Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGICE CA 6

Kuva kw Ivuka rya Yezu Gushika ku Rupfu Rwiwe

Kuva kw Ivuka rya Yezu Gushika ku Rupfu Rwiwe

Umumarayika Gaburiyeli yatumwe ku mwigeme mwiza yitwa Mariya, amubwira ko azovyara umwana azoba umwami imyaka yose. Uwo mwana Yezu yavukiye mu kigangara kiraramwo inka, ni ho abungere bāmusanze. Munyuma hāza abantu bavuye mu buseruko, inyenyeri ibaja imbere ibashikana aho ari. Turaza kwumva uwatumye babona iyo nyenyeri, n’ingene Yezu yakize abashaka kumwica.

Hanyuma amaze imyaka 12, araza kuganira n’abigisha mu rusengero. Haheze imyaka 18 arabatizwa, aca atangura igikorwa Imana yamutumye gukora kw isi, co kwigisha no gukwiza hose ivy’ubwami. Yatoye abantu 12 kugira ngo bamufashe ico gikorwa, aca abagira intumwa ziwe.

Yezu yarakoze n’ibitangaro vyinshi. Yaragaburiye isinzi ry’abantu udufi tubiri gusa n’imikate mikeyi. Yarakijije abarwayi, azura n’abapfuye. Munyuma turaza kwumva ivyamushikiye mu misi yari yimirije gupfa, n’ingene bamwishe. Yigishije imyaka ishika itatu n’igice. IGICE CA 6 rero cigana ivyabaye mu myaka irenga gato 34.