Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 69

Akigeme Gafasha Umukuru

Akigeme Gafasha Umukuru

URAZI ivyo ako kigeme kariko karavuga? Kariko kabwira uwo mupfasoni ivy’umumenyesha kazoza Elisa yakoze afashijwe na Yehova. Uwo mupfasoni ntazi Yehova, kubera ko atari umwisirayeli. Reka turabe ingene kashitse i muhira iwe.

Uwo mupfasoni yari umusiriya, umugabo wiwe yītwa Nāmāni, yari umukuru w’abasoda b’Abasiriya. Abasiriya bari bagafashe mu Bisirayeli, bakazanira uwo mugore wa Nāmāni ngo kamukorere.

Nāmāni yari n’indwara mbi bita imibembe. Ishobora gutuma inyama z’umuntu zikoroka. Ako kigeme gati: ‘Nyakwubahwa yoja ku mumenyesha kazoza wa Yehova mu Bisirayeli yokira.’ Munyuma, uwo mupfasoni abwira umugabo wiwe ivyo kāvuze.

Nāmāni yashaka rwose gukizwa, aca aremera kujayo. Ashitseyo aja kwa Elisa. Elisa atuma umusuku wiwe ngo amubwire aje kwiyoga mu ruzi Yorodani incuro indwi. Nāmāni arashavura cane ati: ‘Inzūzi z’i wacu ni nziza kurusha inzūzi zose zo mu Bisirayeli.’ Aca arigīra.

Umusuku wiwe umwe ati: ‘Muhanyi, iyo Elisa akubwira ikintu kiruhisha wari kugikora. None ni kuki utokwiyoga nk’uko yabivuze?’ Namani aravyemera, aragenda yibira muri Yorodani incuro indwi, umubiri wiwe uca urakomera kandi uranonoka!

Aranezerwa cane, asubira kwa Elisa ati: ‘Ubu ndabonye ko Imana y’Abisirayeli ari yo Mana y’ukuri kw isi yose; akīra rero iri shikanwa ndakuzaniye.’ Elisa ati: ‘Oya ntaryo ntwara.’ Yari kuba agize nabi, kubera ko ari Yehova yakijije Nāmāni. Ariko Gehazi umusuku wa Elisa yumva ararishatse.

Nāmāni amaze kugenda yiruka inyuma yiwe ati: ‘Elisa antumye ngo umuhe kuri rya shikanwa, kubera ko aronse abashitsi.’ Cari ikinyoma, ariko Nāmāni ntavyo yari azi. Aca aramugabaniriza aramuha.

Gehazi agarutse, Elisa aramenya ivyo yakoze. Yehova yari yabimubariye. Ati ‘kubera ko ugize ivyo, imibembe ya Nāmāni n’igusubireko. Buno nyene bica biraba!

Ivyo vyose bitwigisha iki? Tube nk’ako kigeme, tuganīre ivya Yehova, vyogira akamaro kanini. Ntitugire amanyama nk’uko Nāmāni yabanje kuyagira, ariko twame twumvira abasavyi b’Imana. Ntitubeshe nka Gehazi. Dusomye Bibiliya, ntitwomenya ibintu vyinshi none?