Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 10

“Niwigane Imana” mu kuntu ukoresha ububasha

“Niwigane Imana” mu kuntu ukoresha ububasha

1. Ni umutego uwuhe abantu badatunganye bakunze kugwamwo?

 «NTA bubasha bwigera buburamwo umutego wihishije.» Ayo majambo y’umuryoshamvugo wo mu kinjana ca 19 arerekana ingeramizi itibonekeza ihari ari yo y’iyi: ugukoresha nabi ububasha. Ikibabaje ni uko abantu badatunganye bose bagwa muri uwo mutego bitagoranye. Mu vy’ukuri, kuva muri kahise kose «umuntu aganza uwundi mu kumugirira nabi.» (Umusiguzi 8:9) Ugukoresha ububasha kutarimwo urukundo kwatumye abantu bagira ingorane zitovugwa.

2, 3. (a) Ni igiki cigaragaza ku vyerekeye ukuntu Yehova akoresha ububasha? (b) Ububasha bwacu bushobora kuba burimwo n’ibiki, kandi dukwiye gukoresha gute mwene ubwo bubasha bwose?

2 Ariko none ntivyigaragaza yuko Yehova Imana, we afise ububasha ntangere, atigera na rimwe akoresha ubwo bubasha nabi? Nk’uko twabibonye mu bigabane vy’imbere y’iki, bwaba ububasha afise bwo kurema, ubwo gusangangura, ubwo gukingira canke ubwo gusubiza ibintu mu buryo, yama abukoresha yisunze imigambi yiwe iranga urukundo. Iyo turimbuye ingene akoresha ububasha bwiwe, duca twumva dushaka kumwiyegereza. Ivyo na vyo, birashobora kutuvyurira umutima wo “kwigana Imana” mu kuntu dukoresha ububasha bwacu. (Abanyefeso 5:1) Ariko none twebwe abantu b’abanyantege nke dufise ububasha ubuhe?

3 Ibuka yuko umuntu yaremwe «mw’ishusho y’Imana», ko ameze nka yo. (Itanguriro 1:26, 27) Kubera ico, na twebwe nyene turafise ububasha n’imiburiburi ku rugero rutoyi. Ububasha bwacu bushobora kuba burimwo ubushobozi bwo kurangura ibintu, gukora akazi; ukugira ubukuru ku bandi; ubushobozi bwo kugira akosho ku bandi, canecane ku badukunda; inkomezi z’umubiri (inguvu); canke ubutunzi. Umwanditsi wa Zaburi yavuze ku vyerekeye Yehova ati: “Ni wewe soko ry’ubuzima.” (Zaburi 36:9) Gutyo rero, haba mu buryo burashe canke mu buryo bukikirije, Imana ni yo soko ry’ububasha ubwo ari bwo bwose dushobora kuba dufise bwemewe. Dukeneye rero kubukoresha mu buryo buyihimbara. Ivyo dushobora kubigira gute?

Urukundo ni rwo nyamukuru

4, 5. (a) Urupfunguzo rw’ugukoresha ububasha mu buryo bubereye ni uruhe, kandi akarorero Imana ubwayo yatanze kavyerekana gute? (b) Urukundo ruzodufasha gute gukoresha ububasha bwacu mu buryo bubereye?

4 Kugira dukoreshe ububasha mu buryo bubereye, tubwirizwa kuba dufise urukundo. None akarorero Imana ubwayo yatanze ntikavyerekana? Ntiwibagire ivyo twavuze mu kigabane ca 1 kuri kamere zine nyamukuru z’Imana, zikaba ari ububasha, ubutungane, ubukerebutsi be n’urukundo. None muri izo kamere uko ari zine, ni iyihe yibonekeza kuruta izindi? Ni urukundo. Muri 1 Yohani 4:8 hagira hati: «Imana [ni] urukundo.» Egome, kamere ya Yehova iruta izindi ni urukundo; ni rwo rugira akosho ku vyo akora vyose. Ni co gituma uburyo bwose agaragaza ububasha bwiwe abitumwa n’urukundo, kandi ku neza y’abamukunda.

5 Urukundo ruzodufasha natwe nyene gukoresha ububasha mu buryo bubereye. Nakare Bibiliya itubwira yuko urukundo «rugira neza» be n’uko «[rutarondera] inyungu zarwo bwite.» (1 Abakorinto 13:4, 5) Kubera ico, urukundo ntiruzotwemerera guhambarira canke gukarira abo usanga dufiseko ubukuru kanaka. Ahubwo, tuzofatana abandi icubahiro kandi dushire ivyo bakeneye n’inyiyumvo zabo imbere y’ivyo dukeneye n’imbere y’inyiyumvo zacu.​—Abafilipi 2:3, 4.

6, 7. (a) Ugutinya Imana ni iki, kandi ni kubera iki iyo kamere yodufasha kwirinda gukoresha nabi ububasha dufise? (b) Nutange akarorero kerekana isano riri hagati y’ugutinya ko twohava tudahimbara Imana be n’ugukunda Imana.

6 Urukundo rurafitaniye isano n’iyindi kamere ishobora kudufasha kwirinda gukoresha ububasha nabi. Iyo kamere ni ugutinya Imana. Akamaro k’iyo kamere ni akahe? Mu Migani 16:6 hagira hati: «Gutinya Yehova ni vyo bituma umuntu yirinda ikibi.» Ugukoresha nabi ububasha ni ikintu kibi dukwiye kwirinda. Ugutinya Imana kuzoturinda gufata nabi abo dufiseko ububasha. Kubera iki? Kimwe coco, turazi yuko hari ico Imana izotubaza ku vy’ukuntu dufata mwene abo bantu. (Nehemiya 5:1-7, 15) Mugabo ugutinya Imana ntibirimwo gusa ivyo. Imvugo yo mu ntango yahinduwe ngo «ugutinya» kenshi yerekeza ku gusonera Imana bimwe bishika kure be no guterwa akoba na yo. Gutyo, Bibiliya irerekana ko hariho isano hagati y’ugutinya Imana n’ukuyikunda. (Gusubira mu vyagezwe 10:12, 13) Ukwo kugira akoba kurangwa n’ukwubaha, kurimwo ugutinya kubereye yuko twohava tudahimbara Imana, atari ukubera gusa dutinya ingaruka zovamwo, mugabo kubera tuyikunda vy’ukuri.

7 Tubitangire akarorero: Iyumvire ivy’ubucuti bwiza buri hagati y’agahungu gatoya na se. Ako gahungu kariyumvamwo ukuntu se akitwararikana igishika n’urukundo. Mugabo nya gahungu karazi kandi ivyo se agasaba, vyongeye karazi yuko se azogahana nikaramuka kigenjeje nabi. Ako gahungu ntikabaho gatekewe n’ubwoba bw’ugutinya se. Ahubwo karamukunda cane. Ako kana kararyoherwa no gukora ivyotuma se agashima. Ukwo ni ko bimeze no ku gutinya Imana. Kubera dukunda Dawe wo mw’ijuru Yehova, turatinya kugira ikintu na kimwe comubabaza mu mutima. (Itanguriro 6:6) Ahubwo turipfuza cane kunezereza umutima wiwe. (Imigani 27:11) Ni co gituma dushaka gukoresha ububasha bwacu neza. Reka dusuzume twitonze ingene dushobora kubukoresha neza.

Mu rugo

8. (a) Ni ubukuru ubuhe abagabo bafise mu rugo, kandi bukwiye gukoreshwa gute? (b) Umugabo ashobora gute kwerekana ko atera iteka umugore wiwe?

8 Tubanze turimbure ivyerekeye abagize urugo. Mu Banyefeso 5:23 hagira hati: «Umugabo [ni] we agaba umugore wiwe.» Umugabo akwiye gukoresha gute ubwo bukuru yahawe n’Imana? Bibiliya ibwira abagabo kubana n’abagore babo “bisunze ubumenyi. Babatere iteka mu kubafata nk’icombo kitanganya na bo gukomera.” (1 Petero 3:7) Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «iteka» risigura «igiciro, agaciro, . . . icubahiro.» Hari imero z’iryo jambo zihindurwa ngo “ingabirano” be na «uw’agaciro.» (Ivyakozwe 28:10; 1 Petero 2:7) Umugabo atera iteka umugore wiwe ntiyokwigera amukubita; eka mbere ntiyokwigera amumaramaza canke ngo amukureko urupfasoni, ngo bitume yumva ko ata co amaze. Ahubwo riho, aremera ko umugore wiwe afise agaciro kandi akamufatana icubahiro. Mu vyo avuga no mu vyo akora, haba mu mwiherero canke abantu babona, arerekana yuko umugore wiwe ari n’agaciro kuri we. (Imigani 31:28) Mwene uwo mugabo umugore wiwe aramukunda akongera akamwubaha, mugabo n’igihambaye kuruta arashimwa n’Imana.

Abagabo n’abagore barakoresha ububasha bwabo mu buryo bubereye mu gukundana no mu kwubahana

9. (a) Abagore bafise ububasha ubuhe mu rugo? (b) Ni igiki gishobora gufasha umugore gukoresha ubushobozi bwiwe kugira ngo ashigikire umugabo wiwe, kandi bivamwo iki?

9 N’abagore nyene barafise ububasha mu rugo ku rugero kanaka. Bibiliya iravuga ivy’abagore bubaha Imana bibwirije kugira akosho keza ku bagabo babo, canke bakibwiriza kubafasha kwirinda kwihenda mu guca imanza, ivyo bakabigira batabarengera akarimbi. (Itanguriro 21:9-12; 27:46–28:2) Umugore ashobora kuba azi ubwenge kuruta umugabo wiwe, canke akaba afise ubundi bushobozi umugabo wiwe adafise. Yamara, abwirizwa «kwubaha cane» umugabo wiwe kandi “akamuyobokera nk’uko ayobokera Umukama.” (Abanyefeso 5:22, 33) Kugira intumbero yo guhimbara Imana birashobora gufasha umugore gukoresha ubushobozi bwiwe mu gushigikira umugabo wiwe, aho kumunebagura canke kugerageza kumuganza. Mwene uwo «mugore w’ubwenge vy’ukuri» arafashanya cane n’umugabo wiwe kwubaka urugo. Muri ubwo buryo aguma afitaniye amahoro n’Imana.​—Imigani 14:1.

10. (a) Imana yahaye abavyeyi ubukuru nyabaki? (b) Ijambo «indero» risobanura iki, kandi ikwiye gutozwa gute? (Raba akajambo k’epfo.)

10 N’abavyeyi nyene barafise ubukuru bahawe n’Imana. Bibiliya ikebura iti: «Namwe ba sebibondo, ntimutere ishavu abana banyu, ahubwo mubandanye kubarera mu kubatoza indero mwongera mubakebura nk’uko Yehova yashinze.» (Abanyefeso 6:4) Muri Bibiliya, ijambo «indero» rishobora gusobanura «kurera, kumenyereza, kwigisha.» Abana barakeneye gutozwa indero; birabagendera neza igihe bashiriweho ubuyobozi n’uturimbi bitomoye. Mwene ukwo gutoza indero canke ukwo kwigisha, Bibiliya igusanisha n’urukundo. (Imigani 13:24) Kubera ico, «inkoni» ntikwiye gukoreshwa nabi, haba ku mutima canke ku mubiri. a (Imigani 22:15; 29:15) Igihe abavyeyi batoza indero abana babo mu buryo bukaze butarimwo urukundo, baba bakoresheje nabi ubukuru bwabo, kandi birashobora gutuma umwana avunika umutima. (Abakolosayi 3:21) Ku rundi ruhande, gutoza indero ku rugero kandi bigizwe mu buryo bubereye biratuma abana babona ko abavyeyi babo babakunda kandi yuko barajwe ishinga n’ico bazovamwo.

11. Abana bashobora gukoresha ububasha bwabo gute?

11 Tuvuge iki ku bana? Bashobora gute gukoresha ububasha bwabo mu buryo bubereye? Mu Migani 20:29 hagira hati: «Ubwiza bw’imisore ni inkomezi zayo.» Mu vy’ukuri nta buryo bwiza buriho abakiri bato bokoresha inkomezi zabo be n’ingoga zabo buruta ugukorera «Umuremyi [wacu] ahambaye.» (Umusiguzi 12:1) Vyoba vyiza abakiri bato bibutse yuko ivyo bakora bishobora kugira ico bikoze ku nyiyumvo z’abavyeyi babo. (Imigani 23:24, 25) Iyo abana bagamburukira abavyeyi babo bubaha Imana kandi bakagira ingendo igororotse, baratuma imitima y’abavyeyi babo inezerwa. (Abanyefeso 6:1) Mwene iyo ngendo «[irahimbara] rwose Umukama.»​—Abakolosayi 3:20.

Mw’ishengero

12, 13. (a) Abakurambere bakwiye kubona gute ubukuru bafise mw’ishengero? (b) Nutange akarorero kerekana igituma abakurambere bakwiye gufatana ikibabarwe intama.

12 Yehova yaratanze abahagarikizi bo kutuyobora mw’ishengero rya gikirisu. (Abaheburayo 13:17) Abo bagabo bakwije ibisabwa babwirizwa gukoresha ubukuru bahawe n’Imana kugira batange imfashanyo ikenewe be no kugira bafashe umukuku ngo umererwe neza mu vy’impwemu. Mbega none ikibanza abakurambere bafise coba kibaha uburenganzira bwo gutwaza amanyama abo basangiye ukwizera? Habe n’intete! Abakurambere barakeneye kubona ibintu ku rugero kandi bicishije bugufi ku vyerekeye uruhara bafise mw’ishengero. (1 Petero 5:2, 3) Bibiliya ibwira abacungezi iti: «Muragire ishengero ry’Imana. Yariguze amaraso y’Umwana wayo bwite.» (Ivyakozwe 20:28) Iyo ni imvo ikomeye yotuma umwe wese mu mukuku bamufatana ikibabarwe.

13 Twoshobora kubitangira akarorero muri ubu buryo: Umugenzi somambike agusavye kumuzigamira ikintu ciwe akunda cane. Urazi yuko uwo mugenzi wawe ico kintu camuzimvye rwose. Mbega none ntiwogifatana ukwengenga kwinshi, ukacitwararika cane? Nk’ukwo nyene, Imana yajeje abakurambere ibanga ryo kwitwararika ikintu c’agaciro koko, ico na co kikaba ari ishengero rigizwe n’abantu bagereranywa n’intama. (Yohani 21:16, 17) Mu vy’ukuri, intama za Yehova arazikunda rwose, ku buryo yaziguze amaraso y’igiciro y’Umwana wiwe w’ikinege Yezu Kristu. Nta kindi giciro kiruta ico kiriho Yehova yotanze. Abakurambere bicisha bugufi baramiza ivyo mu mizirikanyi, maze intama za Yehova bakazitaho babigiranye urukundo.

«Ububasha bw’ururimi»

14. Ururimi rufise ububasha ubuhe?

14 Bibiliya ivuga yuko «urupfu n’ubuzima biri mu bubasha bw’ururimi.» (Imigani 18:21) Kukaba nkako, ururimi rurashobora kwonona ibintu vyinshi. Ni nde muri twebwe atarumva acumiswe n’amajambo asunitswe n’impemu canke mbere y’agasuzuguro? Ariko kandi ururimi rurafise ububasha bwo gusubiza ibintu mu buryo. Mu Migani 12:18 havuga hati: «Ururimi rw’umunyabwenge ruravura.» Si ivy’imbeshere, amajambo aremesha kandi meza arashobora kumera nk’ugusiga ku mutima amavuta atururuza, avura. Rimbura uturorero dukeyi.

15, 16. Ni mu buryo ubuhe dushobora gukoresha ururimi kugira turemeshe abandi?

15 Muri 1 Abatesalonika 5:14 hahimiriza hati: «Muyagishe abacitse intege n’ijwi ryirura.» Egome, mbere n’abasavyi b’abizigirwa ba Yehova vyoshika bakumva bihebuye. Dushobora gute gufasha mwene abo bantu? Nubakeze mu buryo butomoye kandi buvuye ku mutima, kugira ubafashe kubona agaciro ubwabo bafise mu nyonga za Yehova. Nubabwire amajambo y’ububasha yo mu mirongo ya Bibiliya yerekana ko Yehova yitwararika kandi akunda vy’ukuri «abavunitse umutima» kandi «badendebukiwe mu mutima.» (Zaburi 34:18) Iyo dukoresha ububasha ururimi rwacu rufise kugira duhumurize abandi, tuba twerekanye yuko turiko twigana Imana yacu y’inyakigongwe, imwe «ihoza abavunitse umutima.»​—2 Abakorinto 7:6.

16 Turashobora kandi gukoresha ububasha ururimi rwacu rufise mu kuronsa abandi indemesho usanga bakeneye rwose. Hoba hari uwo musangiye ukwizera yabuze uwiwe? Amajambo y’ikibabarwe yo kwerekana ko tumwitwararitse be n’uko tumubabaye arashobora guhumuriza abavunitse umutima. Hoba hari umuvukanyi canke umuvukanyikazi ageze mu zabukuru yiyumvamwo yuko ata co akimaze? Akajambo kerekana ko tubazirikana karashobora gusubiriza umutima mu nda abitereye mu myaka, yuko bafise agaciro kandi ko bashimwa. Hoba hari umuntu arembejwe n’indwara idakira? Amajambo aranga ubuntu womubwira kuri terefone, mu gakete canke imbonankubone arashobora kugira akamaro cane mu kuremesha uwurwaye. Ese ukuntu Umuremyi wacu ahimbarwa igihe dukoresha ububasha bw’ururimi mu kuvuga ijambo «ryiza ryo kwubaka»!​—Abanyefeso 4:29.

17. Ni mu buryo buhambaye ubuhe dushobora gukoresha ururimi rwacu kugira dufashe abandi, kandi ni kubera iki dukwiye kubigira?

17 Nta buryo bwo gukoresha ububasha ururimi rwacu rufise buhambaye kuruta ukubwira abandi inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Mu Migani 3:27 hagira hati: «Ntureke kugirira iciza abagikeneye kandi wari ushoboye kubafasha.» Turi n’ibanga ryo kubwira abandi ya nkuru nziza irokora ubuzima. Ntivyoba bibereye kwigungirako ubutumwa bwihutirwa Yehova yaduhaye ku buntu. (1 Abakorinto 9:16, 22) Ariko none Yehova yiteze ko tugira uruhara muri ico gikorwa ku rugero rungana iki?

Kwamamaza inkuru nziza ni bwo buryo ntangere bwo gukoresha ububasha bwacu

Gukorera Yehova n’“inkomezi zacu zose”

18. Yehova atwitezeko iki?

18 Urukundo dukunda Yehova ruratuma twifatanya n’abandi mu busuku bwa gikirisu bimwe bishitse. None Yehova atwitezeko iki muri ivyo? Atwitezeko ikintu twese dushobora gutanga uko ivyacu vyoba vyifashe kwose: «Ico mukora cose mugikorane umutima wanyu wose, nk’abakorera Yehova, atari nk’abakorera abantu.» (Abakolosayi 3:23) Mu kuvuga ibwirizwa riruta ayandi, Yezu yagize ati: «Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose, n’ubuzima bwawe bwose, n’ubwenge bwawe bwose, n’inkomezi zawe zose.» (Mariko 12:30) Egome, Yehova yiteze yuko umwumwe wese muri twebwe amukunda kandi akamukorera n’ubuzima bwiwe bwose.

19, 20. (a) Kubera ko ubuzima burimwo n’umutima, ubwenge be n’inkomezi, ni kubera iki havugwa ivyo bindi bintu muri Mariko 12:30? (b) Gukorera Yehova n’ubuzima bwacu bwose bisobanura iki?

19 Gukorera Imana n’ubuzima bwacu bwose bisobanura iki? Ubuzima ni umuntu wese uko ari, hamwe n’ubushobozi afise bwose mu mubiri be no mu bwenge. None ko ubuzima bugizwe n’umutima, ubwenge be n’inkomezi, ni kubera iki havugwa ivyo bindi bintu muri Mariko 12:30? Rimbura iki kigereranirizo. Mu bihe vya Bibiliya, umuntu yarashobora kwigurisha (ni ukuvuga ubuzima bwiwe) mu buja. Yamara hari aho umushumba atakorera shebuja n’umutima wiwe wose; hari aho atakoresha inkomezi ziwe zose canke ubwenge bwiwe bwose ngo ateze imbere ivyungura shebuja. (Abakolosayi 3:22) Kubera ico, biboneka ko Yezu yavuze ivyo bindi bintu kugira ngo ashimangire yuko dutegerezwa kutagira ikintu na kimwe tureka gutanga mu gikorwa turangurira Imana. Gukorera Imana n’ubuzima bwacu bwose bisigura kwitanga, tugakoresha inkomezi zacu zose be n’inguvu zacu zose ku rugero rwuzuye rushoboka mu gikorwa tuyirangurira.

20 Mbega gukora n’ubuzima bwacu bwose vyoba bisigura yuko dutegerezwa twese kumara umwanya ungana kandi tugakoresha inguvu zingana muri ubwo busuku? Ivyo bisa n’ibitoshoboka, kubera ko uko ivyacu vyifashe be n’ubushobozi dufise bigenda bitandukana ku bantu. Nk’akarorero, umuntu akiri muto afise amagara meza kandi akaba akomeye, hari aho yoba ashobora kumara umwanya munini yamamaza kuruta uwutagifise inkomezi bitumwe n’uko yitereye mu myaka. Umuntu atubatse adafise amabanga ajejwe mu rugo hari aho yoba ashobora gukora vyinshi kuruta uwutegerezwa kubungabunga urugo. Nimba dufise inkomezi kandi uko ivyacu vyifashe kukaba gutuma dushobora gukora vyinshi mu busuku, ese ukuntu dukwiye kubikenguruka! Ariko ntiwumve, ntidukwiye kwigera twigereranya n’abandi ngo twiyumvire ko batariko bakora ivyo bashoboye vyose. (Abaroma 14:10-12) Ahubwo riho, dushaka gukoresha ububasha bwacu mu kuremesha abandi.

21. Ni uburyo ubuhe bwiza kuruta kandi buhambaye kuruta dushobora gukoreshamwo ububasha bwacu?

21 Yehova yaradushiriyeho akarorero gatunganye mu gukoresha ububasha bwiwe mu buryo bubereye. Dushaka kumwigana gushika aho ubushobozi dufise bw’abantu badatunganye bugarukira. Turashobora gukoresha ububasha bwacu mu buryo bubereye mu gufatana urupfasoni abo usanga hari ukuntu tubafiseko ubukuru bunaka. Vyongeye, dushaka gutanga ubuzima bwacu bwose mu kurangura ca gikorwa kirokora ubuzima co kwamamaza, kikaba ari ico Yehova yadushinze kurangura. (Abaroma 10:13, 14) Ibuka yuko Yehova anezerwa igihe utanga ibirushirije kuba vyiza ushoboye gutanga, ari vyo buzima bwawe, ni ukuvuga wewe ubwawe. None umutima wawe ntugusunikira ku kwumva ushaka gukora ivyo ushobora vyose mu gukorera mwene iyo Mana itahura ibintu kandi yuzuye urukundo? Nta buryo na bumwe buriho bwiza kuruta canke buhambaye kuruta woshobora gukoreshamwo ububasha bwawe.

a Mu bihe vya Bibiliya, ijambo ry’igiheburayo rikoreshwa ku «nkoni» ryasigura inkoni nk’imwe umwungere yakoresha mu kuyobora intama ziwe. (Zaburi 23:4) Rero, igihe Bibiliya ivuga ko abavyeyi bafise «inkoni» iba ishaka kuvuga ko bakwiye kuyobora abana babo babigiranye urukundo, atari kubahana mu buryo bukaze, butagiramwo ikibabarwe.