Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGICE CA 5

Kuva ku Gihe c’Ubuja i Babiloni Gushika kw Iyubakwa ry’Urugo rw’i Yeruzalemu

Kuva ku Gihe c’Ubuja i Babiloni Gushika kw Iyubakwa ry’Urugo rw’i Yeruzalemu

Igihe bari i Babiloni mu buja, ukwizera kwabo kwarageragejwe muri vyinshi. Shadaraki, Meshaki na Abedinego batawe mw itanure rihinda umuriro, ariko Imana ibakurayo bakanura. Babiloni hamaze gufatwa n’Abamedi hamwe n’Abaperesi, Daniyeli atabwa mu cobo c’intambwe, ariko na we nyene Imana iramukingira yugara iminwa y’izo ntambwe.

Munyuma, Kuro umwami w’i Buperesi abohora Abisirayeli basubira iwabo, hashize imyaka 70 kuva bafashwe bakajanwa mu buja i Babiloni. Mu vyo bātanguriyeko gukora bagarutse i Yeruzalemu, urusengero rwa Yehova ni rwo rwubatswe ubwa mbere. Abansi baca barababuza, ni co gituma bārwujuje haheze imyaka 22 kuva bagarutse i Yeruzalemu.

Munyuma turaza kwumva ingene Ezira yagiye i Yeruzalemu kugira ngo asharize nya rusengero. Rwari rumaze imyaka 47 rwubatswe. Munyuma y’aho hahera imyaka 13, Nehemiya yubakisha urugo rw’i Yeruzalemu rwari rwarasenyuwe. Igice ca GATANU cigana ivyabaye mu myaka 152 gushika ico gihe.