Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 4

«Yehova . . . afise ububasha bwinshi»

«Yehova . . . afise ububasha bwinshi»

1, 2. Ni ibintu nyabaki bitangaje Eliya yari yarabonye mu buzima bwiwe, ariko ni ibintu ibihe vy’igitangaza yiboneye ari mw’isenga ku Musozi Horebu?

 ELIYA yari yaramaze kubona ibintu bitangaje. Yari yarabonye ibikona bimuzanira imfungurwa kabiri ku musi, ca gihe yaba ahantu yinyegeje. Yari yarabonye ifu mu gaseke n’amavuta mu gakarabo bidahera mu gihe c’amapfa yamaze igihe kirekire. Yari yaranabonye umuriro utibuka uvuye mw’ijuru bivuye kw’isengesho yatuye. (1 Abami, ikigabane ca 17 na 18) Naho ari ukwo, Eliya ntiyari bwigere abona ikintu na kimwe kimeze nk’ivyo tugiye kubona aha hepfo.

2 Igihe yari abunze iruhande y’urwinjiriro rw’isenga ku Musozi Horebu, yariboneye urukurikirane rw’ibintu vy’igitangaza. Ubwa mbere haje umuyaga. Utegerezwa kuba warahuhuse cane bikamumena amatwi kubera yuko wari ukaze cane ku buryo wasataguye imisozi ukamenagura n’ibitandara. Ubukurikira haje ikinyamugigima, kiranyiganyiza isi bimwe bikomeye. Hanyuma haza umuriro. Igihe wariko urayogeza ako karere, nta gukeka yuko Eliya yumvise ubushuhe bwawo buturira.​—1 Abami 19:8-12.

3. Eliya yiboneye ikimenyamenya c’iyihe kamere y’Imana, kandi ni hehe dushobora kubona ikimenyamenya c’iyo kamere nyene?

3 Ivyo bintu bitandukanye vyose Eliya yiboneye vyari bifise ikintu kimwe bihuriyeko. Ivyo vyose vyerekana ububasha bwinshi Yehova Imana afise. Ariko rero ntidukeneye kubanza kubona igitangaro kugira ngo dutahure ko Imana ifise ububasha bwinshi. Burigaragaza hose. Bibiliya itubwira yuko ivyaremwe bitanga ikimenyamenya c’“ububasha bwa Yehova bwamaho n’ubumana bwiwe.” (Abaroma 1:20) Iyumvire gatoyi imiravyo imena amaso n’imituragaro imena amatwi vyo mu mvura y’isegenya, isumo rikomeye ry’akaroruhore, ubwaguke buteye akoba bw’ijuru ryuzuye inyenyeri! Mbega none muri ivyo bintu vyigaragaza ntubonamwo ububasha bw’Imana? Yamara, abantu bakeya mw’isi ya kino gihe ni bo bemera icese ububasha bw’Imana. Mbere ni na bake cane babubona mu buryo bubereye. Ariko rero, gutahura iyo kamere y’Imana biraduha imvo nyinshi zituma turushiriza kwiyegereza Yehova. Muri iki gihimba, tugiye kwihweza ido n’ido ku bijanye n’ububasha ntangere bwa Yehova.

«Maze Yehova ararengana»

Imwe muri kamere nyamukuru za Yehova

4, 5. (a) Izina rya Yehova risobanura iki? (b) Ni kubera iki bibereye kuba Yehova yarahisemwo impfizi ngo ibe ari yo igereranya ububasha bwiwe?

4 Yehova nta we banganya ububasha. Muri Yeremiya 10:6 hagira hati: «Ewe Yehova, nta n’umwe ameze nkawe. Urahambaye, n’izina ryawe rirahambaye kandi rirakomeye.» Urabona ko havuga ko izina rya Yehova rihambaye kandi rikomeye, canke rifise ububasha. Biboneka yuko iryo zina risobanura ngo «Atuma biba.» None ni igiki gishoboza Yehova kurema ikintu cose ashatse no gucika ico ashatse cose? Kimwe mu bituma abishobora ni ububasha. Emwe, ubushobozi Yehova afise bwo gukora ibintu, kugira ashitse ukugomba kwiwe, ntibugira uko bungana. Ububasha nk’ubwo ni imwe muri kamere ziwe nyamukuru.

5 Kubera yuko tutoshobora kwigera dutahura ububasha bwiwe bimwe bishitse, Yehova arakoresha ibigereranirizo kugira ngo adufashe. Nk’uko twabibonye, arakoresha impfizi mu kugereranya ububasha bwiwe. (Ezekiyeli 1:4-10) Iryo hitamwo rirabereye kubera yuko n’impfizi y’intungano ari ikiremwa amahanga gikomeye cane. Abantu bo muri Palesitina yo mu bihe vya Bibiliya, wasanga ari gake cane bahura n’ikintu gikomeye kuruta impfizi, canke ntivyigere bishika. Mugabo bari bazi ubwoko bw’ishuri buteye ubwoba kuruta, iyo na yo ikaba yari ishuri yo mw’ishamba ari yo mbogo, ubu ikaba imaze guhona muri ico gihugu. (Yobu 39:9-12) Indongozi y’Umuroma yitwa Jules César yarigeze kuvuga yuko izo mbogo zahakwa kungana n’inzovu. Yanditse ati: «Zifise inguvu nyinshi kandi ziranyaruka cane.» Ibaze ingene wokwumva uri ubusa, ukumva mbere ugoyagoya hamwe woba uhagaze iruhande y’ikiremwa nk’ico!

6. Ni kubera iki Yehova ari we wenyene yitwa «Mushoboravyose»?

6 Nk’ukwo nyene, umuntu ni ubusa kandi nta bubasha afise tumugereranije n’Imana y’ububasha Yehova. Kuri we, mbere n’amahanga akomakomeye ameze nk’umukungugu ufashe ku munzane. (Yesaya 40:15) Yehova wenyene, ni we afise ububasha ntangere, kuko ari we wenyene yitwa «Mushoboravyose.» a (Ivyahishuwe 15:3) Yehova afise «inkomezi zitagira uko zingana . . . n’ububasha buteye akoba.» (Yesaya 40:26) Ni we Soko ridakama ry’ububasha. Ntiyisunga inkomezi zivuye ahandi kubera yuko «inkomezi [ari] iz’Imana.» (Zaburi 62:11) Ariko none, Yehova akoresha uburyo ubuhe mu kugaragaza ububasha bwiwe?

Uburyo Yehova akoresha ububasha bwiwe

7. Impwemu nyeranda ya Yehova ni iki, kandi amajambo yo mu ndimi zo mu ntango yakoreshejwe muri Bibiliya atanga iciyumviro ikihe?

7 Impwemu nyeranda iva kuri Yehova ni nyinshi cane. Ni ububasha bw’Imana buba buriko burakora. Kukaba nkako, mw’⁠Itanguriro 1:2 Bibiliya ivuga ko ari «inguvu z’Imana.» Amajambo yo mu ntango y’igiheburayo n’ikigiriki yahinduwe ng’aha ngo «impwemu», mu bindi bihe ashobora guhindurwa ngo «umuyaga», «impemu», n’«uguhuha.» Dukurikije ivyo abanditsi b’inyizamvugo bavuze, amajambo yo mu rurimi rw’intango atanga iciyumviro c’inguvu itaboneka iriko irakora. Nka kumwe kw’umuyaga, impwemu y’Imana ntibonwa n’amaso yacu, mugabo turamenya ko hari ivyo ikora koko.

8. Muri Bibiliya, impwemu y’Imana yitwa gute mu mvugo ngereranyo, kandi ni kubera iki ivyo bigereranyo bibereye?

8 Impwemu nyeranda y’Imana irangura ibintu bitandukanye mu buryo butagira aho bugarukira. Yehova arashobora kuyikoresha kugira ngo ashitse umugambi uwo ari wo wose afise mu muzirikanyi. Mu buryo bubereye rero, muri Bibiliya impwemu y’Imana yitwa mu mvugo ngereranyo «urutoke» rwiwe, «ukuboko gukomeye» kwiwe, canke «ukuboko kw’ububasha.» (Luka 11:20; Gusubira mu vyagezwe 5:15; Zaburi 8:3) Nk’uko nyene umuntu yoshobora gukoresha ukuboko kwiwe kugira arangure ibikorwa vyinshi bisaba inguvu canke ubuhinga ku rugero rutari rumwe, ni ko n’Imana ishobora gukoresha impwemu yayo kugira ngo irangure umugambi uwo ari wo wose. Nk’akarorero, yarakoresheje iyo mpwemu mu kurema agahimba inzatsa kitwa atome, mu gucamwo kubiri Ikiyaga Gitukura, no mu gushoboza abakirisu bo mu kinjana ca mbere kuvuga mu ndimi z’amahanga.

9. Ni mu bundi buryo ubuhe Yehova agaragaza ububasha bwiwe?

9 Yehova aranakoresha ububasha bwiwe biciye mu bukuru bwiwe bwo kuba Segaba w’ibiriho vyose. Woba ushobora kwiha ishusho ufise amamiliyoni n’amamiliyoni y’ibiremwa bifise ubwenge n’ubushobozi bishashaye gukora ivyo ubitegetse? Yehova arafise ubwo bubasha bwo gutegeka. Arafise abantu bamusukurira, mu Vyanditswe bakaba kenshi bagereranywa n’ingabo. (Zaburi 68:11; 110:3) Ariko rero, umuntu agereranijwe n’umumarayika, ni ikiremwa kigoyagoya. Uti gute? Igihe ingabo z’Abashuri zatera igisata c’Imana, umumarayika umwe rudende yishe abasoda 185.000 mw’ijoro rimwe! (2 Abami 19:35) Abamarayika b’Imana “barakomeye cane.”​—Zaburi 103:19, 20.

10. (a) Ni kubera iki Mushoboravyose yitwa Yehova Nyeningabo? (b) Ni nde afise ububasha kuruta ivyo Yehova yaremye vyose?

10 Hari abamarayika bangahe? Umuhanuzi Daniyeli yareretswe mw’ijuru aho yabonye ibiremwa vy’impwemu birenga imiliyoni 100 biri imbere y’intebe y’ubwami ya Yehova, mugabo nta kigaragaza yuko yabonye abamarayika bose Yehova yaremye. (Daniyeli 7:10) Rero, hashobora kuba hariho abamarayika amamiliyoni amajana. Ni co gituma Imana yitwa Yehova Nyeningabo. Iryo zina ry’icubahiro riradondora ikibanza c’ububasha afise co kuba Kizigenza w’umugwi munini kandi utunganijwe w’abamarayika b’abanyenkomezi. Ivyo biremwa vy’impwemu vyose, yashinze ko biganzwa n’ikiremwa kimwe, ari we Mwana wiwe bwite mukundwa, «imfura mu vyaremwe vyose.» (Abakolosayi 1:15) Kubera yuko Yezu ari we mukuru w’abamarayika, ni ukuvuga kizigenza w’abamarayika basanzwe, w’abaserafi n’uw’abakerubi, ni we afise ububasha kuruta ivyo Yehova yaremye vyose.

11, 12. (a) Ni mu buryo ubuhe Ijambo ry’Imana rigira ububasha? (b) Yezu yavuze iki ku vyerekeye ububasha bwa Yehova?

11 Yehova arafise kandi ubundi buryo akoresha ububasha bwiwe. Mu Baheburayo 4:12 hagira hati: «Ijambo ry’Imana [ni] rizima kandi rifise ububasha.» Woba warabonye ububasha butangaje ijambo ry’Imana rifise canke ubutumwa bwahumetswe n’impwemu bwazigamwe muri Bibiliya? Burashobora kudukomeza, bukubaka ukwizera kwacu, bukanadufasha kugira amahinduka akomeye mu buzima bwacu. Intumwa Pawulo yaragabishije abo basangiye ukwizera, ngo birinde abantu bisuka mu ngeso z’ubuhumbu mu buzima bwabo. Hanyuma yongeyeko ati: «Yamara ukwo ni ko bamwe muri mwebwe mwari mumeze.» (1 Abakorinto 6:9-11) Emwe, «ijambo ry’Imana» ryarabagizeko ububasha rirongera rirabafasha guhinduka.

12 Ububasha bwa Yehova ni bwinshi kandi abukoresha mu buryo ngirakamaro ku buryo ata kintu na kimwe gishobora kumubuza kubukoresha. Yezu yavuze ati: «Ku Mana vyose birashoboka.» (Matayo 19:26) None Yehova akoresha ububasha bwiwe mu kurangura imigambi iyihe?

Ububasha bukoreshwa ku bw’umugambi kanaka

13, 14. (a) Ni kubera iki tutovuga ko Yehova ari isoko ntanganguvu gusa? (b) Yehova akoresha ububasha bwiwe mu buryo butandukanye ubuhe?

13 Impwemu ya Yehova iraruta kure n’iyo inguvu iyo ari yo yose ituruka ku bidukikije; vyongeye Yehova si inguvu isanzwe gusa, si isoko ntanganguvu risanzwe. Ni Imana yiyumvira kandi ifise inyiyumvo, yama ikoresha ububasha bwayo mu buryo butagira agahaze. Ariko none, ni igiki kimusunikira kubukoresha?

14 Nk’uko tuza kubibona, Imana irakoresha ububasha mu kurema, mu gusangangura, mu gukingira no mu gusubiza ibintu mu buryo. Muri make, irabukoresha mu gukora ikintu ico ari co cose gikenewe kugira irangure imigambi yayo itunganye. (Yesaya 46:10) Mu bihe bimwebimwe, Yehova arakoresha ububasha bwiwe mu guhishura imice ihambaye ya kamere yiwe n’ingingo mfatirwako ziwe. Ikiruta vyose, arakoresha ububasha bwiwe mu kurangura umugambi wiwe, ni ukuvuga kweza izina ryiwe biciye ku Bwami bwa Mesiya no mu kwerekana ko uburyo ategeka ari bwo bwiza kuruta ubundi bwose. Nta kintu na kimwe gishobora kwigera kimubuza gushitsa uwo mugambi.

15. Yehova akoresha ububasha bwiwe ku bw’umugambi uwuhe mu bijanye n’abasavyi biwe, kandi ivyo vyagaragaye gute mu vyashikiye Eliya?

15 Yehova akoresha kandi ububasha bwiwe kugira umwumwe wese muri twebwe agire ico yunguka. Ehe raba ico mu 2 Ngoma 16:9 havuga: «Amaso ya Yehova anyuragira mw’isi yose kugira ngo yerekane inkomezi ziwe mu gufasha abamwumirako n’umutima wabo wose.» Ivyo Eliya yabonye, vyavuzwe mu ntango, ni akarorero k’ivyo. None ni kubera iki Yehova yamweretse ivyo bintu biteye akoba bigaragaza ububasha bwiwe? Urabona, Umwamikazi w’umubisha Yezebeli yari yararahiye ararengwa ko azokwicisha Eliya. Uwo muhanuzi yariko arayanyaga, ahunga kugira arokore igufa. Yumva afise irungu, ubwoba kandi yihebuye, nk’aho igikorwa gikomeye yari yarakoze cose cari impfagusa. Kugira ngo Yehova ahumurize uwo mugabo yari yataye umutwe, yaribukije Eliya bimwe bikomeye ububasha bwiwe. Wa muyaga, ca kinyamugigima be na wa muriro vyarerekanye yuko Umunyabubasha kuruta ibiriho vyose yari kumwe na Eliya. Ni igiki yari gutinya kuri Yezebeli kandi ari kumwe n’Imana Mushoboravyose?​—1 Abami 19:1-12. b

16. Ni kubera iki dushobora guhumurizwa no kuzirikana ku bubasha buhambaye bwa Yehova?

16 Naho muri iki gihe Yehova adakora ibitangaro, kuva mu misi ya Eliya ntiyigeze ahinduka. (1 Abakorinto 13:8) No muri iki gihe nyene, aracashashaye gukoresha ububasha bwiwe ku neza y’abamukunda. Ego niko, aba mu karere k’impwemu kari hejuru cane, mugabo ntari kure yacu. Ububasha bwiwe ntibugira urugero, naho ari kure nta ngorane bitera. Ahubwo «Yehova ari hafi y’abamwambaza bose.» (Zaburi 145:18) Igihe umuhanuzi Daniyeli yasaba Yehova ngo amufashe, umumarayika yaserutse Daniyeli ataraheza no gusenga! (Daniyeli 9:20-23) Nta na kimwe gishobora kubuza Yehova gufasha abo akunda no kubakomeza.​—Zaburi 118:6.

Mbega ububasha bw’Imana bwoba butuma tudashobora kuyegera?

17. Ni mu buryo nyabaki ububasha bwa Yehova butuma tumutinya, mugabo ni mu buryo ubuhe tudakwiye gutinya?

17 Mbega ububasha bw’Imana bwoba bukwiye gutuma tuyitinya? Twokwishura ego na oya. Twokwishura ego kubera ko dukwiye kwubaha Imana mu buryo bugera kure nk’uko twabibonye muri make mu kigabane c’imbere y’iki. Bibiliya itubwira yuko ugutinya mwene ukwo ari «yo ntango y’ubukerebutsi.» (Zaburi 111:10) Ku rundi ruhande ntidukwiye gutinya, kubera ko ububasha bwiwe budakwiye gutuma tumutinya canke ngo dutinye kumwiyegereza.

18. (a) Ni kubera iki benshi batizigira abantu bari n’ububasha? (b) Tuzi dute yuko Yehova adashobora kwononwa n’ububasha bwiwe?

18 Mu 1887, umutohozakahise w’Umwongereza Lord Acton yanditse ati: «Ububasha burakunda kwonona, kandi ububasha ntayegayezwa buronona mu buryo ntangere.» Amajambo yiwe yarasubiwemwo kenshi, kumbure kubera yuko abantu benshi cane babona ko ari ukuri kwuzuye. Akenshi abantu b’abanyagasembwa bamye bakoresha nabi ububasha, nk’uko kahise kagiye karavyerekana incuro n’izindi. (Umusiguzi 4:1; 8:9) Kubera iyo mvo, benshi ntibizigira abari n’ububasha, ahubwo babaca kure. Yehova we ni gute? Yehova ari n’ububasha ntayegayezwa. Bwoba bwaratumye yononekara mu buryo na bumwe? Nta na gato! Nk’uko twabibonye, ni mweranda, nta kintu na kimwe comwonona. Yehova ntameze nk’abagabo n’abagore b’abanyagasembwa bari n’ububasha muri iyi si yononekaye. Ntiyigeze akoresha nabi ububasha bwiwe, kandi ntazokwigera abukoresha nabi.

19, 20. (a) Ni izindi kamere izihe Yehova yama yisunga mu gukoresha ububasha bwiwe, kandi ni kubera iki ivyo bidusubiriza umutima mu nda? (b) Ni akarorero akahe wotanga mu gusigura ukwigumya kwa Yehova, kandi ni kubera iki ivyo bigukwegera?

19 Ibuka yuko ububasha atari yo kamere yonyene ya Yehova. Dutegerezwa kandi kwiga ubutungane bwiwe, ubukerebutsi bwiwe n’urukundo rwiwe. Mugabo ntidukwiye kwiyumvira ko Yehova agaragaza kamere imwimwe ukwayo. Ahubwo, mu bigabane bikurikira tuzobona yuko Yehova yama akoresha ububasha bwiwe mu buryo buhuje n’ubutungane bwiwe, ubukerebutsi bwiwe, be n’urukundo rwiwe. Zirikana ku vyerekeye iyindi kamere Imana ifise, kamere y’imbonekarimwe ku bategetsi bo mw’isi. Iyo na yo akaba ari ukwigumya.

20 Niwihe ishusho uhuye n’umugabo munini cane kandi ari n’ububasha ku buryo wumva ujugumiye, ariko rero mu nyuma ukabona yuko afise umutima mwiza. Yama yiteguye, kandi arashashaye gukoresha ububasha bwiwe kugira ngo afashe abantu yongere abakingire, canecane abatagira gitabara n’abakunze kugirirwa nabi. Ntiyigera akoresha nabi inkomezi ziwe. Uramubona ariko aratukwa ahorwa ubusa, yamara akaguma atekanye mugabo ashikamye kandi akagumana ubuntu. Uribaza nimba woshobora kugaragaza umutima mwiza nk’uwo n’ukwigumya nk’ukwo, na canecane mu gihe woba wari ukomeye nk’uwo mugabo! None mu gihe ushitse ku kumenya mwene uwo mugabo, ntiwotangura kwumva ushatse kumwiyegereza? Turi n’imvo ihambaye kuruta yotuma twiyegereza Mushoboravyose Yehova. Rimbura iryungane ryose umutwe w’iki kigabane ushimikiyeko ari ryo ry’iri: «Yehova ateba gushavura kandi afise ububasha bwinshi.» (Nahumu 1:3) Yehova ntiyihutira gukoresha ububasha bwiwe kugira arwanye abantu, naho baba ari ababisha. Ariyoroheje kandi ni umunyabuntu. Yaragaragaje yuko «ateba gushavura» naho yagiye arasomborotswa kenshi.​—Zaburi 78:37-41.

21. Ni kubera iki Yehova yirinda guhatira abantu ku gukora ivyo agomba, kandi ivyo bitwigisha iki ku bimwerekeye?

21 Rimbura ukwigumya kwa Yehova mu bundi buryo. Iyo uza kuba wari ufise ububasha ntangere, vyoba vyoshika ukagira agatima ko guhatira abantu gukora ibintu nk’uko uvyipfuza? Yehova, n’ububasha bwose tuzi afise, ntahatira abantu kumukorera. Naho nyene gukorera Imana ari bwo buryo rudende bujana mu buzima budahera, Yehova ntaduhatira kuri ico gikorwa. Ahubwo, abigiranye ubuntu araha umwumwe wese umwidegemvyo wo guhitamwo. Aratugabisha ku vyerekeye ingaruka zo guhitamwo nabi akanavuga impera ziva ku guhitamwo neza. Mugabo aratureka tukihitiramwo. (Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20) Tubivuze mu buryo butomoye, Yehova ntashimishwa n’umurimo uranguwe ku gahato canke ku gutinya birenze urugero ububasha bwiwe buteye akoba. Arondera abipfuza kumukorera n’umutima ukunze, babitumwe n’urukundo.​—2 Abakorinto 9:7.

22, 23. (a) Ni igiki kigaragaza yuko Yehova ahimbarwa no guha ububasha abandi? (b) Mu kigabane gikurikira tuza kurimbura iki?

22 Reka twihweze imvo ya nyuma yotuma tutagirira ubwoba Imana Mushoboravyose. Abantu b’abanyabubasha bari n’impengamiro yo gutinya gusangira ububasha n’abandi. Ariko rero, Yehova arahimbarwa no guha ububasha abasavyi biwe b’intahemuka. Arashinga abandi ubukuru. Nk’akarorero, yarabuhaye Umwana wiwe. (Matayo 28:18) Yehova araha kandi ububasha abasavyi biwe mu bundi buryo. Bibiliya isigura iti: «Ubukuru n’ubushobozi n’ubwiza n’ubuninahazwa n’icubahiro ni ivyawe Yehova, kuko ibintu vyose mw’ijuru no kw’isi ari rwawe. . . . Mu kuboko kwawe hari ububasha n’ubushobozi, kandi urashobora gutuma umuntu uwo ari we wese aba uwuhambaye, ukamuha n’inkomezi.»​—1 Ngoma 29:11, 12.

23 Egome, Yehova azonezerezwa no kuguha inkomezi. Mbere araha «ububasha burengeye ubusanzwe» abashaka kumusukurira. (2 Abakorinto 4:7) None ntuca wumva ushaka kwiyegereza iyo Mana y’inkomezi, ikoresha ububasha bwayo muri mwene ubwo buryo bwiza kandi burangwa urukundo? Mu kigabane gikurikira, turaza kwibanda ku kuntu Yehova akoresha ububasha bwiwe mu kurema.

a Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «Mushoboravyose», urudome ku rundi risobanura «Umutware aganza vyose, afise ububasha bwose.»

b Bibiliya ivuga yuko “Yehova atari muri uwo muyaga, muri ukwo kunyiganyiga kw’isi, no muri uwo muriro.” Abasavyi ba Yehova ntibameze nk’abasenga imana zitabaho, ntibamuronderera mu nguvu z’ibidukikije. Arahambaye cane, ku buryo atoba mu kintu na kimwe yaremye.​—1 Abami 8:27.