Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 86

Inyenyeri Irōngōra Abantu

Inyenyeri Irōngōra Abantu

URABONA irya nyenyeri yaka cane umwe muri abo bantu atunze urutoki? Yabonetse bavuye i Yeruzalemu. Abo bantu ni abo mu buseruko, barazi gusoma inyenyeri. Bēmera ko iyo nyenyeri y’ubundi bwoko, iza kubashikana ahari umuntu mukuru.

Bashitse i Yeruzalemu, babaza bati: ‘Umwana azoba umwami w’Abayahudi ari he?’ “Abayahudi” ni bo Bisirayeli. Bati ‘twabanje kubona inyenyeri yiwe tukiri mu buseruko, none tuje kumusenga.’

Herodi umwami w’i Yeruzalemu avyumvise ahagarika umutima, kuko atāshaka ko uwundi mwami amukūra. Aca atumako abaherezi bakuru bakuru, ababaza ati: ‘Umwami yavuzwe azovukira he?’ Bati ‘Bibiliya ivuga ko ari i Betelehemu.’

Ahamagara ba bantu bo mu buseruko ababwira ati: ‘Genda murondere uyo mwana, ni mwamubona mubīmenyeshe. Nanje nshaka kuja kumusenga.’ Ariko we yashaka kumwica!

Ya nyenyeri ica ibaja imbere, ishitse i Betelehemu ihagarara hejuru y’aho nya mwana yari. Binjiye mu nzu basangayo Mariya n’umwana Yezu, bamuha amashikanwa. Yehova ababūrira mu ndoto ngo ntibasubire kwa Herodi, baca bicīra mu yindi nzira barataha.

Herodi yumvise ko bātashe arashavura cane. Aca ategeka ko abahungu bose b’i Betelehemu bamaze imyaka ibiri n’abatarayishikana bicwa. Ariko Yehova aburira Yozefu mu ndoto imbere y’igihe, aca ajana abiwe mu Misiri. Munyuma yumvise ko Herodi yapfuye, agarukana Mariya na Yezu i Muhira, aja kuba i Nazareti. Ni ho Yezu yakuriye.

Wibaza ko ari nde yākije iyo nyenyeri? Ibuka ko aho bayiboneye babanje kuja i Yeruzalemu. Shetani yashaka kwica Umwana w’Imana. Yari izi ko umwami Herodi w’i Yeruzalemu yogerageje kumwica. Shetani rero ni yo yayakije.