Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 102

Yezu Ni Muzima

Yezu Ni Muzima

UWO mugore n’abo bagabo urazi abo ari bo? Ni Mariya Magadalena, umwe yakunda Yezu. Abo na bo bambaye izera ni abamarayika. Aho hantu Mariya ariko ararunguruka ni aho bāri bashize ikiziga ca Yezu. Hitwa imva. Ariko nya kiziga ntikikiriyo! Ni nde yagitwaye none? Reka turābe.

Yezu amaze gupfa, abaherezi babwira Pilato ko igihe yari akiriho, yavuze ko yozutse hashize imisi itatu. Bati shira rero abarinzi ku mva, abigishwa biwe ntibaze bibe ikiziga ciwe, hanyuma bavuge ngo yazutse!’ Pilato ababwira ko batuma abasoda kurinda imva.

Mu mutwenzi ku musi ugira gatatu kuva apfuye, umumarayika wa Yehova araza, atembagaza ikibuye cari ku mva. Ba basoda baragira ubwoba barananirwa no gutambuka. Barāvye mu mva, babona ikiziga cagiye! Umwe muri bo aja kubwira abaherezi. Urazi ico abo baherezi babi bāgize? Bahēreye abo basoda, bababwira ngo ‘muvuge ko abigishwa biwe baje mw ijoro dusinziriye baragitwara.’

Muri uwo mwanya nyene, abagore bākunda Yezu baja kuraba imva, baratangara basanze igaragara! Buno nyene abamarayika bambaye ivyera barababonekera. Bati ‘ni kuki muronderera Yezu ngaha? Yazutse. Nyaragasa mubibwire abigishwa biwe.’ Bariruka n’ingoga! Bateye mu nzira, umuntu arabahagarika. Urazi uwo ari we? Yari Yezu. Ati ‘genda mubwire abigishwa banje.’

Bababwiye ko Yezu yazutse kandi ko bamubonye, bumva bisa n’ibidashoboka. Petero na Yohani bariruka baja ku mva ngo bavyibonere, basanga iragaragara! Bavuyeyo, Mariya Magadalena asigarayo, ni ho yabona abo bamarayika.

Ikiziga ciwe Imana yarakizimanganije. Ntiyamuzuye afise wa mubiri w’inyama bīca. Yamuhaye umubiri w’impwemu nk’uw’abamarayika. Ariko kugira ngo yereke abigishwa biwe ko ari muzima, yīyambika umubiri abantu bashobora kubona, nk’uko tuza kuvyumva.