Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGICE CA 7

Kuva kw Izuka rya Yezu Gushika Paulo Apfungwe

Kuva kw Izuka rya Yezu Gushika Paulo Apfungwe

Ku musi ugira gatatu Yezu arazurwa. Kuri uwo musi abonekera abigishwa biwe incuro zitanu. Abandanya kubabonekera imisi 40. Munyuma yurira mw ijuru bamwe mu bigishwa biwe babona. Haheze imisi 10, Imana ishungururira impwemu yera ku bigishwa ba Yezu bāri barorereye i Yeruzalemu.

Mu nyuma abansi b’Imana bapfungisha intumwa, ariko umumarayika arazipfungūra. Abarwanya Imana batera amabuye umwigishwa Sitefano baramwica. Turumva ingene Yezu yatoye umwe muri abo bārwanya Imana aba umukozi wiwe nyawe, ni we yabaye intumwa Paulo. Imyaka itatu n’igice iheze kuva Yezu apfuye, Imana ituma intumwa Petero kwigisha abatari abayahudi: Koroneliyo n’abiwe.

Haheze imyaka nka 13, Paulo afata urugendo rwiwe rwa mbere aja kwigisha. Ku rwa kabiri ajana na Timoteyo. Turumva ingene Paulo na bagenziwe bābonye ibintu vyinshi binezereza, mu gukorera Imana. Munyuma Paulo atabwa mw ibohero i Roma, abohorwa haheze imyaka ibiri. Munyuma basubira kumufata baramwica. Izo nkuru zo mu GICE CA 7 zābaye mu myaka nka 32.