Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 39

Amashurwe Anaga ku Nkoni

Amashurwe Anaga ku Nkoni

RABA ayo mashurwe n’ivyo vyamwa bihiye vyamye kuri iyo nkoni ya Aroni. Vyamye mw ijoro rimwe! Reka turabe icatumye binaga.

Abisirayeli bari bamaze imisi bayerera mu bugaragwa. Hari bamwe batemera ko Musa ari we ndongozi, canke ko Aroni ari umuherezi mukuru. Kora, Datani, Abiramu n’abandi bakuru 250, uko ni ko biyumvira. Bose baja kwa Musa bamubwira bati: ‘Ni kuki wewe wishira hejuru yacu?’

Musa ababwira ati: ‘Ejo muze muzindukane ivyotezo biriko ububani kw ihema ya Yehova, tuze turabe uwo Yehova azotora uwo ari we.’

Bukeye, Kora n’abantu biwe 250 barashika kw ihema ya Yehova, n’abantu benshi nyene baraza kubafasha kuvuga. Yehova arashavura cane. Musa avuga ati: ‘Ni muve hambavu y’amahema y’aba bantu babi, ntimukore ku kintu cabo na kimwe.’ Abantu baca bava imbere y’amahema ya Kora, Datani na Abiramu.’ Musa avuga ati: ‘Iki ni co mumenyerako uwo Yehova yatoye uwo ari we. Isi iza kwasama, imire aba bantu babi.’

Agiheza kuvuga, isi irasama. Ihema ya Kora n’ivyiwe vyose hamwe na Abiramu n’abari kumwe na bo baranyika, ica irirumya. Abantu bumvise induru z’abariko baranyika, bati: ‘Hunga! Hunga! Isi ntitumire natwe!’

Kora n’abantu biwe 250 bari bakiri imbere y’ihema ya Yehova. Yehova atuma umuriro, urabaturira bose. Yehova abarira Eleyazari umuhungu wa Aroni, ngo n’atore ivyotezo vy’abapfuye, abikoremwo igipfukisho c’uruhimbi, kibere Abisirayeli icibutso ko ata wundi muntu kiretse Aroni n’abahungu biwe ashobora kuba umuherezi wa Yehova.

Kugira ngo Yehova agaragaze ko Aroni n’abahungu biwe ari bo baherezi gusa, abwira Musa ati: ‘Barira umukuru umwe umwe mu miryango yose y’Abisirayeli azane inkoni. Mu muryango wa Lewi, Aroni abe ari we azana inkoni; uheze uzijane mw ihema ya Yehova, imbere y’isandugu y’isezerano. Inkoni y’uwo natoye ngo abe umuherezi iza kunaga amashurwe.’

Bukeye Musa aja kuraba, eee! Iya Aroni iriko amashurwe n’ivyamwa bihiye! Urumvise igituma inkoni ya Aroni yanaze amashurwe?