Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 61

Dawidi Agirwa Umwami

Dawidi Agirwa Umwami

SAULI asubīra kugerageza gufata Dawidi. Akoranya abasoda b’intwari 3 000 aja kumuhīga. Dawidi avyumvise, atuma abantu baja kurāba aho ba Sauli baja kurāra. Aca abaza ati: ‘Ni nde aza kumperekeza kw ikambi ya Sauli?’

Abishayi ati: ‘Ni jewe.’ Abishayi yavyarwa na Zeruya mushiki wa Dawidi. Sauli n’abiwe basinziriye, Dawidi na Abishayi barasohoka binjira mw ikambi, batwara icumu n’umukuza w’amazi vyari hambavu y’umutwe wa Sauli. Ba Sauli bari basinziriye cane nta n’umwe yababonye.

Raba Dawidi na Abishayi bamaze gushika kure, bari hejuru ku musozi. Dawidi arasemerera abwira Abuneri umukuru w’ingabo za Sauli ati: ‘Ni kuki udacunga umukuru wanyu? Icumu ryiwe n’umukuza w’amazi biri he?’

Sauli aravyuka, yumva ijwi ni irya Dawidi, ati: ‘Ni wewe Dawidi?’ Raba Sauli na Abuneri bari ngaho hepfo.

Dawidi ati: ‘Ego mwami wanje. Ushaka kumfatira iki? Ni ikibi ikihe nakugiriye? Icumu ryawe ngiri, tuma umuntu aze kuritora.’

Sauli aremera ati: ‘Nagize nabi, nakoresheje ubujuju.’ Dawidi aca arigira, Sauli na we asubira i muhira. Dawidi arivuganya ati: ‘Umusi umwe Sauli azonyica, reka mpungire mu Bafilisiti.’ Aca arahunga, ashika ahenda Abafilisiti bagira ngo arabashigikiye.

Hashize imisi, Abafilisiti baja gutera Abisirayeli, bica Sauli na Yonatani. Dawidi arababara cane, aca yandika ururirimbo ruryoshe ati: ‘Urambabaje Yonatani mwenewacu. Ese ukuntu nagukunda!’

Ivyo biheze Dawidi asubira mu Bisirayeli, mu gisagara c’i Heburoni. Haba indwano hagati y’abashaka ko Ishibosheti umuhungu wa Sauli aba umwami, n’abashaka Dawidi. Abatoye Dawidi barateba baratsinda. Dawidi yabaye umwami amaze imyaka 30. Yamaze imyaka indwi n’igice atwara i Heburoni. Abana yahavyariye ni Amunoni, Abusalomu na Adoniya.

Igihe kirashika aho Dawidi n’abantu biwe badūga gufata igisagara ciza citwa Yeruzalemu. Yowabu uwundi mwana wa Zeruya mushiki wa Dawidi arabarongōra. Dawidi aramuhēra, amugira umukuru w’ingabo ziwe. Dawidi atangura kuganza i Yeruzalemu.