Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 103

Mu Cumba Cugaye

Mu Cumba Cugaye

PETERO na Yohani bavuye ku mva aho ikiziga ca Yezu cari kiri, Mariya asigarayo wenyene atangura kurira. Arunama arunguruka nk’uko twabibonye ku gishushanyo c’imbere y’iki, abonayo abamarayika babiri! Bati ‘urizwa n’iki?’

Na we ati: ‘Umuhanyi wanje bamutwaye sinzi iyo bamushize.’ Arahindukira abona umugabo umwe, nya mugabo ati ‘urondera nde?’

Mariya yibajije ko ari umurimyi, kandi ko ari we yoba yatwaye Yezu. Ati ‘nimba ari wewe wamutwaye, mbwira iyo wamushize.’ Uwo mugabo yari Yezu yiyambitse umubiri Mariya atazi. Yezu amuhamagaye mw izina, Mariya aca aramenya ko ari Yezu. Ariruka abwira abigishwa ati: ‘Nābonye Umukama!’

Uwo musi nyene, abigishwa babiri bāriko baja i Emausi, umugabo umwe abasanga mu nzira. Bari bababajwe cane n’uko bīshe Yezu. Bariko baragenda, nya mugabo agenda arabasigurira ibintu vyinshi vya Bibiliya, birabahimbara. Bashitse batangura gufungura. Baca baramenya ko ari Yezu, aca arazimangana. Bariruka basubira i Yeruzalemu kubibwira intumwa.

Ahejeje kuzimangana, abonekera Petero na we. Abandi bavyumvise baranezerwa. Ba bigishwa babiri baca baja iyo intumwa ziri i Yeruzalemu, bazibwira ingene Yezu yababonekeye mu nzira. Bariko baravyigana, urazi igitangaza cahabaye?

Rāba aho ku gishushanyo, Yezu ababonekeye bari mu nzu n’aho umuryango wugaye. Ese ukuntu banezerewe! Uwo si umusi w’agahimbare? Ubu urashobora guharura incuro Yezu amaze kuboneka? Uharūye zitanu?

Intumwa Toma ntiyari kumwe na bo igihe Yezu yaboneka. Baramubwira bati: ‘Twabonye Umukama.’ Na we aca avuga ko azovyemera amwiboneye. Hashize imisi umunani basubira gukoranira mu nzu yugaye, na Toma yari kumwe na bo. Buno nyene arababonekera, Toma aca aravyemera.