Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 79

Daniyeli mu Cobo c’Intare

Daniyeli mu Cobo c’Intare

YOOO! Daniyeli asa n’uwuri mu kaga kanini, ariko intambwe ntaco zimugira! Urazi igituma? Ni nde yamutaye muri izo ntambwe zingana gutyo? Reka turābe.

Ico gihe umwami w’i Babiloni yītwa Dariyo. Yarakunda Daniyeli cane kubera ko yari mwiza kandi akaba akerebutse. Dariyo yatoye Daniyeli, amugira mukuru mu ntwaro, abandi baca bamugirira ishari. Rāba ivyo bāgize:

Bāgiye kwa Dariyo, bati ‘twagiye inama nyakwubahwa, ngo ushinge itegeko rivuga ngo mu misi 30, ntihagire umuntu asenga iyindi mana iyo ari yo yose kiretse wewe mwami. Uwuzorirenga wese, aze atabwe mu cobo c’intambwe.’ Dariyo ntiyari azi igituma abo bantu bashaka ko iryo tegeko rishingwa. We yibaza ko ari ryiza aca araryandikisha. Ntiyari agishobora kurihindura.

Daniyeli avyumvise, aja i muhira iwe arasenga nk’uko yahora abigenza. Abo bantu babi bari bazi ko adashobora kureka gusenga Yehova. Baranezerwa kubera ko imigambi yabo yo kumwica yasa n’iyishobotse.

Umwami Dariyo amaze kumenya igituma basavye ko iryo tegeko rishingwa, arababara cane kandi atagishobora kurihindura. Aca ategeka ko bamutayo. Ariko avuga ati: ‘Nizigiye ko Imana usenga iza kugukiza.’

Iryo joro Dariyo yagumye ahagaritse umutima, ntiyatoye n’itiro. Bukeye, ariruka aja kuri nya cobo. Murābe nguyo aho hejuru. Arasemerera ati: ‘Daniyeli musavyi w’Imana nzima! Imana usenga yashoboye kugukiza izo ntambwe?’

Daniyeli ati: ‘Yatumye umumarayika azugara iminwa ngo ntihagire ico zingira.’

Umwami aranezerwa cane, ategeka ko bamukurayo, bateyo ba bantu babi bashaka kumwica. Batarashikayo ziba zabasamye, zibaryana n’amagufa.

Umwami Dariyo aca yandikira abo atwara bose ati: ‘Ntegetse ko umuntu wese yubaha Imana ya Daniyeli. Ikora ibitangaza, yakuye Daniyeli mu kanwa k’intambwe.’