Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 107

Sitefano Aterwa Amabuye

Sitefano Aterwa Amabuye

UYO apfukamye ngaha ni Sitefano. Ni umwigishwa wa Yezu w’umwizigirwa. Rāba ibimushikiye! Abo bagabo bariko bamutera ibibuye. Ni kuki bamwanka gushika aho bamugirira nabi gutyo? Reka tubirabe.

Imana yari yamufashije gukora ibitangaro, abo bagabo na bo ntibabishima. Baca baramuhaririza kubera ko yigisha abantu ukuri. Imana imuha ubwenge bwinshi, arerekana ko abo bagabo bigisha ibinyoma. Birabashavuza cane baca baramufata, bahamagara abantu bo kumubeshera.

Umuherezi mukuru amubaza ati: ‘Ivyo none si ivy’ukuri?’ Mu kwishura atanga ikiganiro kiryoshe, kivuye muri Bibiliya. Mu kukirangiza avuga ingene kēra abantu babi bānka abamenyeshakazoza ba Yehova. Hanyuma ati: ‘Na mwebwe nyene mumeze nka bo. Mwishe Yezu umukozi w’Imana, kandi ntimwubashe amategeko yayo.’

Birabashavuza cane baryanya insya z’amenyo. Sitefano arangamije, ati ‘rāba Yezu ahagaze iburyo bw’Imana mw ijuru!’ Baca bapfuka amatwi, bamugwako bamukwegera inyuma y’igisagara.

Bashitseyo bambura imyitwikiro yabo, bayiha umusore umwe yitwa Sauli ngo ayibazigamire. Sauli uramuzi none? Bamwe muri bo batangura kumutera amabuye. Arapfukama nk’uko ubibona, arasenga ati: ‘Yehova, ntubahanire iki kibi bakoze.’ Yari azi ko bamwe muri bo bahenzwe n’abakuru b’idini. Aca aracikāna.

Umuntu akugiriye nabi, uca ugerageza kumwihora canke gusaba Imana ngo imugirire nabi na we? Sitefano na Yezu si ko bāgize. Bārakunda n’abansi babo. Natwe tugerageze kubigana.