Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 113

Paulo i Roma

Paulo i Roma

RABA uwo munyororo kuri Paulo, rāba n’uwo musoda w’umuroma amucunze. Apfungiwe i Roma, arindiriye ko Kayisari amucira urubanza. Igihe yari apfunzwe, abantu ntibari babujijwe kuza kumurāba.

Amaze imisi itatu i Roma, atumako abayahudi bakuru ngo baze kumurāba. Benshi baraza, atangura kubigisha ivya Yezu n’ubwami bw’Imana. Bamwe barabishima baba abakirisu, abandi na bo baravyanka.

Abasoda bāmucunga na bo nyene yarabigishije. Mu myaka ibiri yamaze abohewe aho, yarigishije uwo wese amukundiye, gushika aho abo mu ngoro kwa Kayisari bumva inkuru nziza y’ubwami, bamwe muri bo baba abakirisu.

Uwo mushitsi ariko yandikira ku meza ni nde? Womukekeranya? Egome ni Timoteyo. Na we nyene yari yāpfunzwe ahorwa kwigisha ivy’ubwami, ariko aho yari yapfunguwe. Yari yaje gufasha Paulo. Urazi ivyo ariko yandika none? Reka tubirābe.

Uribuka i Filipi n’i Efeso twize mu nkuru ya 110? Paulo ni we yakoze gushika aho amashengero y’abakirisu y’aho hantu ashingwa. Igihe rero yari mw ibohero, yandikira abo bakirisu amakete. Nya makete ari muri Bibiliya, yitwa Abanyefeso; Ab’i Filipi. Aho Paulo yariko abwira Timoteyo ivyo yandikira abakirisu bagenzi biwe b’i Filipi.

Ab’i Filipi bari bāmugiriye neza. Bari bāmurungikiye imfashanyo, yariko arabashimira. Epafurodito ni we yari yayimuzaniye, ariko yari yarwaye agera kure. Ico gihe yari yakize, yashaka gutaha. Ni we yahava atwara iryo kete rya Paulo na Timoteyo gushika i Filipi.

Igihe Paulo yari mw ibohero, yanditse ayandi makete abiri muri Bibiliya. Rimwe yaryandikiye abakirisu b’i Kolosayi. Urazi uko ryitwa? Ab’i Kolosayi. Irindi yaryandikiye umugenzi yakunda cane yitwa Filemoni, na we nyene yaba i Kolosayi. Ryavuga ivya Onesimo umusuku wa Filemoni.

Onesimo yari yatorotse kwa Filemoni aja i Roma, ahava aramenya ko ari ho Paulo apfungiwe aja kumurāba. Paulo aramwigisha aca aba umukirisu, yumva arababaye kubera ko yatorotse. Urazi none ivyo Paulo yandikiye Filemoni muri iryo kete?

Paulo yasavye Filemoni ngo ababarire Onesimo, ati ndamukurungikiye, ariko ubu si umusuku wawe gusa, ni mweneso, umukirisu mwiza.’ Onesimo asubiye i Kolosayi yagiye ajanye ayo makete abiri, rimwe ry’ab’i Kolosayi, irindi rya Filemoni. Iyumvīre ukuntu Filemoni yanezerewe, aho yumviye ko umusuku wiwe yabaye umukirisu.

Igihe Paulo yandikira ab’i Filipi na Filemoni, yababwiye agakuru keza. Yabwiye ab’i Filipi ati: ‘Ndabarungikiye Timoteyo, ariko nanje nyene nzoza kubarāba vuba.’ Filemoni na we amwandikira ati: ‘Urantegurira aho nzoshikira.’

Paulo apfunguwe yagendeye abakirisu benese bāba ahantu henshi. Munyuma asubira gupfungirwa i Roma. Ico gihe yari azi ko azokwicwa, aca yandikira Timoteyo ngo aze n’ingoga. Ati ‘nagumye ndi umwizigirwa ku Mana, na yo izompera.’ Hashize imyaka mikeyi Paulo yishwe, i Yeruzalemu harabomorwa, ico gihe habomorwa n’Abaroma.

Bibiliya irimwo vyinshi. Imana ibwira intumwa Yohani ngo yandike ibitabu vya nyuma, hamwe n’icitwa Ivyahishuriwe Yohani. Ico gitabu cigana ivya kazoza. Ubu reka turābe ibizoza ivyo ari vyo.