Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 5

Ububasha bwo kurema bw’«Umuremyi w’ijuru n’isi»

Ububasha bwo kurema bw’«Umuremyi w’ijuru n’isi»

1, 2. Izuba rigaragaza gute ububasha Yehova afise bwo kurema?

 WOBA warigeze guhagarara hafi y’umuriro mw’ijoro ririmwo imbeho nyinshi? Kumbure wararamvuye ibiganza uvyegereza urubeya kugira ngo wumve ko wosusuruka. Mu gihe wari kuwegera cane, ubushuhe ntiwari kubukira. Mu gihe na ho wari kwigira inyuma cane, imbeho yo mw’ijoro mwari kwihurira, maze ukarushiriza gukanya.

2 Hariho «umuriro» udususurutsa ku murango. Uwo «muriro» wakira nko ku birometero imiliyoni 150 uvuye kw’isi! a Ese ukuntu izuba ritegerezwa kuba rifise ububasha bwinshi, kubera ko ushobora kwumva ubushuhe bwaryo kandi riri kure gutyo! Yamara, isi izunguruka iryo tanure ribengerana riteye akoba iri ku burebure bubereye. Mu gihe isi yoba yegereye cane izuba, amazi yose ari kuri yo yoca akama; mu gihe naho yoba iri kure cane yaryo, amazi yose yocika ibarafu. Umubumbe wacu uramutse wegereye cane izuba canke ukaja kure yaryo, aho hose vyotuma ata gifise ubuzima kirangwa kuri wo. Umuco w’izuba ntuhambaye gusa ku buzima bwo kw’isi, ariko kandi uratyoroye kandi ni ngirakamaro, tutibagiye yuko uri akaroruhore.​—Umusiguzi 11:7.

3. Izuba ritanga ikimenyamenya c’ukuri ukuhe guhambaye?

3 Naho ari ukwo, abantu benshi babona ko izuba ari ikintu gisanzwe, naho nyene ritariho batoshobora kubaho. Kubera ico, barahomba ico izuba rishobora kutwigisha. Bibiliya ivuga ku vyerekeye Yehova iti: «Ni wewe waremye umuco n’izuba.» (Zaburi 74:16) Egome, izuba rirahesha icubahiro Yehova, «Umuremyi w’ijuru n’isi.» (Zaburi 19:1; 146:6) Ni kimwe gusa mu bisyo bidaharurwa vyo mu kirere bitwigisha ivyerekeye ububasha bwo kurema bwinshi Yehova afise. Reka dusuzume twitonze bimwebimwe muri ivyo bisyo vyo mu kirere maze duheze duhindukirize ivyiyumviro kw’isi be no ku buzima buri kuri yo.

Yehova ni we “yaremye umuco n’izuba”

«Nimuraramure amaso murabe kw’ijuru»

4, 5. Izuba rifise ububasha bungana iki kandi ringana gute, yamara ringana iki urigereranije n’ibindi binyenyeri?

4 Nk’uko ushobora kuba ubizi, izuba ryacu ni ikinyenyeri. Riboneka yuko ari rinini kuruta inyenyeri tubona mw’ijoro kubera yuko ritwegereye kuziruta. Rifise ububasha bungana iki? Mu ntimatima yaryo, harashushe kugeza ku bipimo vy’ubushuhe vya dogere 15.000.000. Mu gihe wofata akantu isase ukuye mu ntimatima y’izuba maze ukagashira ng’aha kw’isi, ntiwoshobora guhagarara ku birometero 140 uvuye kuri ako kantu isase gashushe ngo ugende udahiye! Uko isegunda rihera, izuba rirekura inguvu z’ubushuhe zingana n’izorekurwa haturitse amabombe ruhonyanganda amamiliyoni amajana n’amajana.

5 Izuba ni rinini cane ku buryo rishobora gukwirwamwo imibumbe 1.300.000 inganangana n’iyi si yacu. None izuba ryoba ari ikinyenyeri kinini bidasanzwe? Oyaye, na kare abanyasiyansi baryita ikinyenyeri c’umuhondo kigereranye. Intumwa Pawulo yanditse yuko «inyenyeri imwe yose ifise ubwiza butandukanye n’ubw’iyindi.» (1 Abakorinto 15:41) Ashobora kuba atari azi ukuntu ayo majambo yahumetswe ari ay’ukuri. Hariho ikinyenyeri kinini cane ku buryo mu gihe coshirwa mu kibanza izuba ririmwo, isi yacu yoca iba imbere muri co. Ikindi kinyenyeri amahero na co nyene gishizwe mu kibanza izuba ririmwo, ubunini bwaco bwoshikira aho umubumbe witwa Saturne uri. Uyo mubumbe uri kure cane y’isi ku buryo ikigendajuru kinyaruka incuro 40 kuruta urusoro rurashwe n’inkoho ikomeye, comara imyaka ine kugira kiwushikire!

6. Bibiliya igaragaza gute yuko ku muntu, igitigiri c’inyenyeri ari kinini cane?

6 Ikindi giteye akoba cane kuruta ubunini bw’inyenyeri ni igitigiri cazo. Kukaba nkako, Bibiliya ivuga yuko inyenyeri zidaharurwa, ko zigoye iharura nk’«umusenyi wo ku kiyaga.» (Yeremiya 33:22) Aya majambo ashaka kuvuga yuko hariho inyenyeri nyinshi cane kuruta izo amaso ashobora kubona umuntu atarabiye muri vya vyuma bita rugagamisha. Nakare, nimba umwanditsi wa Bibiliya nka Yeremiya yararangamije akaraba mu kirere mw’ijoro, maze akagerageza guharura inyenyeri ziboneka, yoba gusa yaraharuye nk’inyenyeri ibihumbi bitatu. Ivyo ni kubera yuko ico ari co gitigiri umuntu ashobora kubona mw’ijoro ry’umwiza mu gihe ata cuma kigagamisha akoresheje. Ico gitigiri coshobora kugereranywa n’igitigiri c’udutete tw’umusenyi wuzuye ikiganza gusa. Ariko rero, mu vy’ukuri igitigiri c’inyenyeri kirasiga ubwenge, cokimwe n’umusenyi wo ku kiyaga. b Ni nde yoharura igitigiri nk’ico?

“Zose azihamagara mu mazina yazo”

7. Abanyasiyansi biyumvira iki ku bijanye n’igitigiri c’inyenyeri ziri mu kigwi cacu c’inyenyeri citwa Nzira Nyamweru canke igitigiri c’ibigwi vy’inyenyeri biri mu kirere?

7 Muri Yesaya 40:26 hishura hati: «Nimuraramure amaso murabe kw’ijuru. Ni nde yaremye ivyo bintu? Ni Umwe asohora ingabo zavyo ku gitigiri. Zose azihamagara mu mazina yazo.» Zaburi 147:4 igira iti: «Aharura igitigiri c’inyenyeri.» None “inyenyeri zingana” gute? Ico si ikibazo coroshe. Abanyasiyansi bagereranije yuko hariho inyenyeri zirenga amamiliyaridi 100 mu kigwi cacu c’inyenyeri citwa Nzira Nyamweru conyene. c Bamwebamwe bavuga ko zirenga ng’aho kure n’iyo. Mugabo iyo Nzira Nyamweru ni ikigwi kimwe gusa mu bindi bigwibigwi vyinshi, kandi vyinshi muri ivyo birimwo igifyo c’inyenyeri ziruta mbere uwu turimwo. None hariho ibigwibigwi vy’inyenyeri bingahe? Abanyasiyansi biyumvira ko hari ibishika amamiliyaridi amajana n’amajana, mbere amamiliyaridi ibihumbi. Biboneka ko umuntu adashobora mbere no kumenya igitigiri c’ibigwibigwi vy’inyenyeri, tutavuze igitigiri nyaco c’inyenyeri zose amamiliyaridi ziri muri ivyo bigwibigwi. Yamara, Yehova ico gitigiri arakizi. N’ikindi kandi, araha inyenyeri yose izina ryayo bwite!

8. (a) Wosigura gute ukuntu ca kigwi c’inyenyeri citwa Nzira Nyamweru kingana? (b) Ni ubuhe buryo Yehova akoresha mu gushinga ingendo z’ibisyo vyo mw’ijuru?

8 Akoba tumufitiye karashobora kwongerekana igihe twihweje ukuntu ibigwibigwi vy’inyenyeri bingana mu bwaguke. Ca kigwi citwa Nzira Nyamweru vyagereranijwe ko gipima ibirometero vyababa imiliyaridi 95.000.000 vy’ukujabuka. Niwihe ishusho y’uko umuco ugenda ibirometero 300.000 kw’isegunda. Vyowusaba imyaka 100.000 kugira ngo ujabuke nya kigwi c’inyenyeri! Kandi ibigwi bimwebimwe vy’inyenyeri biraruta incuro nyinshi iki kigwi cacu. Bibiliya ivuga yuko Yehova asanzura «ijuru» ryagutse nk’aho yoba ari impuzu isanzwe. (Zaburi 104:2) Aranashira ku rutonde ingendo z’ivyo biremwa. Kuva ku gakungugu isase ko mu birere biri hagati y’inyenyeri gushika ku kigwi c’inyenyeri kinini kuruta ibindi, ikintu cose kigenda gikurikiza amategeko agenga ibiriho yashinzwe n’Imana akongera agakoreshwa na yo. (Yobu 38:31-33) Ni co gituma abanyasiyansi basanishije ukwo kuntu ibisyo vyo mu kirere bigenda bidata inzira yavyo n’abatamvyi bagira ku mugere umwe! Iyumvire rero uwaremye ivyo bintu. None ntuterwa akoba n’Imana ifise ubwo bubasha bwinshi bwo kurema?

«Ni we yaremye isi akoresheje ububasha bwiwe»

9, 10. Ububasha bwa Yehova bugaragarira gute ku kibanza yashizemwo izuba tubona n’imibumbe irikikuje, umubumbe witwa Jupiter, isi hamwe n’ukwezi?

9 Ububasha bwo kurema Yehova afise bubonekera kuri iyi si tubayeko. Yateretse isi muri iki kirere kingana amahanga mu kibanza yagenye avyitondeye. Abanyasiyansi bamwebamwe baremera yuko mu bigwibigwi vy’inyenyeri vyinshi ata mubumbe uriko ubuzima nk’uyu wacu ushobora kubayo. Biboneka yuko igice kinini c’iki kigwi c’inyenyeri turimwo citwa Nzira Nyamweru, kitateguriwe kubamwo ibinyabuzima. Hagati muri ico kigwi c’inyenyeri huzuyemwo inyenyeri. Harashushe cane, kandi inyenyeri zirakunda guhakwa gusekana. Amaja ku mpera y’ico kigwi c’inyenyeri, ibintu nyamukuru bikenewe kugira ngo habeho ibinyabuzima nta biriyo. Iri zuba ryacu n’imibumbe irizunguruka biri ahantu izo ngorane zose zitari.

10 Isi irungukira ku kintu kiyikingira kiri kure mugabo kikaba ari kinini cane. Ni umubumbe witwa Jupiter. Uwo mubumbe witwa Jupiter uraruta isi incuro zirenga igihumbi, ukaba ufise ububasha bukomeye bwo gukwega ibintu nk’isumako. Ivyo bigira ingaruka nyabaki? Uwo mubumbe urakwega canke ugakevya ibintu binyuragirana mu kirere. Abanyasiyansi baharura yuko iyo uwo mubumbe utaza kuba uriho, kw’isi hotibagurikiye ibintu vy’ingeramizi biruta incuro 10.000 ibihatibagurikira muri iki gihe. Isi yacu irungukira ku mubumbe udasanzwe utwegereye kuruta, uwo na wo akaba ari ukwezi. Ukwezi si ikintu gusa c’ubwiza kandi gitanga umuco mw’ijoro. Utuma isi iguma ihengamye mu buryo budahinduka. Ukwo guhengama gutuma ibihe vy’ikirere bidahindagurika kw’isi, ico kikaba ari ikindi kintu gihambaye kandi ngirakamaro ku buzima bwo ng’aha kw’isi.

11. Ikirere c’isi gihinguwe gute ku buryo gikora bwa nkinzo idukingira?

11 Ububasha bwo kurema Yehova afise buragaragara mu mice yose y’ukuntu isi yaremwe. Rimbura ikirere gikora bwa nkinzo idukingira. Izuba rirarungika imishwarara ngirakamaro n’imishwarara ishobora kwica. Igihe iyo mishwarara ishobora kwica ikubise ku gisenge c’isi kiri amaja hejuru hayo, ituma umwuka usanzwe uhumekwa (oxygène) uhinduka umwuka witwa ozone. Uwo mwuka na wo uca uyongobeza myinshi muri iyo mishwarara. Mu vy’ukuri, umubumbe wacu wahinguranywe umutaka wawo bwite uwukingira!

12. Inzinguzingu y’amazi ica mu kirere, igaragaza gute ububasha bwo kurema Yehova afise?

12 Uwo ni umuce umwe gusa w’ikirere cacu. Ni ahantu h’uruvange rw’imyuka rubereye kugira ngo rubungabunge ibiremwa biba kw’isi canke mu micungararo yayo. Mu bintu bitangaje vy’ikirere harimwo inzinguzingu y’amazi. Ku mwaka ku mwaka, izuba riduza amazi y’amabahari n’ay’ibiyaga arenga amalitiro imiliyaridi 400.000.000, ribanje kuyahindura umwuka. Ayo mazi arahinduka ibicu, ibijanwa irya n’ino n’imiyaga yo mu kirere. Ico gihe ayo mazi aba yamiminywe kandi ari umusarara, aragwa mu buryo bw’imvura, shelegi canke urubura, tugasubira kuronka amazi. Ni nk’uko nyene mu Musiguzi 1:7 havuga. Hagira hati: «Inzuzi zose zitembera mu kiyaga, ariko ikiyaga nticuzura. Ahantu zitemba ziva ni ho zisubira kugira zongere gutemba.» Yehova wenyene ni we yashoboye gutanguza inzinguzingu mwene iyo.

13. Ni ikimenyamenya nyabaki c’ububasha bw’Umuremyi tubonera mu bimera vyo kw’isi hamwe no mu butaka bwayo?

13 Ahantu hose tubona ubuzima, turabona ikimenyamenya c’ububasha bw’Umuremyi. Ububasha bwo kurema Yehova afise, dutangura kububonera ku giti c’inganzamarumbu citwa Séquoia, kirekire gusumba inyubakwa z’amagorofa 30, no gushika ku tumera tudashobora kubonwa n’amaso yacu twuzuye mu biyaga kandi tukaba ari two dutanga mwinshi mu mwuka duhema. Ubutaka ubwabwo bwuzuyemwo utunyabuzima twinshi. Nk’akarorero udusiba, ifira n’imikorobo, vyose bikorera hamwe mu buryo buhambaye bufasha ibimera gukura.

14. Ni inguvu zitibonekeza izihe ziri mbere no muri atome ingana urwara?

14 Nta wokekeranya ko Yehova ari «we yaremye isi akoresheje ububasha bwiwe.» (Yeremiya 10:12) Ububasha bw’Imana buragaragarira mbere no mu biremwa vyayo bitobito kuruta ibindi. Nk’akarorero, ufashe twa duhimba inzatsa twitwa atome umuliyoni, ukaza urafata kamwe ugashira iruhande y’akandi, ntitwokwuzuza ahantu hangana n’intimbatimba y’agashatsi k’umuntu. Naho nyene atome yorehurwa ikareha n’inyubakwa y’amagorofa 14, agace kagize intimatima yayo kongana gusa n’agatete k’umunyu kari mw’igorofa igira indwi y’iyo nyubakwa. Yamara, ako kantu ide kari mu ntimatima ya atome imwe, ni ko karekura inguvu ziteye ubwoba igihe igikoresho ruhonyanganda gituritse!

«Igihumeka cose»

15. Mu kuvuga ivyerekeye ibikoko vyo mw’ishamba bitandukanye, ni icigwa nyabaki Yehova yahaye Yobu?

15 Ikindi kimenyamenya gihambaye c’ububasha bwo kurema Yehova afise tugisanga mu bikoko vyinshi vyo kw’isi. Muri Zaburi 148 haradondagura vyinshi mu bintu bishemeza Yehova, maze ku murongo wa 10 hagashiramwo n’ibikoko hati: «Yemwe bikoko vyo mw’ishamba namwe bitungwa mwese.» Kugira ngo Yehova yerekane igituma umuntu akwiye kumugirira akoba we Muremyi, igihe kimwe yabwiye Yobu ivyerekeye mwene ibi bikoko nk’intambwe, indogobwa, ishuri yo mw’ishamba, Behemoti (canke imvubu) hamwe na Lewiyatani (bishoboka ko ari ingona). Yehova yashaka guserura iki? Nimba umuntu aterwa akoba n’ivyo biremwa bifise inkomezi, bitinyitse vyongeye bidashobora gutungwa, akwiye kwiyumva gute ku vyerekeye Umuremyi wavyo?​—Yobu, ikigabane ca 38-41.

16. Ni ibiki bigutangaza ku vyerekeye zimwezimwe mu nyoni Yehova yaremye?

16 Muri Zaburi 148:10 haravuga kandi «inyoni.» Niwiyumvire gatoya ku bwoko butandukanye bwazo! Yehova yabwiye Yobu ivyerekeye ikinyoni citwa imbuni, «[igitwenga] ifarasi n’uwuyigenderako.» Mu vy’ukuri, ico kinyoni kireha n’imetero 2 n’igice naho kitaguruka, kirashobora kwiruka ibirometero 65 kw’isaha, mu kuza kiratera intambwe y’imetero 4 n’igice! (Yobu 39:13, 18) Ku rundi ruhande, ikinyoni kimwe co mu bwoko bw’ivyaruzi citwa albatros, umwanya munini mu buzima bwaco, kiba kiri mu kirere hejuru y’ibiyaga. Amababa yose y’ico kinyoni ashanje, ashika ku metero 3. Kirashobora kuduga hejuru cane amasaha n’amasaha kidakubita amababa. Umununi wo urahushanye cane n’ico kinyoni. Mu bwoko bw’iminuni, mutoyi muri yo ureha n’isantimetero 5 gusa, akaba ari yo nyoni ntoya kuruta izindi kw’isi. Mw’isegunda ushobora gukubita amababa incuro zishika kuri 80! Iminuni, iyikayangana nk’utubuyenge twaronse amababa, irashobora guhagarara mu kirere nka kajugujugu mbere ikanaguruka isubira inyuma.

17. Ikimizi bita ko ari ic’ubururu kingana gute, kandi ni iciyumviro ikihe dukwiye gushikako tumaze kwihweza ibikoko Yehova yaremye?

17 Muri Zaburi 148:7 havuga mbere yuko n’“ibiremwa vyo mu mazi” bishemeza Yehova. Rimbura igikoko abantu kenshi biyumvira ko ari co kinini kuruta ibikoko vyose vyigeze kuba kuri uyu mubumbe. Ico gikoko ni igifi c’ikimizi bita ko ari ic’ubururu (Baleine bleue). Ico gifi amahero kiba “mu mabenga y’amazi” gishobora gushikana uburebure bw’imetero 30 canke zirenga. Gishobora gupima ibiro bingana n’ivy’inzovu 30 zikuze. Ururimi rwaco rwonyene runganya uburemere n’inzovu imwe. Umutima waco ungana n’akaduga gatoyi. Umutima waco utera incuro 9 zonyene mu munuta, ivyo bikaba bihushanye n’umutima w’umununi, uwushobora gutera incuro nka 1.200 mu munuta. N’imiburiburi umwe mu mitsi itwara amaraso y’ico kimizi uragutse cane ku buryo umwana yoshobora kuwucamwo. Nta mazinda yuko imitima yacu idusunikira ku gusamiriza ivyo igitabu ca Zaburi gihimiriza kigira iti: «Igihumeka cose nigishemeze Yehova!»​—Zaburi 150:6.

Nimuze twigire ku bubasha bwo kurema Yehova afise

18, 19. Ibinyabuzima Yehova yaremeye kw’isi bitandukanye ku rugero rungana iki, kandi ivyaremwe bitwigisha iki ku vyerekeye ubusegaba bwiwe?

18 Twigira iki ku kuntu Yehova akoresha ububasha bwiwe bwo kurema? Turaterwa akoba n’ukuntu ivyaremwe bitandukanye. Hari umwanditsi wa Zaburi umwe yikuguye ati: «Ewe Yehova, ese ukuntu ibikorwa vyawe ari vyinshi! . . . Isi yuzuye ivyo waremye.» (Zaburi 104:24) Ese ukuntu ari ivy’ukuri! Abahinga mu vyerekeye ibinyabuzima batoye ko kw’isi hariho ubwoko burenga umuliyoni bw’ibinyabuzima; yamara, hari abiyumvira ko hashobora kuba hari vyinshi kuruta ivyo. Umuhinguzi w’utugenegene ashobora gusanga rimwe na rimwe abura ibintu bishasha yokwubura. Kuri Yehova we si ukwo biri. Biboneka yuko ubushobozi bwiwe bwo kwubura ibintu, ni ukuvuga ububasha bwiwe bwo kwubura no kurema ibintu bishasha kandi bitandukanye butigera buhera.

19 Ukuntu Yehova akoresha ububasha bwiwe bwo kurema, kuratwigisha ku vyerekeye ubusegaba bwiwe. Iryo jambo ubwaryo «Umuremyi», riratandukanya Yehova n’ikindi kintu ico ari co cose mu biriho vyose, vyose bikaba ari «ibiremwa.» Mbere n’Umwana w’ikinege wa Yehova, uwakoze bwa «mukozi w’umuhanga» mu gihe c’irema, muri Bibiliya ntiyigera na rimwe yitwa Umuremyi canke umufasha w’Umuremyi. (Imigani 8:30; Matayo 19:4) Ahubwo ni «imfura mu vyaremwe vyose.» (Abakolosayi 1:15) Ikibanza Yehova afise co kuba Umuremyi kiratuma agira uburenganzira ntayegayezwa bwo gukoresha ububasha ntangere bwiwe ku biriho vyose.​—Abaroma 1:20; Ivyahishuwe 4:11.

20. Ni mu buryo nyabaki Yehova yaruhutse kuva aho amariye kurema ibintu vyo kw’isi?

20 Mbega Yehova yoba yarahagaritse gukoresha ububasha bwiwe bwo kurema? Bibiliya ivuga yuko igihe Yehova yaheza igikorwa ciwe co kurema ku musi ugira gatandatu w’irema, “ku musi ugira indwi yatanguye kuruhuka igikorwa cose yari yakoze.” (Itanguriro 2:2) Intumwa Pawulo yerekanye yuko uwo «musi» ugira indwi umara imyaka ibihumbi n’ibihumbi, kubera yuko wari ukibandanya mu gihe ciwe. (Abaheburayo 4:3-6) Ariko none, ukwo «kuruhuka» vyoba bisigura yuko Yehova ata kintu na kimwe yari agikora? Oyaye, Yehova ntiyigera na rimwe ahagarika gukora. (Zaburi 92:4; Yohani 5:17) Rero, akaruhuko kiwe gategerezwa kuba gashaka kuvuga gusa ko yahagaritse igikorwa ciwe co kurema ibintu biboneka kw’isi. Ariko rero, igikorwa ciwe co gutuma imigambi yiwe iranguka, carabandanije ata guhagarara. Muri ico gikorwa yarahumetse n’Ivyanditswe Vyeranda. Igikorwa ciwe caragiyemwo mbere n’ugutanguza «ikiremwa gishasha», ico kikazokwihwezwa mu kigabane ca 19.​—2 Abakorinto 5:17.

21. Ububasha bwo kurema Yehova afise buzogira ico bukoze gute ku bantu b’abizigirwa ibihe bidahera?

21 Umusi w’akaruhuko wa Yehova amaherezo niwarangira, azoshobora gutangaza yuko ibikorwa vyiwe vyose vyo kw’isi ari «vyiza cane» nk’uko yabigize aho ya misi itandatu y’irema irangiriye. (Itanguriro 1:31) Nta wuramenya uburyo ashobora kuzohitamwo gukoresha ububasha bwiwe ntangere mu nyuma. Uko bimeze kwose, turashobora guhera amazinda yuko tuzobandanya gukwegerwa n’ukuntu Yehova akoresha ububasha bwiwe bwo kurema. Mu bihe bidahera vyose tuzokwiga vyinshi ku vyerekeye Yehova biciye ku biremwa vyiwe. (Umusiguzi 3:11) Uko tuzorushiriza kwiga ibimwerekeye, ni ko ugutinya kwacu kuzorushiriza gushika kure, kandi ni ko tuzorushiriza kwiyegereza Umuremyi wacu Ahambaye.

a Kugira ngo wumve neza ico gitigiri kinini, niwiyumvire ibi: Kugira ngo ako karere ukagende n’umuduga, mu gihe uwo muduga woba ugenda ibirometero 160 kw’isaha, ukagenda amasaha 24 ku musi, wokoresha imyaka irenga ijana!

b Bamwebamwe biyumvira yuko aba kera mu bihe vya Bibiliya bategerezwa kuba barakoresheje ubwoko bwa kera bw’icuma ca rugagamisha. Abantu bavuga gutyo kubera bibaza bati: «Hari ukundi abantu bo muri ivyo bihe bari gushobora kumenya yuko igitigiri c’inyenyeri ari kinini cane, ku buryo umuntu atoziharura?» Ivyo bintu bibaza bidafise ishingiro, ntibiha icubahiro Yehova canke ngo bimutere iteka, we Soko rya Bibiliya.​—2 Timoteyo 3:16.

c Rimbura igihe wokoresha kugira ngo uharure inyenyeri imiliyaridi 100 zonyene. Mu gihe woba ushoboye guharura inyenyeri imwe uko isegunda irenze vyongeye ukaguma uharura amasaha 24 ku musi, wokoresha imyaka 3.171!