Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 6

Ububasha bwo gusangangura​—«Yehova ni umurwanyi akomeye»

Ububasha bwo gusangangura​—«Yehova ni umurwanyi akomeye»

1-3. (a) Ni ingeramizi iyihe Abisirayeli bahanganye bagira bashikirwe n’Abanyamisiri? (b) Yehova yarwaniye gute ihanga ryiwe?

 ABISIRAYELI baraguye mu mutego. Bari bugaraniwe hagati y’imisozi y’ibitandara vy’amabuye batashobora kurengana be n’ikiyaga batashobora kujabuka. Ingabo z’Abanyamisiri, izari zimeze nk’ikimashini cica kitagira ikibabarwe, zari zabomye inyuma zishavuye, ziyemeje kubaherengeteza. a Ariko rero, Musa yararemesheje abasavyi b’Imana ngo ntibatakaze icizigiro. Yabakuye amazinda ati: «Yehova ubwiwe ni we aza kubarwanira.»​—Kuvayo 14:14.

2 Naho vyari bimeze gutyo, biboneka ko Musa yatakambiye Yehova, maze yishura ati: «Kubera iki uguma undirira? . . .  Duza inkoni yawe, uramvurire ukuboko hejuru y’ikiyaga ugicemwo kubiri.» (Kuvayo 14:15, 16) Niwihe ishusho y’ibintu bigira bibe. Yehova arayoboye umumarayika buno nyene, maze ya nkingi y’igicu iciye igenda igahagarara inyuma y’Abisirayeli, kumbure igaca yigaranzura ikamera nk’uruhome, ikazibira Abanyamisiri baje kugaba igitero. (Kuvayo 14:19, 20; Zaburi 105:39) Musa araramvura ukuboko, hagaca hahuhuta umuyaga ukomeye, ca kiyaga kikigaburamwo kubiri. Hari ukuntu ayo mazi aciye aba nk’ibarafu maze agahagarara nk’ibihome, hakaboneka inzira yagutse bihagije iryo hanga ryose ricamwo!​—Kuvayo 14:21; 15:8.

3 Igihe Farawo yabona ivyo bitangaro vy’ububasha, yari akwiye gutegeka ingabo ziwe gusubira inyuma. Aho kubigira, uwo munyabwibone Farawo yategetse ko babatera. (Kuvayo 14:23) Abanyamisiri bitereye mu kiyaga ngo barabakurikiye, buno nyene igitero cabo gica gihinduka ubusa kubera amakurudumu y’imikogote yabo atanguye kuvako. Abisirayeli bamaze gushika ku yindi nkombe badora, Yehova ategeka Musa ati: «Ramvurira ukuboko hejuru y’ikiyaga, kugira amazi ateranire ku Banyamisiri, ku mikogote yabo no ku basoda babo barwanira ku mafarasi.» Vya bihome vy’amazi birahomvoka, bigatuma Farawo n’ingabo ziwe basoma nturi!​—Kuvayo 14:24-28; Zaburi 136:15.

4. (a) Yehova yagaragaje ko ari iki ku Kiyaga Gitukura? (b) Bamwebamwe bashobora kwakira gute ukwo kuntu Yehova adondorwa?

4 Ukwo kurokoka kw’ihanga rya Isirayeli ku Kiyaga Gitukura cari ikintu gitangaje muri kahise k’ivyo Imana yagiranye n’abantu. Ng’aho Yehova yarigaragaje ko ari «umurwanyi akomeye.» (Kuvayo 15:3) Ariko none, wewe wakira gute ukwo kuntu Yehova adondorwa? Tuvugishije ukuri, intambara yarateje abantu umubabaro mwinshi n’amagorwa menshi. Ukuntu Imana ikoresha ububasha bwo gusangangura vyoba bisa nk’aho birushiriza kuguca intege aho kugusunikira ku kuyiyegereza?

Ku kiyaga Gitukura, Yehova yarigaragaje ko ari «umurwanyi akomeye»

Intambara z’Imana zirahushanye n’intambara z’abantu

5, 6. (a) Ni kubera iki bibereye ko Imana yitwa «Yehova Nyeningabo»? (b) Intambara z’Imana zitandukanye gute n’intambara z’abantu?

5 Incuro nk’amajana abiri na mirongo itandatu mu Vyanditswe vy’igiheburayo n’izishika kuri zibiri mu Vyanditswe vy’ikigiriki, Imana ihabwa izina ry’icubahiro ari ryo «Yehova Nyeningabo.» (1 Samweli 1:11) Kubera ko Yehova ari Umutware Segaba, ategeka ingabo nyinshi cane z’abamarayika. (Yosuwa 5:13-15; 1 Abami 22:19) Ubushobozi bwo gusangangura izo ngabo zifise burateye akoba. (Yesaya 37:36) Ntibiteye umunezero kuzirikana ku kuntu abantu basangangurwa. Ariko rero, dutegerezwa kwibuka yuko intambara z’Imana zitameze nk’amatati y’abantu ataco avuze. Indongozi zo mu vya gisirikare no mu vya politike zoshobora kugerageza kwerekana ko zifise imvo yumvikana ituma zirwana. Mugabo intambara z’abantu zama zirimwo umwina n’ubwikunzi.

6 Ibihushanye n’ivyo, Yehova we ntatwarwa n’ibishobisho. Mu Gusubira mu vyagezwe 32:4 havuga hati: «Ico Gitandara, igikorwa ciwe ntikigira akanenge, kuko inzira ziwe zose zigororotse. Ni Imana idahemuka, itigera irenganya, iragororotse kandi iratunganye.» Ijambo ry’Imana ririyamiriza ishavu ridacungerewe, ubwicanyi be n’ubukazi. (Itanguriro 49:7; Zaburi 11:5) Rero, Yehova ntiyigera na rimwe akora ibintu adafise impamvu ibimutumye. Arakoresha ububasha bwiwe bwo gusangangura abigiranye ukwiyubara kandi akabukoresha igihe ata bundi buryo buhari. Bimeze nka kumwe yavuga abicishije ku muhanuzi wiwe Ezekiyeli ati: «Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Mbega mugira ngo ndahimbarwa na gato n’uko umubisha apfa? Mugira sinshima ko yoheba ingeso ziwe akabandanya kubaho?”»​—Ezekiyeli 18:23.

7, 8. (a) Ni iciyumviro ikihe Yobu yiyumviriye yihenda ku vyerekeye imibabaro yiwe? (b) Elihu yakosoye gute ivyiyumviro Yobu yari afise muri ivyo? (c) Ni icigwa ikihe dushobora kwigira ku vyashikiye Yobu?

7 Ni kubera iki none Yehova akoresha ububasha bwo gusangangura? Imbere y’uko dutanga inyishu, twoshobora kwibuka wa mugabo w’umugororotsi Yobu. Shetani yarahaririye nimba mu vy’ukuri Yobu canke uwundi muntu uwo ari we wese yobandanya kuguma ari intahemuka mu gihe c’ikigeragezo. Yehova yishuye ivyo bihari mu kureka Shetani ngo agerageze ukudahemuka kwa Yobu. Vyatumye Yobu acumukuzwa n’indwara, atakaza ubutunzi yari afise yongera arabura abana biwe. (Yobu 1:1–2:8) Kubera yuko Yobu atari azi ivyo bintu, yarihenze mu kwiyumvira yuko imibabaro yarimwo cari igihano c’akarenganyo kivuye ku Mana. Yarabajije Imana igituma “imutumberezako imyampi yayo”, ni ukuvuga ikamugira «umwansi.»​—Yobu 7:20; 13:24.

8 Umusore umwe yitwa Elihu yarashize ahabona ikosa Yobu yagize mu kwiyumvira kwiwe, avuga ati: «Aho urabona neza ko uri mu kuri ku buryo uvuga ngo: “Ndagororotse kurusha Imana”?» (Yobu 35:2) Emwe, ntibiranga ubukerebutsi kwiyumvira yuko tuzi ikirushirije kuba ciza kurusha Imana, canke kwibwira yuko yoba yakoze ibintu mu buryo butabereye. Elihu yamenyesheje ati: «Kirazira ko Imana y’ukuri ikora ivy’ububisha, ko Mushoboravyose yokora ikibi!» Mu nyuma, yavuze ati: «Ntidushobora gutahura Mushoboravyose. Ububasha bwiwe burarenze, kandi ntiyigera agoreka ubutungane bwiwe n’ubugororotsi bwiwe bwinshi.» (Yobu 34:10; 36:22, 23; 37:23) Turashobora kudakeka yuko igihe Imana irwana, iba ibitumwe n’imvo nziza. Dufise ivyo mu muzirikanyi, nimuze twihweze zimwe mu mvo zituma rimwe na rimwe Imana y’amahoro irangura uruhara rw’umurwanyi.​—1 Abakorinto 14:33.

Igituma Imana y’amahoro ibwirizwa kurwana

9. Ni kubera iki Imana nyeranda irwana?

9 Musa ahejeje gushemeza Imana ko ari «umurwanyi akomeye», yatangaje ati: «Ni imana iyihe imeze nkawe ga Yehova? Ni nde ameze nkawe, wewe werekana ko uri mweranda bihebuje?» (Kuvayo 15:11) N’umuhanuzi Habakuki nyene yanditse ati: «Ufise amaso atyoroye rwose ku buryo utokwitegereza ikibi, kandi ntushobora kwirengagiza ububisha.» (Habakuki 1:13) Naho nyene Yehova ari Imana y’urukundo, ni Imana kandi y’ubweranda, ubugororotsi n’ubutungane. Rimwe na rimwe, izo kamere ziramusunikira ku gukoresha ububasha bwiwe bwo gusangangura. (Yesaya 59:15-19; Luka 18:7) Rero, Imana ntiyanduza ubweranda bwayo igihe irwana. Ahubwo irwana kubera ari nyeranda.​—Kuvayo 39:30.

10. Ni mu buryo bumwe gusa ubuhe urwanko rwabuwe mw’⁠Itanguriro 3:15 rwotorewe umuti, kandi ivyo vyozaniye ivyiza ibihe abantu b’abagororotsi?

10 Rimbura ibintu vyabaye wa mugabo n’umugore ba mbere ari bo Adamu na Eva bamaze kugarariza Imana. (Itanguriro 3:1-6) Iyo Yehova aza kurenza uruho rw’amazi ku kutagororoka kwabo, yari kuba atesheje agaciro ikibanza ciwe bwite co kuba Segaba w’ibiriho vyose. Kubera yuko yari Imana igororotse, vyabaye ngombwa ko abacira urwo gupfa. (Abaroma 6:23) Mu buhanuzi bwa mbere bwa Bibiliya, yabuye yuko hobaye urwanko hagati y’abasavyi biwe bwite n’abayoboke ba ya «nzoka», ari yo Shetani. (Ivyahishuwe 12:9; Itanguriro 3:15) Amaherezo, urwo rwanko rwari gutorerwa umuti biciye gusa ku gufyonyora Shetani. (Abaroma 16:20) Mugabo urwo rubanza rwotumye abantu b’abagororotsi baronka imihezagiro myinshi, isi igakurwako akosho ka Shetani, maze bigatuma umubumbe wose ucika iparadizo. (Matayo 19:28) Mu gihe ico gihe cobaye kitarashika, abari ku ruhande rwa Shetani bobandanije kubangamira ukumererwa neza kw’abasavyi b’Imana ku mubiri no mu vy’impwemu. Rimwe na rimwe, vyobaye ngombwa ko Yehova abatabara.

Imana irakora kugira ngo ikureho ububisha

11. Ni kubera iki Imana yabonye ko ikwiye kuzana umwuzure ku mubumbe wose?

11 Akarorero kamwe k’igihe vyasavye ko Yehova arwana ni igihe yateza Umwuzure mu gihe ca Nowa. Mw’Itanguriro 6:11, 12 hagira hati: «Isi yari yaramaze kwononekara imbere y’Imana, yari yuzuyemwo ububisha. Emwe, Imana yararavye kw’isi isanga yarononekaye. Ababa kuri yo bose bari bafise ingeso mbi.» None Imana yoba yari kureka ngo ababisha baherengeteze umuntu umwe rudende yigenza runtu yari asigaye kw’isi? Oyaye. Yehova yabonye ko ategerezwa kuzana umwuzure ku mubumbe wose kugira ngo aherengeteze kw’isi abari bafise impengamiro yo kugira ubukazi n’ubushegabo.

12. (a) Yehova yari yabuye iki ku vyerekeye «uruvyaro» rwa Aburahamu? (b) Ni kubera iki Abamori bategerezwa gusangangurwa?

12 Vyagenze nk’ukwo nyene igihe Imana yacira urubanza Abanyakanani. Yehova yahishuye yuko muri Aburahamu ari ho hovuye uruvyaro imiryango yose yo kw’isi yokwihesherejemwo umugisha. Mu buryo buhuje n’uwo mugambi, Imana yavuze yuko abakomoka kuri Aburahamu bohawe igihugu c’i Kanani, igihugu kibamwo abantu bitwa Abamori. None Imana yoshoboye gute kuvugwa ko igororotse mu kwomora ku nguvu ubwo bwoko mu gihugu cabwo? Yehova yari yavuze yuko ukwo kubomora kutoje hadaheze nk’imyaka 400, kugeza «igihe co guhana Abamori» kimaze “kugera.” b (Itanguriro 12:1-3; 13:14, 15; 15:13, 16; 22:18) Muri ico kiringo, Abamori barushirije kwisuka mu vyo kwigenza nabi. Kanani cacitse igihugu kirangwa no gusenga ibigirwamana, gusesa amaraso be n’ivyo guhuza ibitsina bishisha. (Kuvayo 23:24; 34:12, 13; Guharura 33:52) Mbere ababa muri ico gihugu baricira abana mu miriro yatangirwamwo ibimazi. None Imana nyeranda yoshoboye gushira abasavyi bayo muri mwene ubwo bubisha? Oyaye! Yamenyesheje iti: «Igihugu [kirahumanye]. Nzogihanira ikosa ryaco kandi kizodahwa abakibamwo.» (Abalewi 18:21-25) Ariko rero, Yehova mu kwica abo bantu ntiyabajaniranije. Abanyakanani bari bafise imero nziza y’umutima, nka Rahabu n’Abagibeyoni barakingiwe.​—Yosuwa 6:25; 9:3-27.

Ararwanira izina ryiwe

13, 14. (a) Ni kubera iki Yehova yategerezwa kweza izina ryiwe? (b) Yehova yakuye iceyi kw’izina ryiwe gute?

13 Kubera ko Yehova ari mweranda, izina ryiwe na ryo nyene ni ryeranda. (Abalewi 22:32) Yezu yarigishije abigishwa biwe gusenga bati: «Izina ryawe niryezwe.» (Matayo 6:9) Bwa bugarariji bwaduka muri Edeni bwatumye izina ry’Imana rihumana, bituma izina ryayo n’uburyo itegeka bikekeranywa. Yehova ntiyokwigeze arenza uruho rw’amazi kuri ico gitutsi no kuri ubwo bugarariji. Izina ryiwe yategerezwa kurikurako iceyi.​—Yesaya 48:11.

14 Nusubire wiyumvire Abisirayeli. Igihe bari bakiri abaja mu Misiri, umuhango Imana yari yahaye Aburahamu w’uko biciye ku ruvyaro rwiwe imiryango yose yo kw’isi yokwihesheje umugisha, wasa n’uwutoshoboka. Mugabo mu kubarokora no mu kubatunganya ngo babe ihanga, Yehova yarakuye iceyi kw’izina ryiwe. Ni co gituma umuhanuzi Daniyeli yasenze Imana ati: «Ewe Yehova Mana yacu, wewe wakuye abantu bawe mu Misiri ukoresheje ukuboko kwawe gukomeye kandi u[ri]hesha izina rihambaye.»​—Daniyeli 9:15.

15. Ni kubera iki Yehova yakuye Abayuda mu bunyagano i Babiloni?

15 Birashimishije kuba Daniyeli yasenze muri ubwo buryo mu gihe Abayuda bari bakeneye ko Yehova asubira kugira ico akoze ku bw’izina ryiwe. Abayuda bagambaraye baratwawe mu bunyagano, ico gihe na ho bakaba bari i Babiloni. Igisagara cabo bwite c’umurwa mukuru ari co Yeruzalemu casigaye ari amatongo. Daniyeli yari azi yuko gusubiza Abayuda mu gihugu cabo c’amavukiro vyotumye izina rya Yehova rininahazwa. Ni co gituma Daniyeli yasenze ati: «Ewe Yehova, nutubabarire! Ewe Yehova, nudutege ugutwi maze udufashe! Ewe Mana yanje, ntutebe ku bw’izina ryawe, kuko igisagara cawe n’abantu bawe vyitirirwa izina ryawe.»​—Daniyeli 9:18, 19.

Ararwanira abasavyi biwe

16. Sigura igituma ukuba Yehova yitwararika gukingira izina ryiwe bidasobanura yuko atagira inyiyumvo kandi ko atababara ivyiwe gusa.

16 Mbega ukuba Yehova yitwararika gukingira izina ryiwe vyoba bisobanura yuko atagira inyiyumvo be n’uko ababara ivyiwe gusa? Si uko biri kubera yuko mu kugira ibihuje n’ubweranda bwiwe hamwe n’ugukunda ubutungane, aba ariko akingira abasavyi biwe. Rimbura Itanguriro ikigabane ca 14. Ng’aho tuhasoma abami bane bagavye igitero bagenda batwaye umuhungwabo wa Aburahamu ari we Loti hamwe n’umuryango wiwe. Aburahamu afashijwe n’Imana, yaratsinze bimwe bitangaje ingabo nyinshi cane zikomeye! Inkuru y’iyo ntsinzi bishoboka ko ari yo ya mbere yanditswe mu «gitabu c’Intambara za Yehova», bikaba biboneka kandi ko ico gitabu cavuga intambara zimwezimwe z’igisoda zabaye zitanditswe muri Bibiliya. (Guharura 21:14) Izindi ntsinzi nyinshi zategerezwa gukurikira.

17. Ni igiki cerekana yuko Yehova yarwaniye Abisirayeli aho bamariye kwinjira mu gihugu c’i Kanani? Tanga uturorero.

17 Imbere gatoya yuko Abisirayeli binjira muri ca gihugu c’i Kanani, Musa yarabakuye amazinda ati: «Yehova Imana yanyu azogendera imbere yanyu kandi azobarwanira nk’uko mwavyiboneye mu Misiri.» (Gusubira mu vyagezwe 1:30; 20:1) Guhera kuri Yosuwa ari we yakurikiye Musa, kubandanya gushika ku kiringo c’Abacamanza be n’ukuganza kw’abami b’abizigirwa ba Yuda, Yehova yararwaniye vy’ukuri abasavyi biwe, atuma batsinda abansi babo bimwe bikomeye.​—Yosuwa 10:1-14; Abacamanza 4:12-17; 2 Samweli 5:17-21.

18. (a) Ni kubera iki twokenguruka kubona Yehova atahindutse? (b) Ni ibiki bizoba rwa rwanko rudondorwa mw’⁠Itanguriro 3:15 nirwashika ku gihe carwo c’agaheta?

18 Yehova ntiyahindutse; eka n’umugambi wiwe wo guhindura uyu mubumbe iparadizo irangwa amahoro na wo nyene ntiwahindutse. (Itanguriro 1:27, 28) Imana n’ubu iracanka ububisha. Muri ico gihe nyene, irakunda rwose abasavyi bayo kandi vuba izogira ico ikoze ku neza yabo. (Zaburi 11:7) Kukaba nkako, urwanko rwadondowe mw’⁠Itanguriro 3:15 vyitezwe yuko ruzoshika ku gihe carwo c’agaheta muri kazoza katari kure. Kugira ngo Yehova yeze izina ryiwe yongere akingire abasavyi biwe, azosubira kuba «umurwanyi akomeye»!​—Zekariya 14:3; Ivyahishuwe 16:14, 16.

19. (a) Tanga akarorero kerekana yuko uburyo Imana ikoresha ububasha bwo gusangangura bushobora gutuma tuyiyegereza. (b) Umutima ukunze Imana ifise wo kuturwanira ukwiye kugira ico ukoze gute kuri twebwe?

19 Rimbura iki kigereranirizo: Dufate yuko hari urugo rw’umugabo kanaka rwari rutewe n’igikoko gikaze, kandi ko nya mugabo yaciye asimba kukirwanya maze akacica. Mbega wokwitega yuko umugore n’abana biwe batinya kumwegera kubera ivyo agize? Ahubwo, wokwitega yuko bakorwa ku mutima n’urukundo ruzira ubwikunzi yabagaragarije. Muri ubwo buryo nyene, ntidukwiye gutinya ukuntu Imana ikoresha ububasha bwo gusangangura. Umutima ukunze ifise wo kurwana kugira ngo idukingire ukwiye gutuma turushiriza kuyikunda. Ukuntu twubaha ububasha bwayo butagira akarimbi kurakwiye kandi kwongerekana. Gutyo rero, turashobora «gukorera Imana igikorwa ceranda yemera, tuyitinya kandi tuyubaha.»​—Abaheburayo 12:28.

Niwiyegereze wa «Murwanyi akomeye»

20. Igihe dusomye inkuru za Bibiliya zivuga intambara z’Imana dushobora kuba tudatahura mu buryo bushitse, dukwiye kuvyakira gute, kandi kubera iki?

20 Birumvikana, Bibiliya ntiyama isigura utuntu twose ku vyerekeye ingingo Yehova yafashe zijanye n’intambara ziwe. Mugabo ico dukwiye kwama tuzi ni iki: Yehova ntiyigera akoresha ububasha bwo gusangangura mu buryo bw’akarenganyo, budacungerewe canke bw’ubunyamaswa. Kenshi kurimbura amakikuro y’inkuru ya Bibiliya canke kurimbura inkomoko y’amakuru amwamwe, birashobora kudufasha kubona ibintu uko biri. (Imigani 18:13) N’igihe tutazi ido n’ido ku bintu vyose, kwiga gusa vyinshi ku vyerekeye Yehova no kuzirikana kuri kamere ziwe zihambaye, birashobora kudufasha gukuraho amakenga ayo ari yo yose yohava avyuka. Igihe ivyo tubigize, turibonera yuko dufise imvo nyinshi zituma twizigira Imana yacu Yehova.​—Yobu 34:12.

21. Naho rimwe na rimwe Yehova aba «umurwanyi akomeye», ahanini ameze gute?

21 Naho nyene Yehova aba «umurwanyi akomeye» igihe bibaye ngombwa, ivyo ntibisigura yuko mu mutima wiwe yama anyotewe kurwana. Mu vyo Ezekiyeli yeretswe vyerekeye umukogote wo mw’ijuru, Yehova adondorwa ko yiteguriye kurwanya abansi biwe. Yamara, Ezekiyeli yabonye Imana ikikujwe n’umunywamazi, na wo ukaba ugereranya amahoro. (Itanguriro 9:13; Ezekiyeli 1:28; Ivyahishuwe 4:3) Biragaragara yuko Yehova atekereje akongera akaba umunyamahoro. Intumwa Yohani yanditse ati: «Imana [ni] urukundo.» (1 Yohani 4:8) Kamere za Yehova zose ziri ku burimbane bwiza. Ese ukuntu rero twatewe agateka ko gushobora kwiyegereza mwene iyo Mana y’inyabubasha yamara y’inyarukundo!

a Nk’uko umutohozakahise w’Umuyuda yitwa Josèphe yabivuze, abo Baheburayo bari ‹‹bakurikiwe n’imikogote 600, n’abagendera ku mafarasi 50.000 hamwe n’abarwanira hasi benshi cane bashika ku 200.000.››​—Jewish Antiquities, II, 324 [xv, 3].

b Biboneka yuko ijambo «Abamori» ng’aha ririmwo abantu bose b’i Kanani.​—Gusubira mu vyagezwe 1:6-8, 19-21, 27; Yosuwa 24:15, 18.