Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 44

Rahabu Ahisha Abatasi

Rahabu Ahisha Abatasi

ABO bagabo ubona bari mu kaga. Ni batahunga baraza kwicwa. Ni abatasi b’abisirayeli. Uyo mugore ariko abafasha na we ni Rahabu, aba mu nzu ifatanye n’urugo rw’igisagara c’i Yeriko. Reka turabe igituma bari mu kaga.

Abisirayeli bari hafi yo kujabuka ngo binjire i Kanani. Imbere yo kujabuka, Yosuwa abanza gutuma abatasi babiri, ababwira ati: ‘Genda murabe igihugu, hamwe n’igisagara Yeriko.’

Bashitse i Yeriko baja kwa Rahabu. Umuntu aja kubwira umwami w’i Yeriko ati: ‘Ejo abisirayeli baraje gutata igihugu cacu.’ Umwami avyumvise atuma abantu kwa Rahabu. Bashitseyo bamubwira bati: ‘Abo bantu bari mu nzu basohore!’ Rahabu yari yabahishije mw idari, aca abishura ati: ‘Hari abantu baje ngaha, ariko sinamenye iyo bavuye. Bagiye bumaze kugoroba batarugara amarembo y’igisagara. Mwihuse mwobafata!’ Baca baragenda kubahiga.

Bahavuye, Rahabu yurira n’ingoga mw idari, ati ‘ndazi ko Yehova azobaha iki gihugu. Twarumvise ingene yumishije Ikiyaga Gitukura igihe mwava i Misiri, n’ingene mwishe umwami Sihoni na Ogi. Ko ndabagiriye ubuntu, namwe rero ni mundahire ko muzobungirira, mukize data na mama n’abo tuvukana bose.’

Nya batasi bamubwira ko ari uko bazogira, ariko abanje kugira ikintu kimwe. Bati ‘fata uyu mugozi utukura uwuzirike mw idirisha, hanyuma ukoranirize umuryango wawe wose mu nzu yawe. Ni twaza gutera Yeriko tuzowubona mw idirisha, iwawe nta n’umwe tuzokwica.’ Nya batasi bashitse kwa Yosuwa, bamwiganira ivyabaye vyose.