Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 2

«Yehova akunda ubutungane»

«Yehova akunda ubutungane»

Akarenganyo karagwiriye mw’isi ya kino gihe, ugasanga bakunda kuvyegeka ku Mana ngo ni yo igatera. Yamara Bibiliya irigisha ukuri guhumuriza, kw’uko «Yehova akunda ubutungane.» (Zaburi 37:28) Muri iki gihimba turaza kwiga ukuntu yagaragaje ko ayo majambo ari ay’ukuri, akaba aha abantu bose icizigiro.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

IKIGABANE CA 11

“Inzira ziwe zose ziragororotse”

Kubera iki ubutungane bw’Imana ari kamere nziza cane?

IKIGABANE CA 12

«Mbega Imana irarenganya?»

Nimba Yehova yanka akarenganyo, kubera iki none kuzuye mw’isi?

IKIGABANE CA 13

«Itegeko rya Yehova riratunganye»

Abajejwe ivy’amategeko boremesha gute urukundo?

IKIGABANE CA 14

Yehova “yaracunguye benshi”

Inyigisho isanzwe ariko ishika kure irashobora kugufasha kwiyegereza Imana.

IKIGABANE CA 15

Yezu “ashiraho ubutungane mw’isi”

Ni gute Yezu yagaragaje ubutungane muri kahise? Ariko abugaragaza gute ubu? Kandi azoshitsa ubutungane gute muri kazoza?

IKIGABANE CA 16

“Kurikiza ubutungane” mu kugendana n’Imana

Ubutungane burabonekera mu kuntu tubona ikibereye n’ikitabereye be no mu kuntu dufata abandi.