Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 7

Ububasha bwo gukingira​—«Imana ni ubuhungiro bwacu»

Ububasha bwo gukingira​—«Imana ni ubuhungiro bwacu»

1, 2. Abisirayeli bari bageramiwe n’iki igihe binjira mu karere ka Sinayi mu 1513 imbere ya Kristu, kandi Yehova yabasubirije umutima mu nda gute?

 ABISIRAYELI bari bageramiwe igihe binjira mu karere ka Sinayi mu ntango z’umwaka wa 1513 imbere ya Kristu. Urugendo ruteye ubwoba rwari imbere yabo, rukaba rwari urugendo rwo guca mu «bugaragwa bunini kandi buteye ubwoba, bwuzuyemwo inzoka z’ubumara na za sikorupiyo.» (Gusubira mu vyagezwe 8:15) Barahanganye kandi n’ingeramizi z’uguterwa n’amahanga yabarwanya. Yehova ni we yari yajanye abasavyi biwe muri ivyo bintu. Kubera yari Imana yabo, yoba yoshoboye kubakingira?

2 Amajambo Yehova yababwiye yarabasubirije umutima mu nda rwose, agira ati: «Mwariboneye ivyo nakoreye Abanyamisiri kugira ndabazane iwanje ndabareruye ku mababa y’inkona.» (Kuvayo 19:4) Yehova yibukije abasavyi biwe yuko yari yarabakuye mu Banyamisiri, nk’aho yoba yakoresheje inkona, kugira ngo abajane ahatekanye. Mugabo hariho izindi mvo zituma «amababa y’inkona» agereranya mu buryo bubereye ugukingirwa n’Imana.

3. Ni kubera iki «amababa y’inkona» agereranya mu buryo bubereye ugukingirwa n’Imana?

3 Inkona ntikoresha gusa amababa yayo yagutse kandi akomeye kugira ngo igurukire kure cane mu kirere. Iyo hashushe, inkona y’ingore iragonda amababa yayo, ayashobora gupfuka ahareha n’imetero zibiri, kugira ngo igire igitutu gikingira ivyana vyayo ikunda igihe izuba ari ryinshi. Mu bindi bihe, ivyana vyayo ibipfukisha amababa yayo kugira ngo ibikingire imbeho y’igikonyozi. Nk’uko nyene iyo nkona irinda ivyana vyayo, ni ko Yehova yari yararinze arongera arakingira ihanga rya Isirayeli rikivuka. Mu bugaragwa na ho, abasavyi biwe bobandanije kuronka ubuhungiro mu gitutu c’amababa yiwe afise ububasha mu gihe bagumye ari abizigirwa. (Gusubira mu vyagezwe 32:9-11; Zaburi 36:7) Ariko none, twoba dushobora kwitega vy’ukuri gukingirwa n’Imana muri iki gihe?

Umuhango wo gukingirwa n’Imana

4, 5. Ni kubera iki dushobora kwizigira tugaherezako umuhango Imana itanga wo kudukingira?

4 Yehova arashoboye vy’ukuri gukingira abasavyi biwe. Ni «Imana Mushoboravyose», akaba ari izina ry’icubahiro rigaragaza yuko afise ububasha butananirwa. (Itanguriro 17:1) Nka kurya kw’umupfunda w’ikiyaga udahagarikwa, ububasha Yehova akoresha ntawushobora kubuhagarika. Kubera yuko ashoboye gukora ikintu ico ari co cose yipfuza gukora, twoshobora kwibaza duti: “Yehova yoba yipfuza gukoresha ububasha bwiwe kugira akingire abasavyi biwe?”

5 Mw’ijambo rimwe, inyishu ni egome! Yehova aradukura amazinda yuko azokingira abasavyi biwe. Zaburi 46:1 igira iti: «Imana ni ubuhungiro bwacu n’inkomezi zacu. Ni umutabazi yoroshe kuronka mu bihe vy’ivyago.» Kubera yuko Imana «idashobora kubesha», turashobora kwizigira tugaherezako umuhango itanga wo kudukingira. (Tito 1:2) Nimuze turimbure zimwe mu mvugo ngereranyo zikomeye Yehova akoresha kugira ngo adondore ukuntu yitwararika kudukingira.

6, 7. (a) Umwungere wo mu bihe vya Bibiliya yakingira gute intama ziwe? (b) Bibiliya igereranya gute icipfuzo kivuye ku mutima Yehova afise co gukingira no kubungabunga intama ziwe?

6 Yehova ni Umwungere wacu, natwe «turi abantu biwe, intama zo mu buragiro bwiwe.» (Zaburi 23:1; 100:3) Mu bikoko, ni bikeya usanga bidashoboye kwirwanira nk’intama. Umwungere wo mu bihe vya Bibiliya yategerezwa kuba afise umutima rugabo kugira ngo intama ziwe azikingire intambwe, amabingira, idubu hamwe n’ibisuma. (1 Samweli 17:34, 35; Yohani 10:12, 13) Mugabo hariho ibihe ugukingira intama vyasaba ikibabarwe. Igihe intama yaba yavyariye kure y’uruhongore, umwungere yitwararika yarakingira iyo mvyeyi muri ivyo bihe vy’intege nke hanyuma agaterura wa mwagazi utarakomera agaheza akawujana mu ruhongore.

“Azoyitwara mu gikiriza ciwe”

7 Kuba Yehova yigereranya n’umwungere, biradukura amazinda ko afise icipfuzo kivuye ku mutima co kudukingira. (Ezekiyeli 34:11-16) Ibuka ukuntu Yehova adondorwa muri Yesaya 40:11, kikaba ari icanditswe twarimbuye mu kigabane ca 2 c’iki gitabu. Hagira hati: «Kurya kw’umwungere, azokwitaho ubusho bwiwe. Azokwegeranya imyagazi y’intama n’ukuboko kwiwe, ayitware mu gikiriza ciwe.» Akagazi kashika gute mu «gikiriza» c’umwungere, ni ukuvuga mu mpuzu yarenza ku zindi yambaye? Ako kagazi karashobora kwegera uwo mwungere, mbere kakikubagura ku kuguru kwiwe. Ariko rero, umwungere ni we yategerezwa kwunama, agaterura nya kagazi, maze akagashira yitonze mu gikiriza ciwe hatekanye. Ese ukuntu ari ikigereranirizo kiranga ikibabarwe c’umutima ukunze Umwungere wacu Mukuru afise wo kuturinda no kudukingira!

8. (a) Umuhango Imana itanga wo kudukingira uhabwa bande, kandi ivyo vyerekanwa gute mu Migani 18:10? (b) Kuronka ubuhungiro mw’izina ry’Imana bisaba iki?

8 Umuhango Imana itanga wo kudukingira ushoboka ku bagira ico bakoze, ni ukuvuga ko abayiyegereza gusa ari bo ikingira. Mu Migani 18:10 havuga hati: «Izina rya Yehova ni umunara ukomeye. Umugororotsi arawuhungiramwo agakingirwa.» Mu bihe vya Bibiliya, iminara rimwe na rimwe yubakwa mu bugaragwa ikaba ibibanza vy’umutekano vyo guhungiramwo. Mugabo umuntu yaba ageramiwe ni we yaheza agahungira muri mwene uwo munara kugira ngo aronke umutekano. Ni cokimwe no kuronka ubuhungiro mw’izina ry’Imana. Ivyo ntibisaba kurisubiramwo gusa; izina ry’Imana ubwaryo si igiheko. Ahubwo turakeneye kumenya no kwizigira Nyene iryo zina no kubaho twisunga ingingo ngenderwako ziwe zigororotse. Ese ukuntu biranga ubuntu kuba Yehova adusubiriza umutima mu nda yuko mu gihe tumuhindukiriye dufise ukwizera, azotubera umunara udukingira!

«Imana yacu . . . irashobora kuturokora»

9. Ni gute Yehova atatanze gusa umuhango wo gukingira abantu?

9 Yehova ntiyatanze gusa umuhango wo kudukingira. Mu bihe vya Bibiliya, yaragaragaje mu buryo bw’igitangaro yuko ashoboye gukingira abasavyi biwe. Muri kahise ka Isirayeli, «ububasha» bukomeye bwa Yehova bwaguma butsinda kenshi abansi bakomeye. (Kuvayo 7:4) Ariko rero, Yehova yaranakoresheje ububasha bwiwe bwo gukingira ku neza y’abantu kanaka.

10, 11. Ni uturorero utuhe two muri Bibiliya twerekana ingene Yehova yakoresheje ububasha bwiwe bwo gukingira ku neza y’abantu?

10 Igihe ba basore batatu b’Abaheburayo ari bo Shadrake, Meshake na Abedinego banka kwunamira igishusho c’inzahabu c’Umwami Nebukadinezari, uwo mwami yari yashangashiwe yarabateye ubwoba yuko abaterera mw’ifuru yaka umuriro. Nebukadinezari, umwami yari akomeye cane kuruta abandi bo kw’isi yigamvye ati: «Mbega ni imana iyihe yoshobora kubakura mu kuboko kwanje?» (Daniyeli 3:15) Abo basore batatu bari bizigiye baherejeko ububasha Imana ifise bwo kubakingira, mugabo ntibiyumvira yuko yabwirizwa kubigira. Ni co gituma bishuye bati: «Nimba ari ukwo bitegerezwa kugenda, Imana yacu dukorera irashobora kuturokora.» (Daniyeli 3:17) Mu vy’ukuri, iyo furu yaka umuriro, naho nyene yongerejwe incuro indwi kuruta urugero yahora yaka, ntiyari iteye ingorane Imana yabo ishobora vyose. Yarabakingiye, maze uwo mwami abwirizwa kwemera icese ati: «[Nta] yindi mana iriho ishobora gukiza nk’Imana yabo.»​—Daniyeli 3:29.

11 Yehova yaragaragaje kandi mu buryo butangaje koko ububasha bwiwe bwo gukingira abantu igihe yimurira ubuzima bw’Umwana wiwe w’ikinege mu nda y’inkumi y’Umuyuda ari yo Mariya. Umumarayika yabwiye Mariya yuko “yosamye inda maze akavyara umuhungu.” Nya mumarayika yasiguye ati: «Impwemu nyeranda izokuzako, kandi ububasha bw’Imana Musumbavyose buzogutwikira.» (Luka 1:31, 35) Biboneka yuko Umwana w’Imana atigeze na rimwe ageramirwa. Mbega icaha n’agasembwa vy’uwo muvyeyi vyoba vyarashoboye kwanduza uwo mwana akiri umusoro? Mbega Shetani yoshoboye gukomeretsa canke kwica uwo Mwana imbere y’uko avuka? Ntivyari gushoboka! Mu vy’ukuri, Yehova yarakikuje Mariya uruhome rumukingira kugira ngo ntihagire ikintu na kimwe, kaba agasembwa, yaba ikintu conona, yaba umuntu w’umwicanyi canke idayimoni iyo ari yo yose, gishobora kwonona ikura ry’uwo musoro guhera ku gasamo kubandanya. Yehova yarabandanije gukingira Yezu mu kiringo c’ubuyabaga bwiwe. (Matayo 2:1-15) Gushika igihe Imana yashinze, Umwana wayo mukundwa ntacashobora kumugirira nabi.

12. Ni kubera iki Yehova yakingiye abantu bamwebamwe mu buryo bw’igitangaro mu bihe vya Bibiliya?

12 Ni kubera iki Yehova yakingiye abantu bamwebamwe mu buryo bw’igitangaro mwene ubwo? Mu bihe bitari bike Yehova yarakingira abantu ashaka gukingira ikintu gihambaye kuruta, ni ukuvuga iranguka ry’umugambi wiwe. Nk’akarorero, ukurokoka kw’umwana Yezu kwari nkenerwa ku bw’iranguka ry’umugambi w’Imana, uwo amaherezo abantu bose bazokwungukirako. Inkuru y’ukuntu Imana yagaragaje mu buryo bwinshi ububasha bwo gukingira abantu, iri mu bigize Ivyanditswe vyahumetswe, «[i]vyanditswe kugira bitwigishe, ngo tugire icizigiro biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe.» (Abaroma 15:4) Egome, utwo turorero turakomeza ukwizera dufitiye Imana yacu mushoboravyose. Ariko none ni uburinzi ubuhe dushobora kwitega ku Mana muri iki gihe?

Ico ugukingirwa n’Imana bisobanura

13. Yehova yoba abwirizwa kudukorera ibitangaro? Sigura.

13 Umuhango Imana itanga wo kudukingira ntusobanura yuko Yehova abwirizwa kudukorera ibitangaro. Eka kandi, Imana yacu ntidusezeranira kugira ubuzima butarimwo ingorane muri iyi si mbi. Abasavyi ba Yehova b’abizigirwa benshi barahura n’ingorane zikomeye, harimwo ubukene, intambara, indwara n’urupfu. Yezu yarabwiye abigishwa biwe mu buryo butomoye yuko bari gushobora kwicwa bahowe ukwizera kwabo. Ni co gituma Yezu yashimitse ku vy’uko bari bakeneye kwihangana gushika kw’iherezo. (Matayo 24:9, 13) Iyaba Yehova yakoresha ububasha bwiwe kugira akize ku gitangaro igihe cose, nta nkeka ko Shetani yoronse ico yishimikiza mu kumucokora no mu kwerekana yuko tudakorera Imana tubikuye ku mutima.​—Yobu 1:9, 10.

14. Ni uturorero utuhe twerekana yuko Yehova atama akingira abasavyi biwe bose mu buryo bumwe?

14 No mu bihe vya Bibiliya, Yehova ntiyakoresheje ububasha bwiwe bwo gukingira abantu kugira ngo arinde umwe wese mu basavyi biwe kwicwa. Nk’akarorero intumwa Yakobo yishwe na Herodi nko mu 44 inyuma ya Kristu, yamara inyuma y’aho gatoya Petero “yarakijijwe Herodi.” (Ivyakozwe 12:1-11) Yohani na we, mwenewabo na Yakobo, yararamvye kurusha Petero na Yakobo. Biragaragara ko tudashobora kwitega yuko Imana ikingira abasavyi bayo bose mu buryo bumwe. Vyongeye, «ibihe bigoye n’ibintu bishika giturumbuka» bidushikira twese. (Umusiguzi 9:11) Ariko none, Yehova adukingira gute muri iki gihe?

Yehova aradukingira mu buryo bw’umubiri

15, 16. (a) Ni ikimenyamenya nyabaki kiriho c’uko Yehova yakingiye mu buryo bw’umubiri abasavyi biwe uko bagize umugwi? (b) Ni kubera iki dushobora kwizigira yuko Yehova azokingira abasavyi biwe ubu no mu gihe c’«amakuba akomeye»?

15 Banza urimbure ikibazo co gukingirwa mu buryo bw’umubiri. Kubera turi abasavyi ba Yehova, turashobora kwitega mwene ukwo gukingirwa uko turi umugwi. Ahandi ho, Shetani yotwirahira. Zirikana kuri ibi: Shetani, «umutware w’iyi si», nta kindi ashaka atari ukuzimanganya ugusenga kw’ukuri. (Yohani 12:31; Ivyahishuwe 12:17) Zimwezimwe mu ntwaro zifise ububasha kuruta izindi kw’isi, zarabujije igikorwa cacu co kwamamaza maze ziragerageza kuduherengeteza buhere. Yamara, abasavyi ba Yehova bagumye bashikamye baraheza barabandanya kwamamaza badatezura! Ni kubera iki amahanga akomeye atashoboye guhagarika igikorwa c’uwo mugwi mutoyi w’abakirisu basa n’abatagira inguvu? Ni kubera ko Yehova yadukingiye akoresheje amababa yiwe y’ikigereranyo y’ububasha!​—Zaburi 17:7, 8.

16 Tuvuge iki ku gukingirwa mu buryo bw’umubiri mu gihe ca «ya makuba akomeye» agiye kuza? Ntibikenewe ko dutinya ishitswa ry’imanza z’Imana. Nakare, «Yehova arazi . . . kurokora mu kigeragezo abantu bamwihebera, mugabo abatagororotse akababika ngo bazotikizwe ku musi w’urubanza.» (Ivyahishuwe 7:14; 2 Petero 2:9) Mu gihe tukirindiriye, turashobora kwama twizigira tudakeka ibintu bibiri. Ica mbere, Yehova ntazokwigera areka ngo abasavyi biwe bazimanganywe kw’isi. Ica kabiri, abaguma ari intahemuka azobaha impera y’ubuzima budahera mw’isi yiwe nshasha irangwa ubugororotsi, nimba bikenewe akazobigira biciye kw’izuka. Ku vyerekeye abapfa, nta kibanza kirushirije gutekana kiriho atari ukwibukwa n’Imana.​—Yohani 5:28, 29.

17. Yehova aturinda gute biciye kw’Ijambo ryiwe?

17 No muri iki gihe, Yehova araturinda biciye kw’«ijambo» ryiwe rizima, irifise ububasha bugira ico bukoze, bugatuma imitima y’abantu ikira kandi bagahindura ubuzima bwabo. (Abaheburayo 4:12) Biciye mu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zaryo, turashobora gukingirwa ukugirirwa nabi ku mubiri mu buryo bunaka. Muri Yesaya 48:17 hagira hati: «Jewe Yehova ndi . . . Umwe akwigisha ibikugirira akamaro.» Nta woharira yuko kubaho twisunga Ijambo ry’Imana bishobora kuryohora ubuzima bwacu maze bigatuma tubaho igihe kirekire. Nk’akarorero, kubera yuko dukurikiza impanuro ya Bibiliya yo kwirinda ubusambanyi n’iyo kwihumanura ibiduhumanya, turirinda ibikorwa bihumanye n’imigenzo yonona ituma ubuzima bw’abatubaha Imana benshi bwononekara. (Ivyakozwe 15:29; 2 Abakorinto 7:1) Ese ukuntu dukenguruka kuba Ijambo ry’Imana ridukingira!

Yehova aradukingira mu buryo bw’impwemu

18. Ni uburinzi nyabaki bwo mu vy’impwemu Yehova aturonsa?

18 Igihambaye kuruta, Yehova aratanga uburinzi bwo mu vy’impwemu. Imana yacu y’inyarukundo iradukingira ivyotugirira nabi mu vy’impwemu, mu kuturonsa ivyo dukeneye kugira ngo twihanganire ibigeragezo twongere tuzigame ubucuti dufitaniye na yo. Gutyo rero, Yehova arakora kugira ngo azigame ubuzima bwacu, atari mu myaka mikeyi gusa mugabo mu bihe bidahera. Rimbura zimwezimwe mu ntunganyo Imana yagize zishobora kudukingira mu buryo bw’impwemu.

19. Impwemu ya Yehova ishobora gute kudufasha kwihanganira ikigeragezo ico ari co cose codushikira?

19 Yehova «[arumva] amasengesho.» (Zaburi 65:2) Igihe imikazo y’ubuzima isa n’aho iturengeye, kumusukira ibiri mu mutima wacu birashobora kuturuhurira cane. (Abafilipi 4:6, 7) Kumbure ntadukuriraho ibigeragezo mu buryo bw’igitangaro, ariko mu kwishura amasengesho dutura avuye ku mutima, arashobora kuturonsa ubukerebutsi bwo kuvyifatamwo neza. (Yakobo 1:5, 6) Ikiruta ivyo, Yehova araha impwemu nyeranda abayimusavye. (Luka 11:13) Iyo mpwemu y’ububasha irashobora kudufasha kwihanganira ikigeragezo canke ingorane iyo ari yo yose yodushikira. Irashobora kuturonsa «ububasha burengeye ubusanzwe» kugira ngo twihangane gushika igihe Yehova azokuraho ingorane zose zibabaje mw’isi nshasha yegereje cane.​—2 Abakorinto 4:7.

20. Ububasha bwa Yehova bwo kudukingira bushobora gute kugaragazwa biciye ku bo dusangiye ukwemera?

20 Rimwe na rimwe, ububasha bwa Yehova bwo gukingira abantu burashobora kugaragara biciye ku bo dusangiye ukwemera. Yehova yarakwegereye abasavyi biwe mu “muryango w’abavukanyi” ukwiye kw’isi yose. (1 Petero 2:17; Yohani 6:44) Turavye ukuntu ico kivukano kigaragaza igishika, turabona ikimenyamenya kizima c’ububasha bw’impwemu nyeranda y’Imana ituma abantu bakora ivyiza. Iyo mpwemu irama ivyamwa muri twebwe, ni ukuvuga kamere nziza kandi z’agaciro harimwo urukundo, ubuntu n’ukumera neza. (Abagalatiya 5:22, 23) Ni co gituma igihe turi mu bihe bitesha umutwe maze uwo dusangiye ukwemera akavyurirwa umutima wo kuduha impanuro ngirakamaro canke kutubwira amajambo y’indemesho tuba dukeneye cane, twokengurukira Yehova kubera ko adukingira akongera akatwitwararika biciye ku bavukanyi.

21. (a) Ni imfungurwa z’ivy’impwemu izihe ziza ku gihe kibereye Yehova aturonsa biciye kuri wa «mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge»? (b) Wewe ubwawe wungukiye gute ku ntunganyo Yehova agira zo kudukingira mu buryo bw’impwemu?

21 Yehova aratanga ikindi kintu kugira ngo adukingire: ibifungurwa vy’impwemu biza ku gihe kibereye. Kugira ngo Yehova adufashe gukura inkomezi mw’Ijambo ryiwe, yarashinze «umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge» igikorwa co gutanga imfungurwa z’ivy’impwemu. Uwo mushumba w’umwizigirwa akoresha ibisohokayandikiro, harimwo na vya binyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! hamwe na rwa rubuga rwacu rwa jw.org, amakoraniro, amateraniro be n’amahwaniro kugira ngo aturonse «ibifungurwa igihe kigeze», ivyo turonka igihe tubikeneye. (Matayo 24:45) Woba warigeze kwumva ikintu kinaka kw’ikoraniro rya gikirisu, nk’akarorero mu nsasanuro, mu nsiguro canke mbere mw’isengesho cakuronkeje inkomezi be n’indemesho nyene wari ukeneye? Hoba hari ikiganiro kinaka casohowe mu binyamakuru vyacu coba caragize ico gikoze ku buzima bwawe? Ibuka yuko Yehova ashiraho izo ntunganyo zose kugira ngo adukingire mu buryo bw’impwemu.

22. Yehova yama nantaryo akoresha ububasha bwiwe mu buhe buryo, kandi ni kubera iki kubigira gutyo ari ku neza yacu?

22 Mu vy’ukuri, Yehova ni inkinzo ikingira «abamuhungirako bose.» (Zaburi 18:30) Turatahura yuko adakoresha ububasha bwiwe kugira ngo adukingire ivyago vyose ubu. Ariko rero, yama nantaryo akoresha ububasha bwiwe bwo gukingira kugira ngo yiyemeze neza ko umugambi wiwe uriko uraranguka. Kuba abigenza gutyo bizotuma amaherezo abasavyi biwe bironkera imihezagiro. Nitwamwiyegereza kandi tukaguma mu rukundo rwiwe, Yehova azoduha ubuzima budahera buzira agasembwa. Dufise ico cizigiro mu muzirikanyi, turashobora kubona ko amakuba ayo ari yo yose adushikira muri iyi si mbi «ari ay’akanya gato kandi akaba ahwahutse.»​—2 Abakorinto 4:17.