Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 60

Abigayili na Dawidi

Abigayili na Dawidi

URAZI uyo mugore w’indanga aje gusanganira Dawidi uwo ari we? Yitwa Abigayili. Arakerebutse; yaramubujije gukora nabi. Imbere y’uko tuvyiga, tubanze turabe ivyagiye birashikira Dawidi.

Dawidi amaze guhunga Sauli, aja kwihisha mw isenga, benewabo hamwe n’abandi bantu bo mu muryango wiwe bamusangayo, aba indongozi y’abantu bashika 400. Aja ku mwami w’i Mowabu amubwira ati: ‘Ndagusavye ngo data na mama bāze babe iwawe gushika mbonye ibizombako ivyo ari vyo.’ Munyuma Dawidi n’abantu biwe baja kwihisha mu misozi.

Munyuma ni ho Dawidi yabonana na Abigayili. Nabali umugabo wa Abigayili yari afise imirima myinshi, intama 3 000 n’impene 1 000. Nabali yarīmana, ariko yari afise umugore w’indanga kandi akora ivyiza. Umusi umwe yarakijije abiwe. Reka turabe uko vyagenze.

Dawidi n’abantu biwe bari bāzigamye intama za Nabali. Umusi umwe Dawidi atuma abantu gusaba imfungurwa kwa Nabali. Baragenda basanga Nabali n’abamufasha bariko bamwa ubwoya bw’intama. Wari umusi mukuru, hari ivyokurya vyinshi biryoshe. Bamubwira bati: ‘Twarakugiriye neza nta ntama yawe n’imwe twivye, ahubwo twarafashije kuziragira. Turagusavye rero uduhe ivyokurya bikeyi.’

Nabali ati: ‘Abantu nka mwebwe sinshobora kubaha ivyokurya vyanje.’ Avuga nabi cane, na Dawidi nyene aramutuka. Baragaruka babibwira Dawidi, na we arashavura cane. Abwira abantu biwe ati: ‘Ni mufate inkota!’ Baragenda baja kwica Nabali n’abiwe.

Umwe mu bantu ba Nabali yari yumvise amajambo mabi Nabali yavuze, abimenyesha Abigayili. Ubwo nyene Abigayili arondera ivyokurya, abiremeka indogoba ziwe aragenda. Ahwanye na Dawidi, yururuka indogoba arunama ati: ‘Muhanyi, umugabo wanje ntumwiteho ni ikijuju, kandi akora ivy’ubujuju. Ngiri ishikanwa ndabazaniye mutubabarire.’

Dawidi ati: ‘Uri umugore akerebutse. Urangaruye ngo sinice Nabali, ndamuhe ingero y’ububi bwiwe. Genda amahoro.’ Nabali amaze gupfa, Abigayili aca aba uwundi mugore wa Dawidi.