Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 93

Yezu Agaburira Ishengero

Yezu Agaburira Ishengero

IKINTU kibi cāri gihejeje kuba. Yohani Umubatizi bāri bāmwishe. Herodiya umugore w’umwami ntiyamukunda, aca yosha umwami ngo amuce umutwe.

Yezu avyumvise arababara cane. Aja kwiherēra, abantu baramukurikira. Ababonye bamutera ikigongwe, aca abasigurira ivy’ubwami bw’Imana, atako akiza n’abarwaye.

Kuri ako kagoroba abigishwa biwe baramwegēra bati: ‘Buragorovye, aha na ho ni mu gahinga. Rungika abantu baje kwironderera aho bogura utwokurya mu mihana iri hafi.’

Na we ati: ‘Si ngombwa ngo bajeyo, ni mubagaburire mwebwe nyene.’ Abaza Filipo ati: ‘Ni he twogurira ivyokurya bihagije aba bantu bose?’

Filipo ati: ‘Ivyogaburirwa aba bantu umwe umwe akaronka na dukeyi vyogurwa amahera menshi cane. Andereya na ati: ‘Uyu mwana adutwarira ivyokurya afise imikate itanu n’udufi tubiri, ariko ivyo ntivyokwira aba bantu bose.’

Yezu ati: ‘Babwire bicare ku bwatsi.’ Aca ashimira Imana, atangura kubimanyagura, abigishwa biwe babigaburira abantu bose. Abagabo bari 5 000, abagore n’abana na bo bari benshi cane. Bararya barahaga. Abigishwa bakoranije ibisigaye buzuza ibiseke 12!

Hanyuma Yezu abwira abigishwa biwe ngo binjire mu bwato, bajabuke ikiyaga c’i Galilaya. Mw ijoro haza umuyaga mwinshi cane, ibisebuzi (imipfunda) biterera irya n’ino baratinya cane. Mu gicugu hagati, babona umuntu ariko aza iyo bari agendera ku mazi. Baca bavuza induru, kuko batazi ico kintu ico ari co.

Yezu ati: ‘Ntimutinye ni jewe!’ Ariko ntibavyemera. Petero ati: ‘Muhanyi, niba ari wewe koko, mbwira nanje nze iyo ngendere ku mazi.’ Na we ati: ‘Ngwino!’ Petero ava mu bwato agendagenda ku mazi! Agira ubwoba atangura kwibira, ariko Yezu aramukiza.

Munyuma Yezu agaburira kandi ishengero ry’abantu, akoresheje imikate indwi n’udufi dukeyi. Bararya barahaga kandi. Uburyo Yezu yagaburira abantu ntibutangaje? Igihe azoba atwara mu bwami bw’Imana, nta kintu na kimwe tuzobura!