Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 111

Umuhungu Yasinziriye

Umuhungu Yasinziriye

YOO! Ivyo bibaye ngaha ni ibiki? Uwo muhungu arambaraye hasi hari ico yabaye? Ehe rāba Paulo ari muri abo bariko barasohoka! Timoteyo we uramubona? Uwo muhungu yakorotse ava kw idirisha?

Egome ni ho yakorotse ava. Paulo yariko arasigurira abigishwa b’i Tirowa. Yari azi ko batazosubira kubonana vuba kubera ko yazinduka yurira imeri, ni co gituma yasiguye ashikana mu gicugu.

Uwo muhungu yitwa Eyutiko yari yicaye kw idirisha, arasinzira. Ava kw igorofa ya gatatu, aca mw idirisha akorokera hasi! Ni co gituma ubona abo bantu bahagaritse imitima. Nk’uko bāvyikeka, baramuvyura basanga yapfuye!

Paulo abonye ko yamaze gupfa amurambararako aramupfumbatira, ati ‘shira imitima mu nda arabona.’ Kandi vyari vyo! Ico cari igitangaro! Paulo yari yamuzuye! Bose buzura akamwemwe.

Basubira kuduga hejuru barafungura. Paulo abandanya gusigura ashikana mu gitondo. Eyutiko ntiyasubiye gusinzira! Hanyuma Paulo na Timoteyo hamwe n’abo vyari kumwe burira imeri. Urazi iyo baciye baja?

Paulo yari ahejeje urugendo rwiwe rugira gatatu, ubu yariko asubira i muhira. Muri urwo rugendo, i Efeso yari ahamaze imyaka itatu ari wenyene. Rwari rurerure kuruta urwa kabiri.

Imeri yavuye i Tirowa ihagarara i Mileto akanya gato. Kubera ko i Efeso hatari kure, Paulo atumako abazezwashengero ngo bāze i Mileto, baganire ubwa nyuma. Hageze ko imeri igenda, barababara cane kubera ko Paulo agiye!

Munyuma nya meri ishika i Kayisariya. Paulo akiri i muhira kwa Filipo umwigishwa, umumenyesha kazoza Agabo aramubūrira, ngo ni yashika i Yeruzalemu azopfungwa. Uko ni ko vyabaye. Yamaze imyaka ibiri apfungiwe i Kayisariya, hanyuma ajanwa i Roma gusamba ku mwami Kayisari. Reka turābe ivyabaye muri urwo rugendo rw’i Roma.