Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 33

Bajabuka Ikiyaga Gitukura

Bajabuka Ikiyaga Gitukura

RABA ivyo bibaye! Uyo ni Musa n’inkoni yiwe, ayiramvuriye hejuru y’Ikiyaga Gitukura. Abo bari kumwe na we ku yindi nkombe ni Abisirayeli. Farawo n’ingabo ziwe, bariko barasoma nturi. Reka turabe uko vyagenze.

Nk’uko twavyize, Imana imaze gutuma igihano c’icumi ku Banyamisiri, Farawo yaciye arekura Abisirayeli. Abagabo b’abisirayeli bashīka 600 000. Baragenda bari kumwe n’abagore benshi hamwe n’abana. Abandi bantu benshi bizeye Yehova barabakurikira, bose batwara intama, impene n’inka zabo.

Abisirayeli batarahaguruka, babanza gusaba Abanyamisiri impuzu, hamwe n’ibindi bikozwe mu nzahabu n’ifeza. Abanyamisiri baratinya cane kubera ico gihano kigira cumi, babaha ivyo babasavye vyose.

Hashize imisi mikeyi, bashika ku Kiyaga Gitukura bararuhuka. Ico gihe Farawo n’abantu biwe batangura kubabazwa n’uko baretse Abisirayeli bakagenda. Bati ‘twaretse abaja bacu baragenda!’

Farawo asubira kandi guhindura imvugo. Akoranya n’ingoga imikogote ihinguwe neza 600, hamwe n’iyindi isanzwe yo mu Misiri.

Abisirayeli babonye Farawo n’abasoda biwe babakurikiye, baratinya cane. Nta na hamwe bari bafise bahungira. Ikiyaga Gitukura cari imbere yabo, Abanyamisiri na bo bari bazananye inyuma. Yehova aca ashira igicu hagati, gikingīra Abanyamisiri ntibaba bakibona Abisirayeli ngo babatere.

Yehova abarira Musa ngo aramvūre inkoni yiwe hejuru y’Ikiyaga Gitukura. Abigize, Yehova atuma umuyaga mwinshi wo mu buseruko ucamwo amazi kubiri.

Abisirayeli batangura kujabuka ikiyaga baca ahūmutse. Kugira ngo bashike ku nkombe yo hakurya, bāmaze umwanya munini, kubera ko bo hamwe n’amasho yabo bari benshi. Munyuma, Abanyamisiri basubira kubabona. Abaja babo bari bigiriye! Baca binjira mu kiyaga barabakurikira.

Bamaze kwinjira, Imana ituma amagurudumu y’imikogote yabo avako. Baratinya cane batangura kuvuza induru bati: ‘Yehova ariko arabarwanira ni muze dusubire inyuma.’ Ariko kari kabaye.

Ico gihe ni ho Yehova yabarira Musa ngo aramvūre inkoni yiwe hejuru y’Ikiyaga Gitukura, nk’uko ubibona ngaha. Amaze kubigira, ya mazi aca ateranira ku Banyamisiri n’imikogote yabo. Abasoda bose bari binjiye mu mazi. Nta n’umwe yarokotse!

Ese ukuntu abantu b’Imana bāhimbawe n’uko barokotse! Abagabo baca bararirimba bashimira Imana bati: ‘Yehova aratsinze intsinzi nyakuri, amafarasi n’abari kuri yo abitaye mu kiyaga.’ Miriyamu mushiki wa Musa afata akagoma, n’abandi bagore nyene baramukurikira bafise utugoma. Baratamba banezerewe, basubiramwo urwo ruririmbo bati: ‘Yehova aratsinze intsinzi nyakuri, amafarasi n’abari kuri yo abitaye mu kiyaga.’