Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 99

Mu Nzu yo Hejuru

Mu Nzu yo Hejuru

HARI ku wa kane ku mugoroba inyuma y’imisi ibiri, Yezu adugana n’abigishwa biwe 12, mu nzu yagutse yo hejuru kurya ivyokurya vya Pasika. Urya ubona agiye ni Yuda Isikariyoti. Agiye kubwira abaherezi ingene bofata Yezu.

Umusi umwe imbere y’aho yari yagiye ku baherezi, ababwira ati: ‘Ndabafashije gufata Yezu mwompa iki?’ Bati ‘ibiceri 30.’ Ubu agiye kubatora kugira ngo abereke aho Yezu ari. Ivyo si bibi none?

Ivyokurya vya Pasika biheze, Yezu atangura izindi mfungurwa z’imbonekarimwe. Afata umukate awuha intumwa ziwe ati: ‘Ni murye kuko uwo ari nk’umubiri wanje uzotangwa ku bwanyu.’ Hanyuma abaha igikombe c’umuvinyu, ati: ‘Ni munywe kuko ico ari nk’amaraso yanje azosēswa ku bwanyu.’ Izo Bibiliya izita ‘imfungurwa zo ku mugoroba,’ canke imfungurwa z’Umukama.’

Abisirayeli bārya Pasika bibuka igihe umumarayika w’Imana yarengana inzu zabo mu misiri, akīca imfura mu mazu y’Abanyamisiri. Ubu ho Yezu yashaka ko abigishwa biwe bamwibuka, bakibuka n’ingene yatanze ubuzima bwiwe ku bwabo. Ni co gituma yababwiye ngo bame barya izo mfungurwa uko umwaka utashe.

Bahejeje kuzirya, ababwira ngo ntibatinye, bakomere mu kwizera. Bahejeje baririmbira Imana, baca baragenda. Hāri mw ijoro rinini, ngira ngo mu gicugu. Reka turabe iyo bāgiye.