Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 75

Abahungu Bane i Babiloni

Abahungu Bane i Babiloni

UMWAMI Nebukadinezari afata abisirayeli b’incabwenge abatwara i Babiloni, hanyuma atora imisore myiza myiza kandi ikerebutse. Bane muri yo ni aba ubona ngaha: Daniyeli n’abo batatu bītiwe i Babiloni ngo ni Shadaraki, Meshaki na Abedinego.

Yashaka kubigisha kugira ngo baze bakore ibwami. Imyaka itatu iheze bariko biga, yotoye abafise ubwenge cane, bakamufasha gutunganya ingorane. Yashaka ko bakomera kandi bakavyibuha, aca ategeka ko bagaburirwa ku vyokurya vy’ibwami muri ico gihe c’ukwiga.

Rāba Daniyeli ngaha. Urazi ivyo ariko arabwira Ashipenazi umusuku mukuru wa Nebukadinezari? Ariko amubwira ko adashaka kurya ivyokurya bivuye ku meza y’umwami. Ashipenazi ahagarika umutima, ati: ‘Umwami ni we yagenye ivyo mukwiye kurya no kunywa, none ni yabona mutavyibushe nk’abandi ntazonyica?’

Daniyeli aca aja ku mugapita Ashipenazi yari yabahaye ati: ‘Ndagusavye utugerageze mu misi 10, uduhe imboga n’amazi yo kunywa, hanyuma utugereranye n’abarya ku vyokurya vy’umwami, urabe abazoba basa neza abo ari bo.’

Nya mugapita aravyemera. Ya misi 10 iheze, asanga Daniyeli na bagenzi biwe baravyibushe kurusha abandi bose, aca arareka barabandanya kurya imboga mu gishingo c’ibiva ibwami.

Imyaka itatu iheze, ya misore yose ijanwa kwa Nebukadinezari. Abaganirije bose, asanga Daniyeli na bagenzi biwe barakerebutse cane. Aca arabagumya kugira ngo bakorere ibwami. Aho hose umwami yabaza Shadaraki, Meshaki na Abedinego ibibazo bigumye, bāravyishura kurusha abanyabwenge biwe bose incuro 10.