Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 1

«Raba! Iyi ni yo Mana yacu»

«Raba! Iyi ni yo Mana yacu»

1, 2. (a) Ni ibibazo nyabaki wokwipfuza kubaza Imana? (b) Musa yabajije iki Imana?

 WOBA ushobora kwiha ishusho mu bwenge uriko urayaga n’Imana? Kwiyumvira Segaba w’ibiriho vyose ariko arakuvugisha, ubwavyo birateye akoba! Ubanje gutinyatinya, ariko mu nyuma uragerageje kuvuga. Arakwumvirije, arakwishuye mbere anatumye wumva utitinya kubaza ikibazo cose ushaka. Muri ico gihe none womubaza iki?

2 Mu bihe vya kera, hari umuntu yashikiwe neza na neza n’ibintu nk’ivyo. Yitwa Musa. Ariko rero, ikibazo yahisemwo kubaza Imana coshobora kugutangaza. Ntiyabajije ibimwerekeye, ivyerekeye kazoza kiwe canke mbere ngo abaze ivyerekeye ingorane zisinzikaje umuryango w’abantu. Ahubwo yabajije izina ry’Imana. Ushobora kubona ko ivyo bitumvikana, kubera yuko Musa yari asanzwe azi izina ry’uruharo ry’Imana. Ikibazo ciwe gishobora rero kuba cari gifise insobanuro igera kure. Mu vy’ukuri, cari co kibazo gihambaye kuruta ibindi vyose Musa yashoboye kubaza. Inyishu kuri ico kibazo iri n’ico ivuze kuri twese. Irashobora kugufasha gutera intambwe ihambaye mu vy’ukwiyegereza Imana. Mu buryo ki? Nimuze twihweze ico kiyago kidasanzwe.

3, 4. Ni ibintu ibihe vyabaye vyatumye Musa ayaga n’Imana, kandi ikintu nyamukuru bayaze ni ikihe?

3 Musa yari afise imyaka 80. Yari yaramaze imyaka 40 mu buhungiro atari kumwe n’abo mu gisata akomokamwo, ari bo Bisirayeli, abari abaja mu Misiri. Umusi umwe, igihe yari aragiye imikuku ya sebukwe, yarabonye ikintu gitangaje. Igisaka c’amahwa cariko kirarurumba, ariko ntigishe nya gusha. Cagumye kirurumba, gikayangana nk’itara rinini riri ku musozi. Musa yaregereye kugira ngo arabe ivyo ari vyo. Ese ukuntu ashobora kuba yarakangutse igihe ijwi ryamuvugisha riturutse hagati muri nya muriro! Maze biciye ku mumarayika yavugira Imana, Imana na Musa barayaze bihagije. Nk’uko ushobora kuba ubizi, ico gihe Musa uwariko aratinyatinya, Imana yamutegetse guheba ubuzima butekanye yarimwo maze agasubira mu Misiri kubohoza Abisirayeli abakuye mu buja.​—Kuvayo 3:1-12.

4 Muri ico gihe, Musa yari gushobora kubaza Imana ikibazo ico ari co cose. Yamara, ehe raba ikibazo yahisemwo kubaza: «Dufate ko ngiye ku Bisirayeli nkababwira nti: “Imana ya ba sokuruza banyu yabantumyeko.” Nibambaza bati: “Yitwa nde?”, nzobishura iki?»​—Kuvayo 3:13.

5, 6. (a) Ikibazo Musa yabajije Imana kitwigisha ukuri ukuhe guhambaye? (b) Ni ikintu kigayitse ikihe cakozwe ku biraba izina ry’uruharo ry’Imana? (c) Ni kubera iki biri n’ico bivuze cane kuba Imana yarahishuriye umuryango w’abantu izina ryayo?

5 Ico kibazo kiratwigisha ubwa mbere na mbere yuko Imana ifise izina. Ukwo kuri gusanzwe ntidukwiye kugufata minenegwe. Yamara benshi baragufata minenegwe. Izina ry’uruharo ry’Imana bararikuye mu mpinduro za Bibiliya zidaharurwa maze barisubiriza ayandi mazina y’icubahiro nka «Umukama Imana», «Umwami Imana» na «Uhoraho.» Ico ni kimwe mu bintu bibabaje kandi bigayitse kuruta ibindi vyose amadini yakoze. Nakare, igihe uhuye n’umuntu ubanza kugira iki? None ntubanza kumubaza uko yitwa? Ni na ko bigenda igihe umuntu ashaka kumenya Imana. Si iyitagira izina, idashobora kwegerwa, iyo tudashobora kumenya canke gutahura. Naho nyene Imana itaboneka, irabaho koko, kandi irafise izina, na ryo rikaba ari Yehova.

6 Vyongeye, igihe Imana ihishura izina ryayo ry’uruharo, haba hari ikintu gihambaye kandi ceza umutima kiba kiraririye gushika. Iradutera akamo ngo tuyimenye. Ishaka yuko tugira ihitamwo ryiza kuruta ayandi dushobora kugira mu buzima, ni ukuvuga guhitamwo kuyiyegereza. Mugabo Yehova ntiyatubwiye gusa izina ryiwe. Yaranatwigishije ivyerekeye nyene iryo zina.

Insobanuro y’izina ry’Imana

7. (a) Izina ry’uruharo ry’Imana vyiyumvirwa yuko risobanura iki? (b) Ku bwa ngingo Musa yashaka kumenya iki igihe yabaza Imana izina ryayo?

7 Yehova yarihitiyemwo izina, rikaba ritekeye insobanuro. Izina «Yehova» vyiyumvirwa yuko risobanura ngo «Atuma biba.» Ni uwudasanzwe kw’isi no mw’ijuru kuko ari we yatumye ibintu vyose bibaho. Aratuma kandi imigambi yiwe yose iranguka. Arashobora mbere no gutuma abasavyi biwe badatunganye bacika ico yipfuza cose. Tuzirikanye kuri ivyo vyose, biratuma twumva tumwubashe cane. Ariko none ico conyene coba ari co izina ry’Imana risobanura? Bigaragara ko Musa yashaka kumenya ibiruta ivyo. Yari asanzwe azi ko Yehova ari Umuremyi kandi yari azi izina ry’Imana. Iryo zina ry’Imana ntiryari rishasha. Abantu bari bamaze ibinjana n’ibindi barikoresha. Mu vy’ukuri, mu kubaza izina ry’Imana, Musa yariko arabaza ivyerekeye nyene iryo zina. Ku bwa ngingo yariko avuga ati: “Ni ikintu ikihe kikwerekeye nshobora kubwira igisata cawe Isirayeli kizokomeza ukwizera kwabo, kikabakura amazinda yuko vy’ukuri uzobarokora?”

8, 9. (a) Yehova yishuye gute ikibazo ca Musa, kandi ni ikosa irihe riri mu kuntu iyo nyishu ikunda guhindurwa? (b) Imvugo ngo «Nzoba ico nshatse kuba» isobanura iki?

8 Mu kwishura, Yehova yarahishuye umuce uhimbaye wa kamere yiwe, uno ukaba ufitaniye isano n’insobanuro y’izina ryiwe. Yabwiye Musa ati: «Nzoba ico nshatse kuba.» (Kuvayo 3:14) Impinduro nyinshi za Bibiliya aho zihavuga ngo: «Ndi uwo ndi we.» Mugabo impinduro zitondewe zerekana yuko Imana itariko iremeza gusa ko ibaho. Ahubwo Yehova yariko arigisha Musa, natwe nyene turimwo, yuko “yocitse” ikintu cose gikenewe kugira ngo ashitse ivyo yasezeranye. Impinduro imwe y’uwitwa J. B. Rotherham uwo murongo iwuhindura mu buryo butomoye uku: «Nzocika ikimpimbara ko nocika cose.» Umuhinga umwe mu vy’Igiheburayo co muri Bibiliya, iyo mvugo ayisigura muri ubu buryo: «Uko ibintu vyifashe kwose canke ibikenewe ivyo ari vyo vyose . . . , Imana “izocika” umuti wavyo.»

9 Ivyo vyasobanura iki ku Bisirayeli? Intambamyi bari bahanganye yaba iyihe, naho ivyo barimwo vyobaye bigoye gute, Yehova yocitse ico ari co cose gikenewe kugira ngo abakure mu buja maze abajane mu Gihugu c’isezerano. Nta mazinda, iryo zina ryatumye bizigira Imana. Na twe muri iki gihe rirashobora gutuma tuyizigira. (Zaburi 9:10) Kubera iki?

10, 11. Izina rya Yehova ni gute rituma tumwiyumvira nka Dawe arusha abandi bose guhuza n’uko ibintu vyifashe no kuba mwiza? Bitangire akarorero.

10 Nk’akarorero, abavyeyi barazi ukuntu bategerezwa guhuza n’uko ibintu biba vyifashe igihe babungabunga abana babo. Mu kiringo c’umusi umwe, umuvyeyi arashobora kuba umurezi, umutetsi, umwigisha, uwutanga ibihano, umucamanza n’ibindi vyinshi. Benshi bumva barengewe n’amabanga menshi baba bitezweko. Barabona ukuntu abana babo babizeye bimwe bishitse, bakaba batigera bakekeranya yuko se canke nyina bashobora kugabanya ububabare buterwa n’igikomere, gutatura amatati yose, gukora agakinisho ako ari ko kose gapfuye, no kwishura ikibazo ico ari co cose kije bukwi na bukwi mu mizirikanyi yabo yuzuye ibibazo bidahera. Kubera bafise aho bageza, abavyeyi bamwebamwe barumva batabereye ico cizigiro abana babo babagirira, kandi rimwe na rimwe bikabavuna umutima. Bumva badashoboye kurangura menshi muri ayo mabanga.

11 Yehova na we nyene ni umuvyeyi munyarukundo. Ariko rero atarinze kurenga ku ngingo mfatirwako ziwe bwite, nta na kimwe adashobora kuba kugira ngo abungabunge abana biwe bo kw’isi mu buryo bwiza kuruta bushoboka. Rero, izina ryiwe Yehova, riratuma tumwiyumvira nka Dawe arusha uwundi wese kuba mwiza. (Yakobo 1:17) Musa n’abandi Bisirayeli bose b’abizigirwa ntibatevye kwibonera yuko Yehova ahuje n’izina ryiwe. Barajorewe igihe babona ukuntu Yehova aba Intwazangabo idatsindwa, Uwuganza ibidukikije, Uwurengeye abandi mu gutanga amategeko, Umucamanza, Umwubatsi, Umutanzi w’imfungurwa n’amazi, Umuzigamyi w’impuzu n’ibirato, n’ibindi n’ibindi.

12. Inyifato Farawo yagize kuri Yehova yari itandukaniye he n’iyo Musa yagize?

12 Muri ubwo buryo, Imana yaramenyekanishije izina ryayo ry’uruharo, irahishura ibintu bishimishije vyerekeye nyeneryo mbere iranagaragaza yuko ivyo ivuga ku biyerekeye ari ivy’ukuri. Nta gukeka ko Imana ishaka yuko tuyimenya. None tuvyakira gute? Musa yashaka kumenya Imana. Ico cipfuzo gikomeye carayoboye ingendo y’ubuzima ya Musa maze kiramushikana ku kwiyegereza cane Se wiwe wo mw’ijuru. (Guharura 12:6-8; Abaheburayo 11:27) Ikibabaje ni uko abo mu gihe ca Musa bari bafise icipfuzo mwene ico bari bake. Igihe Musa yacisha mu kanwa izina rya Yehova ariko avugana na Farawo, uwo mwami w’umunyabwibone wa Misiri yishuye ati: «Yehova ni nde?» (Kuvayo 5:2) Farawo ntiyashatse kumenya vyinshi ku vyerekeye Yehova. Ahubwo, yarateye akagere Imana ya Isirayeli mu kuyibona ko ata co imaze canke ko ivyayo vyataye igihe. Muri iki gihe abantu benshi ukwo ni ko babona ibintu. Ivyo bituma abantu batabona ukuri guhambaye kuruta ukundi kwose, yuko Yehova ari we Mukama Segaba.

Umukama Segaba Yehova

13, 14. (a) Ni kubera iki Yehova ahabwa amazina y’icubahiro menshi muri Bibiliya, kandi amwamwe muri yo ni ayahe? (Raba  uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 14.) (b) Ni kubera iki Yehova ari we wenyene akwiriye kwitwa «Umukama Segaba»?

13 Yehova arashobora gucika ikintu cose gikenewe, akaba ari co gituma Bibiliya imwita amazina y’icubahiro menshi. Ayo mazina ntari hejuru y’izina ryiwe ry’uruharo; ahubwo nyabuna aratwigisha vyinshi ku vyerekeye ico izina ryiwe risigura. Nk’akarorero, yitwa «Umukama Segaba Yehova.» (2 Samweli 7:22) Iryo zina ry’icubahiro riri hejuru, iriboneka incuro amajana n’amajana muri Bibiliya, riraserura ikibanza Yehova afise. Ni we wenyene afise uburenganzira bwo kuba Umutegetsi w’ibiriho vyose. Turabe igituma.

14 Yehova ni we Muremyi wenyene. Mu Vyahishuwe 4:11 havuga hati: «Ewe Yehova Mana yacu, urabereye kuronka ubuninahazwa, iteka n’ububasha, kuko waremye vyose, kandi ukugomba kwawe ni kwo kwatumye bibaho, biraremwa.» Ayo majambo akomeye ntiyoshobora gukoreshwa ku wundi muntu n’umwe. Ikintu cose kiriho mw’isi no mw’ijuru, ukubaho kwaco kigukesha Yehova! Nta woharira ko Yehova ari we akwiriye icubahiro, ububasha n’ubuninahazwa bibereye guhabwa Umukama Segaba akaba n’Umuremyi w’ibintu vyose.

15. Ni kubera iki Yehova yitwa «Umwami w’ibihe bidahera»?

15 Irindi zina ry’icubahiro rikoreshwa kuri Yehova wenyene ni «Umwami w’ibihe bidahera.» (1 Timoteyo 1:17; Ivyahishuwe 15:3) None iryo risobanura iki? Ubwenge bwacu bufise aho bugarukira birabugora gutahura ukuntu Yehova yamyeho muri kahise n’ukuntu azokwamaho muri kazoza. Muri Zaburi 90:2 hagira hati: «Uri Imana kuva ibihe bidahera gushika ibihe bidahera.» Rero, Yehova ntiyigeze agira intango; yamyeho. Mu buryo bukwiriye yitwa «Umwe wa kera cane», kubera yuko yabayeho ibihe vyose ata muntu n’umwe canke ikintu na kimwe kirabaho! (Daniyeli 7:9, 13, 22) Ni nde yovuga ko afise imvo yumvikana yo gukekeranya ku burenganzira Yehova afise bwo kuba Umukama Segaba?

16, 17. (a) Ni kubera iki tudashobora kubona Yehova, kandi ni kubera iki ivyo bidakwiye kudutangaza? (b) Ni mu buryo nyabaki Yehova atari umugani, kuruta ikintu cose dushobora kubona canke gukorakora?

16 Yamara, bamwebamwe barakekeranya kuri ubwo burenganzira, nk’uko Farawo yabigize. Kimwe mu bituma haba iyo ngorane, ni uko ivyo abantu b’abanyagasembwa bizigira bagaherezako ari ivyo bashobora kubonesha amaso. Ntidushobora kubona Umukama Segaba. Ni impwemu, akaba adashobora kubonwa n’amaso y’abantu. (Yohani 4:24) Vyongeye, hamwe umuntu w’inyama n’amaraso yohagarara imbere ya Yehova Imana, yoca apfa. Yehova ubwiwe yabwiye Musa ati: «Ntushobora kubona mu maso hanje, kuko ata muntu yombona ngo abandanye kubaho.»​—Kuvayo 33:20; Yohani 1:18.

17 Ivyo ntibikwiye kudutangaza. Musa yabonye gusa agace k’ubuninahazwa bwa Yehova, bikagaragara ko vyaciye ku mumarayika yaserukira Imana. None vyagize ingaruka nyabaki? Mu maso ha Musa haciye hamara igihe kinaka “harekura imishwarara.” Abisirayeli mbere baratinye kuraba Musa mu maso. (Kuvayo 33:21-23; 34:5-7, 29, 30) Nta gukeka rero ko ata muntu buntu yoshobora kuraba Umukama Segaba ubwiwe mu buninahazwa bwiwe bwose! None ivyo vyoba bisigura yuko ari umugani ngo ni uko tudashobora kumubona no kumukorako? Oya, turemera ata gukeka yuko ibintu vyinshi tudashobora kubona bibaho, nk’akarorero umuyaga, amajwi asohoka mw’iradiyo, be n’ivyiyumviro. Vyongeye Yehova yamaho, ntahinduka naho hoba haciye imyaka amamiliyaridi n’amamiliyaridi! Muri ubwo buryo, Yehova si umugani, araruta ikintu cose dushobora gukorakora canke kubona, kubera yuko ibintu bifadika bisaza kandi bikononekara. (Matayo 6:19) Yamara none, twoba dukwiye kumwiyumvira gusa nk’inguvu nsigabwenge canke inguvu zidatahurika zatumye ibintu bibaho? Reka tubirabe.

Imana irafise kamere nziza

18. Ezekiyeli yeretswe iki, kandi mu maso hane h’ivyo «binyabuzima» vyari hafi ya Yehova hagereranya iki?

18 Naho nyene tudashobora kubona Imana, hariho ivyanditswe vyinshi vyo muri Bibiliya bituma dutereza akajisho mw’ijuru ubwaho. Ikigabane ca mbere ca Ezekiyeli ni akarorero kamwe muri ivyo. Ezekiyeli yareretswe igice co mw’ijuru c’ishirahamwe rya Yehova, iryo yabonye rimeze nk’umukogote munini wo mw’ijuru. Ikintu canecane gitangaje ni ukuntu ibiremwa vy’impwemu vy’ibinyabubasha vyari bikikuje Yehova vyadondowe. (Ezekiyeli 1:4-10) Ivyo «binyabuzima» birafitaniye isano cane na Yehova, kandi ukuntu bimeze kuratubwira ikintu gihambaye ku vyerekeye Imana bisukurira. Ikinyabuzima kimwekimwe cose gifise mu maso hane: mu maso nk’ah’impfizi, nk’ah’intambwe, nk’ah’inkona no mu maso nk’ah’umuntu. Bigaragara ko ivyo bigereranya kamere zine nyamukuru zerekana mu buryo butangaje ukuntu Yehova ameze.​—Ivyahishuwe 4:6-8, 10.

19. Ni kamere iyihe igereranywa no (a) mu maso nk’ah’impfizi? (b) mu maso nk’ah’intambwe? (c) mu maso nk’ah’inkona? (d) mu maso nk’ah’umuntu?

19 Muri Bibiliya kenshi impfizi igereranya ububasha, kandi ivyo birabereye kubera yuko ari igikoko gikomeye cane. Ku rundi ruhande, intambwe kenshi igereranya ubutungane kubera yuko ubutungane nyakuri busaba uburindutsi, iyo na yo ikaba ari kamere intambwe izwi ko ifise. Inkona zirazwi neza yuko zibona kure, zikabona mbere n’utuntu tungana urwara turi ku birometero vyinshi. Rero, mu maso nk’ah’inkona hagereranya neza ubukerebutsi bw’ukubona kure bw’Imana. Mu maso h’umuntu ho tuhavugeko iki? Urabona, umuntu yaremwe mw’ishusho y’Imana, ni we wenyene ashobora kugaragaza kamere nyamukuru y’Imana, ari yo y’urukundo. (Itanguriro 1:26) Iyo mice ya kamere za Yehova, ni ukuvuga ububasha, ubutungane, ubukerebutsi n’urukundo irashirwa ahabona kenshi cane mu Vyanditswe, ku buryo twoshobora kuvuga ko ari kamere nyamukuru z’Imana.

20. Vyoba ari ngombwa ko dutinya ngo Yehova yoba yarahindutse? Ni kubera iki wishuye gutyo?

20 Twoba dukwiye gutinya ngo Imana yoba yarahindutse mu myaka ibihumbi n’ibindi ihaciye kuva idondowe muri Bibiliya? Oya, kamere y’Imana ntihinduka. Itubwira iti: «Ndi Yehova, simpinduka.» (Malaki 3:6) Aho gupfa guhindagura ingingo uko bimujemwo, Yehova agaragaza ko ari Umuvyeyi mwiza mu buryo yifata mu bihe vyose. Aragaragaza iyo mice ya kamere yiwe ibereye kuruta. Kamere igaragara cane mu zo Imana ifise zose, ni urukundo. Ruribonekeza mu kintu cose Imana ikora. Ikoresha ububasha bwayo, ubutungane bwayo n’ubukerebutsi bwayo mu buryo buranga urukundo. Nkako, Bibiliya iravuga ikintu kidasanzwe ku biraba Imana na kamere yayo. Ivuga iti: «Imana [ni] urukundo.» (1 Yohani 4:8) Urabona yuko itavuga ko Imana ifise urukundo canke ko Imana ikundana. Ahubwo ivuga yuko Imana ari urukundo. Urukundo, co kintu nyamukuru kiyigize, ntiruhara mu bintu vyose igira.

«Raba! Iyi ni yo Mana yacu»

21. Tuzokwumva tumerewe gute uko tuzoza turarushiriza kumenya kamere za Yehova?

21 Woba umaze kubona akana gatoya gatunga urutoke se wako kakamwereka abagenzi bako maze ataco kinona, kakavugana umunezero kandi kihaya gati: «Urya ni papa»? Abasavyi b’Imana barafise imvo yumvikana yo kwiyumva nk’ukwo ku vyerekeye Yehova. Bibiliya iravuga igihe abantu b’abizigirwa bazovuga n’ijwi rirenga bati: «Raba! Iyi ni yo Mana yacu.» (Yesaya 25:8, 9) Uko uzorushiriza kumenya kamere za Yehova, ni ko uzoza urarushiriza kwumva yuko ufise Umuvyeyi mwiza aruta abandi bose.

22, 23. Bibiliya idondora gute Dawe wa twese wo mw’ijuru, kandi tuzi gute yuko ashaka ko tumwiyegereza?

22 Uwo Muvyeyi arafise igishika kandi aregereka, naho abanyamadini n’abafilozofe b’ishaka rirenze urugero bamwigisha ukundi. Vyotugora kwumva dukwegerewe n’Imana itagira igishika, Bibiliya na yo ikaba itadondora Dawe wo mw’ijuru muri ubwo buryo. Ahubwo riho, imwita «Imana ihimbawe.» (1 Timoteyo 1:11) Ari n’inyiyumvo zikomeye kandi zirangwa n’ikibabarwe. «Biramubabaza mu mutima» igihe ibiremwa vyiwe bifise ubwenge birenze ku buyobozi abiha ku bw’ineza yavyo. (Itanguriro 6:6; Zaburi 78:41) Ariko igihe dukoranye ubukerebutsi twisunga Ijambo ryiwe, “turanezereza umutima” wiwe.​—Imigani 27:11.

23 Dawe wa twese ashaka yuko tumwiyegereza. Ijambo ryiwe riraturemesha “gukabakaba tumurondera kandi tukamuronka koko, naho vy’ukuri atari kure y’umwe wese muri twebwe.” (Ivyakozwe 17:27) Ariko none, bishoboka gute ngo umuntu buntu yiyegereze Umukama Segaba w’ibiriho vyose?