Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 96

Yezu Akiza Abarwayi

Yezu Akiza Abarwayi

YEZU yava aha aja harya agenda arakiza abarwaye. Inkuru y’ibitangaro vyiwe ikwira hose, mu mihana no mu bisagara. Bamuzanira ibimuga, abatumva n’abandi barwayi benshi, arabakiza bose.

Imyaka itatu yari imaze guhera kuva Yohani amubatije. Hanyuma abwira intumwa ziwe ko aca aduga i Yeruzalemu, bamwicireyo hanyuma azuke. Ariko yabanje kubandanya gukiza abarwayi.

Umusi umwe yariko yigisha kw Isabato. Isabato wari umusi wo kuruhuka ku Bayahudi. Uyo mugore ubona ngaha yari arwaye cane. Yari amaze imyaka 18 agoramye adashobora kugororoka. Yezu amurambikako ibiganza aca aragororoka, aba arakize!

Abakuru b’idini barashavura. Umwe muri bo arasemerera abwira ishengero ati: ‘Hari imisi y’akazi itandatu. Mukwiye kuza gukizwa muri iyo, ariko ntimūze ku musi w’Isabato!’

Yezu ati: ‘Mwa bantu babi mwe, umwe umwe wese muri mwebwe yozitura indogoba yiwe akayijana kunywa amazi kw Isabato. Ni kuki none uyu mugore amaze imyaka 18 arwaye atokizwa kw Isabato?’ Baca baratēterwa.

Munyuma Yezu n’intumwa ziwe baja i Yeruzalemu. Basohotse i Yeriko, impumyi zibiri zitunzwe n’ugusega zumva ko Yezu ariko arengāna, zirasemerera ziti: ‘Yezu dufashe!’

Arazihamagara ati: ‘Mushaka ko ndabagirira iki?’ Ziti ‘Muhanyi, n’uduhumūre.’ Azikora ku maso, buno nyene zica zirabona! Urazi igituma Yezu yakora ivyo bitangaza vyose? Ni uko yakunda abantu, kandi yashaka ko bamwizera. Nta gukeka rero, igihe azoba ari umwami nta muntu n’umwe azoba akirwara.