Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGICE CA 3

Kuva ku Gihe c’Ukubohorwa mu Misiri Gushika ku Mwami wa Mbere w’Abisirayeli

Kuva ku Gihe c’Ukubohorwa mu Misiri Gushika ku Mwami wa Mbere w’Abisirayeli

Musa akūra Abisirayeli mu buja i Misiri, abashikana ku musozi Sinayi. Ni ho Imana yamuhereye amategeko. Munyuma Musa atuma abantu 12 ngo baje gutata igihugu c’i Kanani. Cumi muri bo bagarukana inkuru mbi. Batuma abantu bashaka gusubira mu Misiri. Kubera ukwizera guke, Imana ihana Abisirayeli, bayerēra mu bugaragwa imyaka 40.

Munyuma Yosuwa aratorwa ngo abajane mu gihugu c’i Kanani. Kugira ngo bashobore kuhafata, Imana ikora ibitangaro. Ihagarika Uruzi Yorodani rurareka gutemba, isenyura uruzitiro rw’i Yeriko, izuba na ryo irihagarika umusi wose. Mu myaka 6, hose bari bamaze kuhanyaga Abanyakanani.

Mu myaka 356 duhēreye kuri Yosuwa, Abisirayeli bātwarwa n’abacamanza. Benshi muri bo nka Baraki, Gideyoni, Yefuta, Samusoni na Samweli, turaza kwumva ivyabo. Turaza kwumva kandi ivy’abagore nka Rahabu, Debora, Yayeli, Rusi, Nawomi na Delila. Igice ca GATATU cigāna ivyabaye mu myaka 396.