Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 77

Baranse Kwunama

Baranse Kwunama

URIBUKA ko umaze kwumva ivy’iyi misore itatu? Ni ba bagenzi ba Daniyeli bānka kurya ivyo babona ko bitameze neza. Abanyababiloni bābīta Shadaraki, Meshaki na Abedinego. Barābe ubu na ho. Ni kuki batunamira urwo rushusho nk’abo bandi bose? Reka tubirabe.

Uribuka amategeko Yehova we nyene yiyandikiye yitwa Amabwirizwa Cumi? Irya mbere ngiri: ‘Utegerezwa kudasenga iyindi mana n’imwe kiretse jewe.’ Iyo misore iri ngaha yubashe iryo tegeko n’aho bitoroshe.

Nebukadinezari umwami w’i Babiloni, yari yatumyeko abantu bakuru bakuru ngo baze gusenga ico gishusho yari yashinze. Yari ahejeje kubabwira ati: ‘Mwumvise inzamba, inanga n’ibindi biriko bivuzwa, muce mwikubita hasi musenge. Uwuza kwanka wese aca atabwa mw itanure rihinda umuriro.’

Wa mwami amenye ko Shadaraki, Meshaki na Abedinego banse kucunamira, arashavura cane. Arabahamagaza, abaha uwundi mwanya wo kucunamira. Ariko bo bishimira Yehova bati: ‘Imana yacu dusenga irashobora kuturokora. N’aho itoturokora, ico gishushanyo cawe ntaco dusenga.’

Umwami avyumvise arashavura cane. Hāriho itanure, aca ategeka ati: ‘Ni muricanīre kurusha uko vyahora incuro indwi!’ Ategeka abagabo bakomeye cane ngo babohe Shadaraki, Meshaki na Abedinego, babaterereyo. Ryarimwo umuriro mwinshi, bano babatereyeyo bicwa n’imbeya zawo. Ya misore itatu bawutayemwo yo bite?

Umwami aravye mw itanure, aratinya cane, ati ‘ntitwaboshe abantu batatu tukabata mw itanure rihinda umuriro?’

Abasuku biwe bati: ‘Egome.’

Ati ‘none ko mbona abantu bane bataboshwe bariko bagendagenda mu muriro ntihagire ico ubagira. Kandi uwa kane asa n’imana.’ Arēgēra ku muryango w’itanure, ati Shadaraki! Meshaki! Abedinego! mwa basavyi b’Imana Isumba Vyose, sohoka ngwino!’

Basohotse, bose babona ntaco babaye. Umwami ati: ‘Imana ya Shadaraki, Meshaki na Abedinego n’ishimagizwe! Yatumye umumarayika wayo arabarokora kubera ko banse gusenga iyindi mana itari Imana yabo.’

Ako si akarorero keza k’ukudahemukira Yehova dukwiye gukurikira?