Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 82

Morodekayi na Esiteri

Morodekayi na Esiteri

DUSUBIRE inyuma imyaka mikeyi imbere y’uko Ezira aja i Yeruzalemu. Morodekayi na Esiteri bari abisirayeli bahambaye mu ntwaro y’abaperesi. Esiteri yari umwamikazi, muvyarawe na we yari icegera c’umwami. Reka turabe uko vyagenze.

Esiteri yabuze abavyeyi akiri muto cane, Morodekayi aca aramurera. Ahasuwerusi umwami w’i Buperesi, yari afitiye ingoro i Shushani, Morodekayi yari mu basuku b’umwami. Umusi umwe, umwamikazi Vashiti agambararira umwami, na we aca atora uwundi mugore ngo abe umwamikazi. Urazi uwo yatoye uwo ari we? Esiteri inkumi nziza.

Urabona uwo mugabo yirata abantu bariko bunamira? Ni Hamani, umuntu mukuru cane mu Buperesi. Hamani yashaka ko uwo Morodekayi ubona yicaye ngaho amwunamira na we nyene. Ariko Morodekayi aranka, yabona ko adakwiye kwunamira umuntu mubi nk’uyo. Hamani arashavura cane. Ico yagize ngiki:

Yabesheye Abisirayeli ku mwami, ngo ‘ni abantu babi ntibubaha amategeko yawe, bakwiye kwicwa.’ Ahasuwerusi ntiyari azi ko umugore wiwe Esiteri ari umwisirayeli. Yumvira Hamani, ashinga itegeko, ngo umusi umwe Abisirayeli bose bicwe.

Morodekayi avyumvise yumva biramubangamiye cane. Atuma agakuru kwa Esiteri ati: ‘Ntubure kubibwira umwami kugira ngo adukize.’ Amategeko y’i Buperesi yarabuza kuja iyo umwami ari udahamagawe. Ariko Esiteri yaragiyeyo. Umwami amutunga inkoni yiwe y’inzahabu, ni ukuvuga ko ataja kwicwa. Esiteri atumira umwami na Hamani ku mfungurwa yabateguriye. Ni ho umwami yabaza Esiteri ico ashaka cose. Yishura ko azokimusaba bukeye, we hamwe na Hamani bagarutse kandi gufungura.

Bagarutse, Esiteri abwira umwami ati: ‘Abiwacu na jewe tugiye kwicwa.’ Umwami arashavura, ati ‘ni nde yubahutse gukora ivyo?’

Esiteri ati: ‘Uwo mwansi ni uyu Hamani mubi!’

Umwami rero arashavura koko. Ategeka ko Hamani yicwa, Morodekayi aca agirwa icegera ciwe. Morodekayi aca ashinga itegeko ati: Igihe cashinzwe co kwica Abisirayeli kigeze barirwanira. Ko Morodekayi yari abaye umuntu mukuru, abantu benshi bafasha Abisirayeli, babakiza abansi babo.

Igitabu ca Bibiliya citwa Esiteri.