Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 92

Yezu Azura Abapfuye

Yezu Azura Abapfuye

UYU mukobwa ubona ngaha amaze imyaka 12. Yezu amufashe ukuboko, se na nyina na bo bahagaze hambavu. Urazi igituma basa n’abanezerewe cane? Reka tubirabe.

Se yari umuntu mukuru, yītwa Yayiro. Umusi umwe uwo mukobwa wiwe ararwara aja ku musego. Araremba, Yayiro n’umugore wiwe bahagarika imitima, kubera ko yasa n’uwuri hafi gupfa. Ni we mwana gusa bari bafise. Yayiro aja guhamagara Yezu, yari yumvise ibitangaro akora.

Yayiro amusanga mw ishengero, aramenēra ashika yikubita imbere yiwe ati: ‘Umukobwa wanje araremvye cane, ndagusavye ngo uze umukize.’ Yezu na we ati ndaje.

Bagiye, abantu barasitana ngo bamwegēre. Buno nyene Yezu arahagarara ati: ‘Ni nde ankozeko?’ Yūmvise inguvu zimuvuyemwo aca aramenya ko hari uwumukozeko. Yari nde none? Yari umugore amaze imyaka 12 arwaye, yaje akora ku mpuzu za Yezu aca arakira!

Ivyo vyaciye bihumuriza Yayiro, kuko yabonye ukuntu Yezu bitamugora gukiza umuntu. Intumwa ica irashika iti: ‘Ntumugorere ubusa, umukobwa wawe yamaze gucikana.’ Yezu aravyumva, abwira Yayiro ati: ‘Shira umutima mu nda arakira.’

Bashitse kwa Yayiro, basanga bariko bararira baboroga. Yezu ati: ‘Nimureke kurira, umwana ntiyapfuye arasinziriye.’ Baramutwenga kuko bazi ko yapfuye.

Yinjirana n’abavyeyi b’umwana hamwe na batatu mu ntumwa ziwe. Ashitse aho ari amufata ukuboko, ati ‘vyuka!’ Aca aba muzima nk’uko ubibona ngaha. Arahaguruka aragendagenda! Ni co gituma se na nyina banezerewe cane.

Uwo si we yari uwa mbere mu bo Yezu yazuye. Uwa mbere Bibiliya yigana, ni umuhungu w’umupfakazi yaba i Nayini. Munyuma azura kandi Lazaro musaza wa Mariya na Marita. Igihe azoba ari umwami yatowe n’Imana, azozura abantu benshi cane. Ivyo ntibidushimishije none?