Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 67

Yehoshafati Yizera Yehova

Yehoshafati Yizera Yehova

ABO BANTU urazi abo ari bo, kandi urazi ico bariko barakora? Bariko baja mu ndwano, abo bari imbere bariko bararirimba. Hari aho wobaza uti: ‘Ni kuki abo baririmvyi batagira inkota n’amacumu vyo kurwanisha?’ Ni vyo tugira turabe.

Yehoshafati yari umwami w’imiryango ibiri y’Abisirayeli. Yatwara igihe Ahabu na Yezebeli bāgaba imiryango 10 mu burarūko. Yari umwami mwiza, eka na Asa se wiwe ntiyari mubi namba. Imiryango ibiri rero yari mu bumanuko, yamaze imyaka myinshi imerewe neza.

Munyuma haba ikintu giteye ubwoba. Haza abantu babwira Yehoshafati bati: ‘Ingabo nyinshi z’i Mowabu, i Amoni no mu misozi ziraguteye.’ Ishengero ry’Abisirayeli rikoranira i Yeruzalemu gusaba imfashanyo kwa Yehova. Yehoshafati arasenga ati: ‘Ewe Mana yacu Yehova, ntituzi uko tubigira, turatewe dufashe.’

Yehova arumva, ategeka umusavyi wiwe umwe ngo abwire abantu ati: ‘Urugamba si urwanyu ni urw’Imana. Mwebwe ntimuza kurwana. Muraza kubona ingene Yehova aza kubatabara.’

Bukeye, Yehoshafati abwira abantu ati: ‘Ni mwizigire Yehova!’ Ashira abaririmvyi imbere y’ingabo ziwe, bagenda barashemeza Yehova. Urazi ivyabaye bageze hafi y’indwano? Yehova atuma abasoda b’abansi barwana bo nyene, Abisirayeli bashitse basanga bose bapfuye!

Yehoshafati ntiyerekanye ubukerebutsi mu kwizigira Yehova? Natwe nyene tumwizigiye, twoba twerekanye ko dukerebutse.