ari vyo? Zingurura urupapuro tubirabe.