Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 90

Yezu n’Umugore kw Iriba

Yezu n’Umugore kw Iriba

YEZU yaruhukiye kw iriba i Samariya, abigishwa biwe baja mu mihana kugura ibifungurwa. Uyo mugore bariko baganira yari yaje kuvoma amazi, Yezu amubwira ati: ‘Mpa amazi nywe.’

Nya mugore biramutangaza cane. Urazi igituma? Ni uko Yezu yari umuyahudi, nya mugore na we akaba umusamariya. Abayahudi benshi ntibākunda Abanyasamariya. Ntibāshaka no kubavugisha! Ariko Yezu we yakunda abantu bose. Aca avuga ati: ‘Iyo uba wari uzi uwuriko aragusaba amazi, nawe wari kumusaba akaguha ayatanga ubuzima.’

Nya mugore ati: ‘Muhanyi, iriba ni rirerire, kandi nta n’indobo ufise. Ayo mazi atanga ubuzima woyakura he?’

Yezu ati: ‘Unyoye ayava muri iri riba uzosubira kunyoterwa, ariko ayo jewe ntanga azotuma umuntu abaho imyaka yose.’

Na we ati: ‘Muhanyi, mpa kuri ayo mazi sinze nsubire kunyoterwa, nce ndeka no kuza kuvoma ngaha.’

Uyo mugore yībaza ko Yezu ariko avuga amazi asanzwe. Ariko we yavuga ukuri kwerekeye Imana n’ubwami bwayo. Uko kuri ni nk’amazi atanga ubuzima. Gushobora gutuma umuntu abaho imyaka yose.

Hanyuma Yezu ati: ‘Genda uhamagare umugabo wawe uce uza.’

Na we ati: ‘Nta mugabo mfise.’

Yezu ati: ‘Wishuye neza, kuko wigeze batanu, n’uwo mubana si uwawe.’

Nya mugore aratangara kubera ko ivyo vyose vyari ivy’ukuri. Ivyo Yezu yabimenye ate? Ni uko yari umwe abantu baraganirwa n’Imana, ni yo rero yabimumenyesheje. Abigishwa biwe baca baraza baratangara kubera ko ariko araganira n’umunyasamariya.

Ivyo vyose bitwigisha iki? Vyerekana ko Yezu akunda abantu b’amoko yose. Natwe ni ko twomera. Ntitwibaze ko abantu bamwe bamwe ari babi, kubera ko ari ab’ubwoko kanaka. Yezu ashaka ko bose bamenya ukuri kuzotuma babaho imyaka yose. Natwe nyene twoshima gufasha abantu kumenya uko kuri.