Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 2

Woba vy’ukuri ushobora “kwiyegereza Imana”?

Woba vy’ukuri ushobora “kwiyegereza Imana”?

1, 2. (a) Ni igiki abantu benshi bokwumva gisa n’ikidashoboka, mugabo Bibiliya idukura amazinda ku biki? (b) Yehova yise gute Aburahamu, kandi kubera iki?

 WOKWUMVA umerewe gute mu gihe Umuremyi ariko aravuga ibikwerekeye yogira ati: «Uyu ni umugenzi wanje»? Kuri benshi, ivyo vyosa n’ibidashoboka. Nakare, ni gute umuntu buntu yoshobora kugiranira ubucuti na Yehova Imana? Yamara, Bibiliya iradukura amazinda yuko vy’ukuri dushobora kwiyegereza Imana.

2 Aburahamu, uwabayeho mu bihe vya kera, ni umwe mu bantu binovoye ubucuti mwene ubwo. Yehova yavuze ko uwo sekuruza w’imiryango ari “umugenzi wiwe.” (Yesaya 41:8) Egome, Yehova yafata Aburahamu ko ari umugenzi wiwe somambike. Aburahamu yabaye umugenzi w’Imana kubera yuko «yizeye Yehova.» (Yakobo 2:23) No muri iki gihe nyene, Yehova ararondera uturyo two kugiranira ubugenzi somambike n’abamukorera, n’utwo kubereka ko “abakunda.” (Gusubira mu vyagezwe 10:15) Ijambo ryiwe riduhimiriza riti: «Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.» (Yakobo 4:8) Muri ayo majambo turasangamwo ubutumire n’umuhango.

3. Ni akamo akahe Yehova adutera, kandi ni igiki aca adusezeranira?

3 Yehova adutera akamo ngo tumwiyegereze. Aripfuza ko tuba abagenzi biwe. Muri ico gihe nyene, aradusezeranira yuko nitwatera intambwe yo kumwiyegereza, na we nyene azotwiyegereza. Gutyo rero turashobora kwinjira mu kintu vy’ukuri c’agaciro, ni ukuvuga tukaba «abagenzi somambike» ba Yehova. (Zaburi 25:14) Imvugo «abagenzi somambike» itanga iciyumviro c’ukugiranira ikiganiro c’ibanga n’umugenzi somambike.

4. Wodondora gute umugenzi somambike, kandi ni mu buryo ubuhe Yehova agaragaza ko ari mwene uwo mugenzi ku bamwiyegereza?

4 Woba ufise umugenzi somambike ushobora kwibira akabanga? Umugenzi mwene uwo ni umuntu akwitwararika. Uramwizigira, kubera yuko aba yaragaragaje ko ari intahemuka. Umunezero wawe urongerekana igihe muwusangiye. Igihe agutega amatwi kandi agatahura ukuntu wiyumva bituma intuntu ufise igabanuka. Mbere n’igihe ata wundi muntu n’umwe asa n’uwugutahura, we aragutahura. Muri ubwo buryo nyene, igihe wiyegereje Imana, uraronka umugenzi somambike aguha agaciro vy’ukuri, akakwitwararika bivuye ku mutima, akongera akagutahura bimwe bishitse. (Zaburi 103:14; 1 Petero 5:7) Uramwizigira ubikuye ku mutima, kubera yuko uzi ko ari intahemuka ku bamubera intahemuka. (Zaburi 18:25) Ariko rero, ukwo guterwa agateka ko kugiranira ubugenzi n’Imana tubishikako gusa kubera yuko yatumye bishoboka.

Yehova yaruguruye inzira

5. Yehova yakoze iki kugira ngo atume dushobora kumwiyegereza?

5 Kubera yuko turi abanyavyaha, iyo Imana itadufasha ntitwokwigeze dushobora kuyiyegereza. (Zaburi 5:4) Intumwa Pawulo yanditse ati: «Mugabo Imana yaratweretse urukundo rwayo, kuko Kristu yadupfiriye tukiri abacumuzi.» (Abaroma 5:8) Egome, Yehova yaratunganije ivy’uko Yezu «[atanga] ubuzima bwiwe kugira acungure benshi.» (Matayo 20:28) Iyo twizeye iyo nkuka y’incungu biradushobokera kwegera Imana. Kubera yuko Imana «ari yo yabanje kudukunda», yaradushiriyeho umushinge wo kugiranira ubucuti na yo.​—1 Yohani 4:19.

6, 7. (a) Kubera iki Yehova yatumenyesheje ukuntu ameze? (b) Yehova yihishuye mu buryo butandukanye ubuhe?

6 Yehova yarateye iyindi ntambwe: Ubwiwe yaratwihishuriye. Kugira tugiranire ubugenzi somambike n’umuntu tubwirizwa kumumenya neza. Tubwirizwa kumenya kamere ziwe be n’ukuntu akora ibintu kandi tukabikunda. Rero, iyo Yehova ataza kutumenyesha ukuntu ameze, ntitwoshoboye kwigera tumwiyegereza. Yamara we si uko ameze, aho kwinyegeza, ashaka yuko tumumenya. (Yesaya 45:19) N’ikindi kandi, aremera ko uwo ari we wese yiga ibimwerekeye, mbere n’abo isi ibona ko ari abantu baciye bugufi.​—Matayo 11:25.

Yehova yarihishuye biciye mu vyo yaremye no mw’Ijambo ryiwe ryanditse

7 Yehova yatwihishuriye gute? Ivyo yaremye biramenyekanisha imice imwimwe ya kamere ziwe, nk’akarorero ububasha bwiwe ntangere, ubukerebutsi bwiwe bushika kure n’urukundo rwiwe rwinshi. (Abaroma 1:20) Mugabo Yehova ntiyihishura gusa biciye ku vyo yaremye. Kubera yuko ari we ntangere mu kumenyesha ibintu, yarihishuye biciye mw’Ijambo ryiwe, ari ryo Bibiliya.

Ingene Yehova yihishura mw’Ijambo ryiwe

8. Ni kubera iki dushobora kuvuga yuko Bibiliya ubwayo ari ikimenyamenya c’uko Yehova adukunda?

8 Bibiliya ubwayo ni ikimenyamenya c’uko Yehova adukunda. Mw’Ijambo ryiwe, yihishura akoresheje imvugo dushobora gutahura, ico kikaba ari ikimenyamenya c’uko atadukunda gusa mugabo ko ashaka n’uko tumumenya tukanamukunda. Ivyo dusoma muri ico gitabu c’agaciro biratuma dushobora kumwiyegereza. (Zaburi 1:1-3) Reka tuganire kuri bumwebumwe mu buryo bukora ku mutima Yehova akoresha mu kwihishura biciye mw’Ijambo ryiwe.

9. Ni ivyanditswe bimwebimwe ibihe vyerekana kamere z’Imana mu buryo burashe?

9 Ivyanditswe birimwo ahantu henshi herekana mu buryo burashe kamere z’Imana. Ehe raba uturorero tumwetumwe. «Yehova akunda ubutungane.» (Zaburi 37:28) «Ububasha bw’Imana burarenze.» (Yobu 37:23) «“Ndi intahemuka”, ni ko Yehova avuze.» (Yeremiya 3:12) «Ni inkerebutsi mu mutima.» (Yobu 9:4) Ni «Imana y’imbabazi n’impuhwe, iteba gushavura kandi yuzuye urukundo n’ukuri.» (Kuvayo 34:6) «Ewe Yehova, uri mwiza kandi witeguriye kubabarira!» (Zaburi 86:5) Nk’uko twabivuze mu kigabane c’imbere y’iki, hari kamere imwe yigaragaza kuruta izindi: «Imana [ni] urukundo.» (1 Yohani 4:8) Uko uzirikana kuri izo kamere zishimishije, ntuca wumva wipfuje kwiyegereza iyo Mana ntangere?

10, 11. (a) Kugira ngo Yehova adufashe kubona kamere ziwe mu buryo butomoye kuruta, ni ibiki yashize mw’Ijambo ryiwe? (b) Ni akarorero akahe ko muri Bibiliya kadufasha kwiha ishusho y’ukuntu Imana ikoresha ububasha bwayo?

10 Turetse ivy’uko Yehova atubwira kamere ziwe izo ari zo, abigiranye urukundo yarashize mw’Ijambo ryiwe uturorero dutomoye tw’ukuntu yazigaragaje. Mwene izo nkuru ziratuma mu buryo bugaragara twiha ishusho y’ukuntu ibintu bimeze, bikadufasha kubona imice itandukanye ya kamere ziwe mu buryo butomoye kuruta. Ivyo biraheza bikadufasha kumwiyegereza. Rimbura akarorero kamwe.

Bibiliya iradufasha kwiyegereza Yehova

11 Bibiliya itubwira ko Imana ifise «ububasha buteye akoba.» (Yesaya 40:26) Mugabo igihe dusomye ukuntu yarokoye Abisirayeli ibacishije mu Kiyaga Gitukura maze ikababungabunga mu bugaragwa imyaka 40, turakorwa ku mutima no kubona ukuntu Yehova akoresha ububasha bwiwe. Urashobora kwiha ishusho y’amazi asurirana yigaburamwo kubiri. Niwihe ishusho y’iryo hanga, bose hamwe ari nk’abantu 3.000.000, bariko baraca ahumutse muri ico kiyaga, amazi yahagaze ameze nk’ibihome amahanga ku mpande zompi. (Kuvayo 14:21; 15:8) Urashobora kubona ikimenyamenya c’uko Imana yababungabunze ikabakingira mu bugaragwa. Amazi yaradudubije ava mu gitandara. Imfungurwa zimeze nk’utubuto twera zarabonetse hasi. (Kuvayo 16:31; Guharura 20:11) Ng’aha Yehova ntahishura gusa yuko afise ububasha, mugabo ahishura kandi yuko abukoresha ku neza y’abasavyi biwe. None ntibidusubiriza umutima mu nda kumenya yuko amasengesho yacu aduga ku Mana y’ububasha, yo «buhungiro bwacu n’inkomezi zacu, [ikaba] n’umutabazi yoroshe kuronka mu bihe vy’ivyago»?​—Zaburi 46:1.

12. Yehova adufasha gute kumutahura akoresheje imvugo dushobora gutegera?

12 Kubera ko Yehova afise umubiri w’impwemu, yarakoze n’ibindi vyinshi kugira ngo adufashe kumumenya. Twebwe abantu, tugarukiriza ku vyo tubona n’amaso gusa, gutyo tukaba tudashobora kubona ivyo mw’ijuru. Igihe Imana yotwibwira ikoresheje amajambo adondora ibintu vy’impwemu, vyoba ari nko kugerageza gusigurira umuntu yavutse ari impumyi ido n’ido ry’ukuntu usa, nk’akarorero ukuntu amaso yawe asa canke ko ufise ibibibi. Ahubwo Yehova abigiranye ubuntu, aradufasha kumutahura akoresheje amajambo dushobora gutegera. Rimwe na rimwe arakoresha imvugo ngereranyo n’imvugo mberanya, akisanisha n’ibintu dusanzwe tuzi. Mbere aridondora afise ibintu bimwebimwe biranga umuntu. a

13. Muri Yesaya 40:11 hadondora gute Yehova, kandi ivyo bituma wiyumva gute?

13 Ehe raba ukuntu Yehova adondorwa muri Yesaya 40:11: «Kurya kw’umwungere, azokwitaho ubusho bwiwe. Azokwegeranya imyagazi y’intama n’ukuboko kwiwe, ayitware mu gikiriza ciwe.» Yehova ng’aha agereranywa n’umwungere ateruza «ukuboko kwiwe» imyagazi y’intama. Ivyo bigaragaza ubushobozi Imana ifise bwo gukingira no kubungabunga abantu, mbere n’abigorewe kuruta abandi. Turashobora kwumva dutekaniwe igihe turi mu maboko yiwe akomeye, kubera yuko tugumye turi intahemuka kuri we atazokwigera aduheba. (Abaroma 8:38, 39) Wa Mwungere Mukuru araterura imyagazi y’intama «mu gikiriza ciwe», iyo ikaba ari imvugo yerekeza ku mpuzu yo hejuru umwungere yashobora rimwe na rimwe guteruramwo akagazi k’intama kakivuka. Gutyo rero, turakurwa amazinda yuko Yehova atubungabunga kandi akatwitwararikana ikibabarwe. Ivyo biratuma twipfuza kumwiyegereza.

“Umwana agomba kumuhishura”

14. Ni kubera iki dushobora kuvuga yuko Yehova yihishura mu buryo butomoye kuruta biciye kuri Yezu?

14 Mw’Ijambo ryiwe, Yehova arihishura mu buryo bugaragara kuruta biciye ku Mwana wiwe mukundwa, ari we Yezu. Nta n’umwe yari gushobora kugaragaza neza ukuntu Imana yiyumvira n’ukuntu yiyumva canke ngo ayisigure bimwe bitomoye, kuruta uko Yezu yabigize. Nakare, uwo Mwana w’imfura yabanye na Se imbere y’uko ibindi bintu vyose biremwa, ibitaboneka n’ibiboneka. (Abakolosayi 1:15) Yezu yari azi neza Yehova. Ni co gituma yashoboye kuvuga ati: «Nta muntu n’umwe azi Umwana uwo ari we atari Dawe, kandi nta muntu n’umwe azi Dawe uwo ari we atari Umwana be n’uwo wese Umwana ashatse kumuhishurira.» (Luka 10:22) Igihe Yezu yari kw’isi ari umuntu, yarahishuye Se wiwe mu buryo bubiri buhambaye.

15, 16. Ni mu buryo bubiri ubuhe Yezu yahishuye Se wiwe?

15 Ubwa mbere, inyigisho za Yezu ziradufasha kumenya Se wiwe. Yezu yadondoye Yehova mu mvugo zidukora ku mutima. Nk’akarorero, kugira ngo asigure Imana y’ikigongwe yakira abacumuzi bigaya bakayigarukako, Yezu yasanishije Yehova n’umuvyeyi w’umunyembabazi akorwa ku mutima igihe abonye umuhungu wiwe w’icangazi agarutse, ku buryo yirukanga maze akagumbira uwo muhungu wiwe, akamusoma n’ikibabarwe. (Luka 15:11-24) Yezu kandi yerekanye ko Yehova ari Imana “ikwegera” abantu b’imitima igororotse kubera yuko iba ibakunda umwe wese ukwiwe. (Yohani 6:44) Iramenya mbere n’igihe akanyoni k’akajuri kangana urwara gakorotse. Yezu yasiguye ati: «Ntimutinye rero: mwebwe murarusha agaciro utujuri twinshi.» (Matayo 10:29, 31) Ntitwogenda tudakwegerewe n’iyo Mana yitwararikana.

16 Ubugira kabiri, akarorero ka Yezu karatwereka uko Yehova ameze. Yezu yari ameze neza na neza nka Se wiwe, ku buryo yashoboye kuvuga ati: «Uwumbonye aba abonye na Data.» (Yohani 14:9) Gutyo rero, igihe dusomye mu Njili ivyerekeye Yezu, nk’inyiyumvo yagaragaje be n’ukuntu yafashe abandi, tuba turiko turibonera ishusho y’ukuntu Se ameze vy’ukuri. Nta bundi buryo butomoye kuruta ubwo Yehova yari gushobora kuduhishuriramwo kamere ziwe. Kubera iki?

17. Nutange akarorero k’ivyo Yehova yakoze kugira ngo adufashe gutahura uko ameze.

17 Tubitangire akarorero: Niwihe ishusho uriko uragerageza gusigura ubuntu ico ari co. Woshobora kubusigura ukoresheje amajambo. Mugabo nimba ushobora kwerekana umuntu ariko arakora igikorwa kiranga ubuntu maze ukavuga uti: «Raba akarorero k’ubuntu», iryo jambo «ubuntu» ryoca rigira insobanuro yiyongereye, maze rikarushiriza kworoha gutahura. Yehova yaragize ikintu gisa n’ico kugira ngo adufashe gutahura ukuntu ameze. Turetse kwidondora mu majambo, yaraturonkeje akarorero kazima, ni ukuvuga Umwana wiwe. Biciye kuri Yezu, turabona ukuntu kamere z’Imana zishirwa mu ngiro. Biciye ku nkuru zo mu Njili zidondora ivya Yezu, ku bwa ngingo Yehova aravuga ati: «Kuriya ni ko jewe meze.» None inkuru yahumetswe idondora ko Yezu yari ameze gute igihe yari kw’isi?

18. Yezu yagaragaje gute kamere y’ububasha, ubutungane n’ubukerebutsi?

18 Yezu yaragaragaje za kamere zine nyamukuru z’Imana mu buryo bwiza cane. Yari n’ububasha ku ndwara, ku nzara mbere no ku rupfu. Yamara, mu buryo butandukanye n’abantu b’ubwikunzi bakoresha nabi ububasha bwabo, ntiyigeze akoresha ububasha bwo gukora ibitangaro ku bw’inyungu ziwe bwite canke kugira ngo ababaze abandi. (Matayo 4:2-4) Yarakunda ubutungane. Umutima wiwe waruzuye ishavu rigororotse igihe yabona abadandaza bazimba bariko baca amaboko abanyagihugu. (Matayo 21:12, 13) Ntiyagira nkunzi mu kuntu yafata aboro n’abavunitse imitima, akabafasha “kwumva baruhuriwe.” (Matayo 11:4, 5, 28-30) Ubukerebutsi ntangere bwarabonekera mu nyigisho za Yezu, we «[ya]ruta Salomo.» (Matayo 12:42) Mugabo Yezu ntiyigeze arondera gutangaza abandi kubera ubukerebutsi bwiwe. Ivyo yavuga vyarakora ku mutima abantu baciye bugufi, kubera yuko inyigisho ziwe zari zitomoye, zoroshe kandi ari ngirakamaro.

19, 20. (a) Yezu yabaye gute akarorero kibonekeje k’urukundo? (b) Uko dusoma tukongera tukazirikana ku karorero ka Yezu, ni igiki dukwiye kwamiza mu muzirikanyi?

19 Yezu yari akarorero kibonekeje k’urukundo. Mu busuku yaranguye bwose, yaragaragaje urukundo mu mice myinshi yarwo, tudasize inyuma ikibabarwe n’impuhwe. Abonye abandi bari mu ngorane vyaramutera ikigongwe. Incuro nyinshi izo mpuhwe yagirira abandi zatuma agira ico akoze. (Matayo 14:14) Naho nyene Yezu yakijije abarwaye akanagaburira abashonje, yaragaragaje impuhwe mu buryo buhambaye kuruta. Yarafashije abandi kumenya, kwemera no gukunda ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana, ubuzozanira umuryango w’abantu imigisha yamaho. (Mariko 6:34; Luka 4:43) Ikiruta vyose, Yezu yarerekanye urukundo rwo kwitanga mu guheba ubuzima bwiwe abikunze ku neza y’abandi.​—Yohani 15:13.

20 Vyoba bitangaje none kubona abantu bafise imyaka itandukanye kandi baciye mu bintu bitandukanye bumva bakwegerewe n’uwo mugabo w’igishika kirimwo n’ikibabarwe be n’inyiyumvo zishika kure? (Mariko 10:13-16) Ariko rero, uko dusoma ivyerekeye Yezu tukongera tukazirikana ku karorero kiwe kaboneka, nimuze twamize mu muzirikanyi yuko uwo Mwana turiko turamubonamwo Se mu buryo bugaragara.​—Abaheburayo 1:3.

Ingene iki gitabu cogufasha

21, 22. Kurondera Yehova bisaba ibiki, kandi ni ibiki biri muri iki gitabu kugira ngo bidufashe muri ivyo?

21 Mu kwihishura bimwe bitomoye biciye mw’Ijambo ryiwe, Yehova arerekana neza yuko ashaka ko tumwiyegereza. Muri ico gihe nyene, ntaduhata ngo tube abagenzi biwe. Kurondera Yehova «umwanya agishobora kuboneka», bituvako. (Yesaya 55:6) Kurondera Yehova bisaba kumenya kamere ziwe n’uburyo akora ibintu nk’uko bihishurwa muri Bibiliya. Iki gitabu uriko urasoma cagenewe kugufasha muri ivyo.

22 Uzosanga iki gitabu kigabuwemwo ibihimba bihuye na kamere zine nyamukuru za Yehova ari zo z’izi: ububasha, ubutungane, ubukerebutsi n’urukundo. Igihimba kimwekimwe cose gitangura gica ku masonga iyo kamere. Ibigabane bikeya bikurikira vyo muri ico gihimba nyene, birimbura uburyo Yehova agaragaza iyo kamere mu mice yayo itandukanye. Igihimba cose kandi kirimwo ikigabane cerekana ukuntu Yezu yagaragaje iyo kamere, hamwe n’ikigabane kivuga uburyo dushobora kuyigaragaza mu buzima bwacu.

23, 24. (a) Nusigure igice kidasanzwe citwa «Ibibazo vy’ukuzirikanako.» (b) Ukuzirikana kudufasha gute kurushiriza kwiyegereza Imana?

23 Guhera kuri iki kigabane, haza haraza igice kidasanzwe citwa «Ibibazo vy’ukuzirikanako.» Nk’akarorero, raba  ku ruzitiro ruri ku rupapuro rwa 24. Ivyo vyanditswe n’ivyo bibazo ntibigenewe kuba isubiramwo ry’ico kigabane. Ahubwo, intumbero yavyo ni iyo kugufasha kuzirikana ku yindi mice ihambaye y’ico kiganiro. Ibiri muri urwo ruzitiro, woba wobikoresha mu buryo ngirakamaro? Nurondere kimwe cose mu vyanditswe vyatanzwe, maze usome iyo mirongo witonze. Hanyuma nurimbure ikibazo giherekeje umurongo umwumwe wose. Nuzirikane ku nyishu. Woshobora kugira ubushakashatsi. Niwibaze ibindi bibazo nk’ibi: “Aya makuru amenyesha iki ku vyerekeye Yehova? Agira ico akoze gute ku buzima bwanje? Nshobora gute kuyakoresha kugira ngo mfashe abandi?”

24 Ukuzirikana muri ubwo buryo birashobora kudufasha kurushiriza kwiyegereza Yehova. Kubera iki? Bibiliya yerekana ko kuzirikana bifitaniye isano n’umutima. (Zaburi 19:14) Igihe tuzirikanye ivyo twiga ku vyerekeye Imana kandi tukabikenguruka, ayo makuru aranyengetera mu mutima wacu w’ikigereranyo, aho agira ico akoze ku vyiyumviro vyacu, akatuvyurira inyiyumvo, amaherezo agatuma tugira ico dukoze. Urwo dukunda Imana rurakura, maze urwo rukundo na rwo rugaca rutuma dushaka kuyishimisha kubera ari Umugenzi dukunda kuruta abandi bose. (1 Yohani 5:3) Kugira ngo dushike ku kugiriranira na yo ubucuti nk’ubwo, dutegerezwa kumenya kamere za Yehova n’inzira ziwe. Ariko rero, reka tubanze tuganire umuce umwe wa kamere z’Imana utuma tugira imvo idusunikira ku kuyiyegereza, uwo muce ukaba ari ubweranda bwayo.

a Nk’akarorero, Bibiliya iravuga ivyerekeye mu maso h’Imana, amaso, amatwi, amazuru, umunwa, amaboko be n’ibirenge. (Zaburi 18:15; 27:8; 44:3; Yesaya 60:13; Matayo 4:4; 1 Petero 3:12) Mwene izo mvugo ngereranyo ntizikwiye gufatwa uko zakabaye, nk’uko nyene igihe tuvuga ko Yehova ari «Igitandara» canke «inkinzo», tutaba tuvuze ko ari igitandara butandara canke inkinzo bukinzo.​—Gusubira mu vyagezwe 32:4; Zaburi 84:11.