Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 70

Yona n’Urufi Runini

Yona n’Urufi Runini

RABA uyo muntu ari mu mazi. Ari mu kaga kanini, si ko? Iyo fi igira imumire! Urazi uwo ari we? Yitwa Yona. Reka turabe ingene yaguye mu kaga kangana gutyo.

Yona yari umumenyesha kazoza wa Yehova. Hashize imisi mike Elisa apfuye, Yehova abwira Yona ati: ‘Genda mu gisagara c’i Ninewe, ubabwire ko ububi bwabo bwongerekanye.’

Yona ntiyashaka kujayo, aca yurira imeri aja ahandi hantu. Yehova ntiyashimye ko atoroka, atuma umuyaga mwinshi ushaka kwibiza nya meri. Abari muri yo baratinya cane, batangura kwambaza imana zabo ngo zibafashe.

Munyuma Yona ati: ‘Jewe nsenga Yehova, Imana yaremye ijuru n’isi. Ndiko ndahunga ngo sinkore ivyo yantumye.’ Na bo bati: ‘Tukugirire iki none kugira ngo umuyaga uturure?’

Ati ‘ni munte mu mazi, ibahari ica iturura.’ Baranka kumutayo. Ariko babonye umuyaga wongerekanye, baruhira kumutayo. Buno nyene umuyaga uracureha, ibahari iraturura.

Yona akiriko aramanuka, arufi runini ruramumira, ariko ntiyapfuye. Yamaze imisi itatu n’amajoro atatu ari mu nda y’urwo rufi. Arababara cane kubera ko atumviye Imana ngo aje i Ninewe. Urazi ico yagize none?

Yasavye Imana ngo imufashe, Yehova aca abwira iyo fi, imuruka ku nkombe y’ibahari. Ivyo ntibitwigisha ko ari vyiza gukora ivyo Yehova atubwira vyose?

Igitabu ca Bibiliya citwa Yona.