Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 78

Indome Zandikwa ku Ruhome

Indome Zandikwa ku Ruhome

NI IBIKI bibaye ngaha? Hāri ku musi mukuru; umwami w’i Babiloni yari yātumiye abantu bakuru bakuru. Bāriko banywesha ibikombe vy’inzahabu n’ivy’ifeza, hamwe n’inzavya bānyaze mu rusengero rwa Yehova i Yeruzalemu. Baza babona ukuboko gusokorotse mu kirere kwandika ku ruhome. Bahindira agashitsi icarimwe.

Belishaza umwuzukuru wa Nebukadinezari ni we yari umwami ico gihe. Arataka ngo bahamagare abanyabwenge. Ati ‘uwuza gusoma zirya ndome akambwira n’insobanuro yazo, arahabwa impera nini, ateko abe umukuru agira gatatu mu ntwaro.’ Nta n’umwe muri bo yashoboye kuzisoma no kuzisobanura.

Nyina w’umwami yumva urwamo, yinjira mu ngoro bāriko bariramwo, ati ‘shira umutima mu nda. Mu gihugu cawe hariho umuntu azi imana zitagira agahonzi. Sogokuru Nebukadinezari akiriho, yamugize umukuru w’abanyabwenge bose. Yitwa Daniyeli. Mutumeko, araza kugusobanurira vyose.’

Buno nyene Daniyeli arinjizwa. Ahejeje kwanka impera, atangura kumubwira igituma Yehova yakuye ku ntwaro sekuru Nebukadinezari ati: ‘Yarishima, Yehova aca aramuhana.’

Abwira Belishaza ati: ‘Urazi ivyamubayeko vyose, ariko nawe nyene uguma wirata nka we. Wafashe ibikombe n’inzavya vyavuye mu rusengero rwa Yehova urabinywesha. Washimagije imana zabajwe mu biti no mu mabuye ntiwubaha Umuremyi mukuru, ni co gituma Imana yatumye ukuboko kwandika zirya ndome.

‘Ivyanditswe ngibi: ‘MENE, MENE, TEKEL NA PARSIN.’

‘MENE ni ukuvuga ngo Imana yaharūye imisi y’ubwami bwawe isanga yaheze. TEKEL ni ukuvuga ngo bagupimye ku munzane basanga ntaco umaze. PARSIN ni ukuvuga ngo ubwami bwawe bwahawe Abamedi n’Abaperesi.’

Daniyeli akiriko aravuga, Abamedi n’abaperesi baba bamaze gutera Babiloni. Barahafata, Belishaza baramwica. Ivyanditswe ku ruhome biranguka muri iryo joro nyene, Abisirayeli bo vyabagendeye gute? Turaza kuvyiga munyuma, tubanze turabe ivyashikiye Daniyeli.