Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 58

Dawidi na Goliyati

Dawidi na Goliyati

ABAFILISITI bagaruka gutera Abisirayeli. Bakuru ba Dawidi batatu bari mu ngabo za Sauli. Umusi umwe Yese abwira Dawidi ati: ‘Fata ubu buheke n’iyi mikate ubishire bakuru bawe, urabe n’uko bamerewe.’

Dawidi ashitse mw ikambi, aca arirukanga aja kurāba bakuru biwe mu rugamba. Goliyati ikigabo c’igifilisiti kīza gucokōra Abisirayeli. Cari kimaze imisi 40 kiza kubatuka mu gitondo no ku mugoroba. Kirasemerera giti: ‘Tora umugabo umwe muri mwebwe aze turwane. Ni yanyica, tube abaja banyu. Ni namwica na ho, mube abaja bacu. Hari umugabo ari muri mwebwe?’

Dawidi abaza ati: ‘Uwokwica uwo mufilisiti agatēturura Abisirayeli yohabwa iki?’

Bati ‘Sauli yomuha itunga ryinshi, kandi yomuha n’umukobwa wiwe ngo amwabīre.’

Abisirayeli bose baratinya Goliyati kubera ko yari munini cane, kandi mu burebure yari yegereje imetero 3. Yari afise uwundi musoda amutwarira inkinzo.

Bamwe mu ngabo z’umwami Sauli baja kumubwira ko Dawidi ashaka kurwana na Goliyati. Sauli ati: ‘Wewe ntushobora kurwana n’urya mufilisiti uracari umwana, na we yarwanye kuva kera.’ Dawidi ati: ‘Nishe idubu n’intambwe vyari vyatwaye intama za dawe, n’urya mufilisiti nza kumugira nk’ivyo bikōko. Yehova araza kumfasha.’ Sauli ati: ‘Genda, Yehova agumane nawe.’

Dawidi amanukana umwonga, atora amabuye atanu yiburungushuye ayashira mu mufuko. Afata itopito aja iyo nya kigatanya kiri. Kimubonye kiramukengera, cibaza ko vyoroshe rwose kumwica.

Giti ‘ingo ndakubagire ibisiga.’ Dawidi ati: ‘Uje witwaje inkota n’icumu, ariko jeho nitwaje izina rya Yehova. Uno musi Yehova arakumpa ndakuryamike hasi.’

Dawidi aca ariruka aja iyo Goliyati ari, azingira ibuye mw itopito ararivundereza rwose ryinega mu mutwe, Goliyati aragwa, arapfa! Abafilisiti babonye ko kizigenza wabo apfuye bariruka. Abisirayeli baboma amaguru munyuma barabanesha.