Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 50

Abagore Babiri Badatinya

Abagore Babiri Badatinya

IGIHE Abisirayeli bashikirwa n’amarushwa bambaza Yehova. Mu kubishura yabaha indongozi idatinya kugira ngo ibafashe. Izo ndongozi Bibiliya izita abacamanza. Yosuwa yari uwa mbere. Bamwe bamwe mu bamukurikiye na bo ni Otiniyeli, Ehudi na Shamugari. Babiri mu bafashije Abisirayeli bari abagore, na bo ni Debora na Yayeli.

Debora yari umumenyesha kazoza. Yehova yaramumenyesha ivya kazoza, na we akabimenyesha abantu. Kandi yari umucamanza. Yama yicara musi y’ikigazi ku murambi, Abisirayeli bakaza iwe akabafasha mu bibagoye.

Ico gihe Yabini yari umwami w’i Kanani. Yari afise imikogote y’indwano 900. Abasoda biwe bari bakomeye cane, mbere Abisirayeli benshi bari bamaze gufatwa baba abashumba biwe. Intwazangabo y’uwo mwami yitwa Sisera.

Umusi umwe, Debora atumako umucamanza Baraki amubwira ati: ‘Yehova yavuze ngo “Fata abantu 10 000 ubajane ku musozi Tabora, nzobazanira Sisera n’ingabo ziwe mubatsinde.” ’

Baraki abwira Debora ati: ‘Ndagenda ni waza tukajana.’ Debora aramuherekeza, ariko amubwira ati: ‘Ni bamara gutsinda ntuza gushemezwa, kubera ko ku bwa Yehova, Sisera aza kwicwa n’umugore.’ Uko ni ko vyabaye.

Baraki amanuka umusozi Tabora kugira ngo arwane n’abasoda ba Sisera. Buno nyene Yehova atuma amazi menshi, yica abasoda b’abansi batari bake. Sisera arasimba, ava mu mukogote wiwe ariruka.

Haheze akanya ashika i muhira kwa Yayeli, na we amwinjiza mu nzu amuha amata. Ayanyoye arasinzira rwose ntiyikoma. Yayeli afata urumambo rw’ihema, arukomera mu musaya w’uyo muntu mubi. Baraki ahashitse, amwereka ikiziga ca Sisera. Vyabaye nk’uko Debora yari yabivuze.

Munyuma n’umwami Yabini baramwica, Abisirayeli bamara imisi bari mu mahoro.