Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 88

Yohani Abatiza Yezu

Yohani Abatiza Yezu

RABA iyo numa iriko iragwa ku mutwe w’uyo muntu. Uyo muntu ni Yezu, amaze imyaka 30. Uyo bari kumwe na we ni Yohani. Turamaze kwiga agakuru kiwe. Uribuka igihe Mariya yaja kurāba incuti yiwe Elizabeti, hanyuma umwana yari mu nda ya Elizabeti akanezerwa agaca asimba? Uwo mwana yari Yohani. None ubu Yohani na Yezu bariko bakora iki?

Yohani ahejeje kwibiza Yezu mu Ruzi Yorodani. Uko ni ko umuntu abatizwa. Aribizwa mu mazi hanyuma akibururwa. Kubera ko ivyo ari vyo Yohani yāma agirira abantu, bamwita Yohani Umubatizi. Ni kuki none yabatije Yezu?

Ni uko Yezu yaje kubimusaba. Yohani yabatiza abashaka kwerekana ko bababajwe n’ibibi bākoze. None Yezu hari ikibi na kimwe yigeze akora comubabaje? Nta na kimwe, kubera ko yari Umwana w’Imana yavuye mw ijuru. Hari iyindi mvo rero yatumye asaba Yohani ngo amubatize. Reka tuyirābe.

Ataraza kwa Yohani yari umubaji. Umubaji ni umuntu abāza ibiti akabikoramwo amameza n’intebe. Yozefu umugabo wa Mariya yari umubaji, ni we rero yamwigishije uwo mwuga. Ariko Yehova ntiyatumye Umwana kw isi ngo abe umubaji. Hari igikorwa gihambaye yashaka ko akora, kandi hāri hageze ko agitangura. Kugira rero ngo yerekane ko yaje gukora ivyo Se agomba, asaba ko Yohani amubatiza. Imana yarabishimye none?

Egome yarabishimye, kubera ko igihe aviriye mu mazi, ijwi ryavuye mw ijuru riti: ‘Uyu ni Umwananje ampimbara.’ Ijuru na ryo risa n’iryugurutse, iyo numa imwururukirako. Iyo si inuma isanzwe, ni impwemu yera y’Imana.

Ico gihe Yezu yari aronse ibintu vyinshi yiyumvīra. Aca aja kwiherēra imisi 40. Shetani imusangayo, imugerageza gatatu kose kugira ngo arenge amategeko y’Imana, ariko aranka kuyarenga.

Ivyo biheze Yezu aragaruka, atora abigishwa biwe ba mbere. Amazina ya bamwe bamwe ni Andereya, Petero (ari we Simoni), Filipo na Natanayeli (ari we Barutolomayo). Aca ajana n’abo bigishwa biwe mu ntara y’i Galilaya. Baca i Kana kwa ba Natanayeli. Yezu aja mu bukwe, ahakorera igitangaro ciwe ca mbere. Urakizi? Yahinduye amazi umuvinyu.