Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 14

Yehova “yaracunguye benshi”

Yehova “yaracunguye benshi”

1, 2. Bibiliya idondora gute ukuntu abantu babayeho ubu, kandi uburyo bumwe rudende bwo kubivamwo ni ubuhe?

 «IVYAREMWE vyose biguma binihira hamwe kandi bikababarira hamwe gushika n’ubu.» (Abaroma 8:22) Intumwa Pawulo akoresheje ayo majambo aravuga ukuntu tubayeho mu buryo buteye agahinda. Dufatiye ku kuntu umuntu abona ibintu, bisa n’uko imibabaro, icaha be n’urupfu ata muti vyotorerwa. Mugabo Yehova ntameze nk’abantu usanga bobo hari ivyo badashoboye. (Guharura 23:19) Iyo Mana y’ubutungane yaraturonkeje uburyo bwo kwigobotora amagorwa turimwo. Ubwo buryo bwitwa incungu.

2 Incungu ni yo ngabirano ihambaye kuruta izindi zose Yehova yahaye abantu. Iratuma bishoboka ko dukurwako icaha be n’urupfu. (Abanyefeso 1:7) Ni ryo shimikiro ry’icizigiro c’ubuzima budahera, bwaba ubwo mw’ijuru canke ubwo mw’iparadizo kw’isi. (Luka 23:43; Yohani 3:16; 1 Petero 1:4) Ariko neza na neza incungu n’iki? Itwigisha gute ivyerekeye ubutungane ntangere bwa Yehova?

Ingene incungu yabaye nkenerwa

3. (a) Ni kubera iki incungu yabaye nkenerwa? (b) Ni kubera iki Imana itari guhindura gusa igihano c’urupfu ku ruvyaro rwa Adamu?

3 Incungu yabaye nkenerwa kubera icaha ca Adamu. Mu kugambararira Imana, Adamu yaraze uruvyaro rwiwe indwara, intuntu, umubabaro be n’urupfu. (Itanguriro 2:17; Abaroma 8:20) Imana ntiyari gutwarwa n’inyiyumvo ngo ice ihindura ico gihano c’urupfu. Gukora ivyo kwobaye ari ukwirengagiza ibwirizwa ryayo bwite rigira riti: «Impembo y’igicumuro [ni] urupfu.» (Abaroma 6:23) Kandi iyo Yehova aza kurenga ku ngingo mfatirwako z’ubutungane yashizeho we ubwiwe, akajagari n’ubugarariji vyari guca bikwira hose!

4, 5. (a) Shetani yacokoye Imana gute, kandi ni kubera iki Yehova yategerezwa kwishura ivyo bibazo bitoroshe? (b) Shetani yareze ibirego ibihe abasavyi b’intahemuka ba Yehova?

4 Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 12, ubugarariji bwabaye muri Edeni bwaravyuye mbere ibibazo bihambaye kuruta ubwo bugarariji ubwabwo. Shetani yarasize iceyi izina ryiza ry’Imana. Mu vy’ukuri, yagirije Yehova yuko ari umubeshi ngo akaba n’umutware atwaza igikenye kandi atagira ikigongwe yimye umwidegemvyo ibiremwa vyiwe. (Itanguriro 3:1-5) Mu kumera nk’uwutangira umugambi Imana yari ifise wo kwuzuza isi abantu b’abagororotsi, Shetani kandi yagirije Imana yuko vyayinaniye. (Itanguriro 1:28; Yesaya 55:10, 11) Iyo Yehova areka ivyo bibazo ntivyishurwe, vyinshi mu biremwa vyiwe bifise ubwenge ntivyobaye bicizigira ubutware bwiwe.

5 Shetani kandi yaracokoye abasavyi ba Yehova b’intahemuka, mu kubagiriza yuko basukurira Yehova babitumwe gusa n’imvo z’ubwikunzi, ngo mu gihe boshirwako umukazo nta n’umwe yoguma ari umwizigirwa ku Mana. (Yobu 1:9-11) Ivyo bibazo vyari bihambaye rwose kuruta ingorane abantu barimwo. Yehova yaciye abona ko ategerezwa kwishura ibirego Shetani yamureze vyo kumucafuza. Ariko none Imana yobigenjeje gute kugira itorere inyishu ivyo bibazo kandi ikize abantu?

Incungu bikwiranye

6. Amwamwe mu majambo akoreshwa muri Bibiliya mu gusigura uburyo Imana yashizeho bwo gukiza abantu ni ayahe?

6 Inyishu Yehova yatoreye nya bibazo yari yuzuye imbabazi nyinshi be n’ubutungane bugera kure, ikaba ari inyishu ata muntu n’umwe yokwigeze yiyumvira. Yamara, yari yoroshe neza cane. Iyo nyishu ivugwa mu buryo bunyuranye ko ari ikiguzi, gusubiza hamwe, incungu, be n’impongano. (Zaburi 49:8; Daniyeli 9:24; Ivyakozwe 20:28; Abakolosayi 1:20; Abaheburayo 2:17) Mugabo ijambo rishobora kuba rivuga neza ivyo bintu, ni iryakoreshejwe na Yezu ubwiwe. Yavuze ati: «Umwana w’umuntu [ntiyaje] kugira akorerwe, ahubwo yaje kugira akorere abandi no gutanga ubuzima bwiwe kugira acungure [mu kigiriki, lyʹtron] benshi.»​—Matayo 20:28.

7, 8. (a) Ijambo «incungu» risobanura iki mu Vyanditswe? (b) Ni mu buryo ubuhe incungu irimwo iciyumviro c’ukuringanira?

7 Incungu ni iki? Ijambo ry’ikigiriki ryakoreshejwe ngaha rivuye mu rivuga risigura «kurekura, kubohora.» Iyi mvugo yakoreshwa mu gusigura amahera yarihwa kugira ngo imbohe zafatiwe ku rugamba zirekurwe. Ijambo incungu rero rishobora gusigurwa ko ari ikintu umuntu ariha kugira ngo agarukane ikindi kintu. Mu Vyanditswe vy’igiheburayo, ijambo ryahinduwe ngo «incungu» ari ryo koʹpher rivuye mu rivuga risigura «gupfuka.» Nk’akarorero, Imana yabwiye Nowa yuko ategerezwa “gusiga” (ubwoko bw’iryo jambo nyene) ikaburimbi ku bwato. (Itanguriro 6:14) Ivyo biradufasha gutahura yuko gucungura bisigura kandi gupfuka ivyaha.​—Zaburi 65:3.

8 Birahambaye kubona igitabu kimwe (Theological Dictionary of the New Testament) kivuga yuko iryo jambo (koʹpher) «ryama nantaryo risigura ukuringanira», canke «ugukwirana.» Ku bw’ivyo, kugira ngo icaha gitangirwe incungu, canke gipfukwe, hategerezwa kurihwa ikiguzi kiringaniye, canke gipfuka neza ivyononywe n’icaha. Ni co gituma Ivyagezwe Imana yari yarahaye Abisirayeli vyavuga biti: «Ubuzima buze buhorwe ubundi, ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi, ukuboko ku kundi n’ukuguru ku kundi.»​—Gusubira mu vyagezwe 19:21.

9. Ni kubera iki abagabo b’abizigirwa bashikana ibimazi vy’ibitungwa, kandi Yehova yabona gute mwene ayo mashikanwa?

9 Abagabo b’abizigirwa duhereye kuri Abeli kubandanya, barashikanira Imana ibimazi vy’ibitungwa. Mu kubigira gutyo, baba berekanye ko bazi icaha ico ari co, be n’uko hakenewe ugucungurwa, kandi baba berekanye ko bizera umuhango Imana yatanze w’uguhabuza abantu biciye ku «ruvyaro» rwayo. (Itanguriro 3:15; 4:1-4; Abalewi 17:11; Abaheburayo 11:4) Yehova yararaba ryiza mwene ayo mashikanwa, maze akemera abo basavyi biwe. Ariko rero, amashikanwa y’ibitungwa, aho yageza, yari ikigereranyo gusa. Ibitungwa ntivyashobora vy’ukuri gupfuka icaha c’umuntu, kubera yuko abantu babisumvya agaciro. (Zaburi 8:4-8) Ni co gituma Bibiliya ivuga iti: «[Ntibi]shoboka ko amaraso y’impfizi n’ay’impene akuraho ibicumuro.» (Abaheburayo 10:1-4) Mwene ivyo bimazi vyari ikigereranyo c’incungu yari igiye kuza.

«Incungu y’indinganire»

10. (a) Umucunguzi yategerezwa kuba aringaniye na nde, kandi kubera iki? (b) Ni kubera iki hari hakenewe incungu y’umuntu umwe gusa?

10 Intumwa Pawulo yavuze ati: «Abantu bose ba[ra]pfa kubera Adamu.» (1 Abakorinto 15:22) Vyasaba rero ko haboneka umuntu atunganye anganya agaciro na Adamu, atanga ubuzima bwiwe bwa ncungu. (Abaroma 5:14) Nta bundi bwoko na bumwe bw’ikiremwa bwashobora gutuma umunzane w’ubutungane uja ku buringanire. Umuntu atagira agasembwa wenyene, umuntu adafatwa n’igihano c’urupfu Adamu yaciriwe, ni we yashobora gutanga «incungu y’indinganire ku bwa bose», iyari ikwiranye neza na neza na Adamu. (1 Timoteyo 2:6) Ntivyobaye bikenewe ko abantu amamiliyoni n’amamiliyoni batangwako incungu kugira ngo bakwirane n’umuntu umwumwe wese akomoka kuri Adamu. Intumwa Pawulo yasiguye ati: «Igicumuro . . . carinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe [Adamu], urupfu na rwo ruzanwa n’igicumuro.» (Abaroma 5:12) Kandi «kubera ko urupfu rwazananye ku muntu», Imana yaratunganije ivy’ugucungura abantu “bizananye ku muntu.” (1 Abakorinto 15:21) Uti gute?

«Incungu y’indinganire ku bwa bose»

11. (a) Ni gute Umucunguzi «[yahonjeje] urupfu ku bw’abantu bose»? (b) Ni kubera iki Adamu na Eva batashobora kwungukira kuri nya ncungu? (Raba akajambo k’epfo.)

11 Yehova yaratunganije ivy’uko umuntu atunganye yotanga ubuzima bwiwe avyishakiye. Nk’uko mu Baroma 6:23 habivuga, «impembo y’igicumuro [ni] urupfu.» Mu gutanga ubuzima bwiwe bukaba incungu, nya mucunguzi «yarahonjeje urupfu ku bw’abantu bose.» Mu yandi majambo, yotanze ikiguzi ku bw’icaha ca Adamu. (Abaheburayo 2:9; 2 Abakorinto 5:21; 1 Petero 2:24) Ivyo vyogize ingaruka zishika kure zemewe n’amategeko. Mu guhindura ubusa igihano c’urupfu ku ruvyaro rwa Adamu, iyo ncungu yoranduranye n’imizi ububasha urupfu rufise bwo kwica. a​—Abaroma 5:16.

12. Tanga akarorero k’ukuntu kuriha ideni rimwe bishobora gutuma abantu benshi bironkera ivyiza.

12 Tubitangire akarorero: Iyumvire yuko uba mu gisagara aho benshi mu bakibamwo bakora mw’ihinguriro rinini. Wewe n’ababanyi bawe mukaba muronka umushahara mwiza ku vyo mukora, kandi mukaba mubayeho neza. Mugiye mubona nya hinguriro ryugawe. Bitumwe n’iki? Umukoresha waryo yaranyuruje itunga, bituma iryo hinguriro rihomba. Kubera ko muvuye mu kazi giturumbuka, wewe n’ababanyi bawe ntimushobora kuriha amadeni mufise. Abubakanye, abana, be n’abari barifisemwo imitahe bamerewe nabi bivuye kuri uwo mugabo yanyuruje itunga. Hoba hari uburyo mwovyigobotora? Neza cane! Umugiraneza yifise yiyemeje kuhaseruka. Arazi agaciro k’iryo hinguriro. Vyongeye arumvira imbabazi ba bakozi benshi baryo be n’ingo zabo. Maze agaca atunganya ivyo kuriha ideni iryo hinguriro rifise, hanyuma agasubira kwuguruza nya hinguriro. Ugufutwa kwa rya deni rimwe biciye bitabara ba bakozi benshi, ingo zabo hamwe n’abari barifisemwo imitahe. Cokimwe n’ivyo, ugufutwa kw’ideni Adamu yariye, biratuma abantu amamiliyoni n’amamiliyoni bironkera ivyiza.

Ni nde atanga iyo ncungu?

13, 14. (a) Yehova yaronkeje abantu incungu gute? (b) Iyo ncungu yarishwe nde, kandi ni kubera iki mwene iyo ndishi ikenewe?

13 Yehova wenyene ni we yari ashoboye gutanga «Umwagazi w’intama . . . ukuraho igicumuro c’isi.» (Yohani 1:29) Mugabo Imana ntiyapfuye kurungika umumarayika uwo ari we wese kugira atabare abantu. Ahubwo, yarungitse uwashobora gutanga inyishu ntabanduka kandi ya nyuma ku birego Shetani yareze abasavyi ba Yehova. Egome, Yehova yarahevye ikintu ruheta mu kurungika Umwana wiwe w’ikinege, uwo “yiyumvamwo cane.” (Imigani 8:30) Abigiranye umutima ukunze, Umwana w’Imana «yarahevye vyose» ku vyerekeye ubuzima bwo kuba ikiremwa c’impwemu. (Abafilipi 2:7) Mu buryo bw’igitangaro, Yehova yafashe ubuzima bw’Umwana wiwe w’imfura wo mw’ijuru abwimurira mu nda y’inkumi y’Umuyudakazi yitwa Mariya. (Luka 1:27, 35) Avutse yokwiswe Yezu. Mugabo mu buryo bujanye n’amategeko, yoshoboye kwitwa Adamu wa kabiri, kubera yobaye aringaniye neza na neza na Adamu. (1 Abakorinto 15:45, 47) Gutyo, Yezu yarashobora kwitanga bwa ncungu ku bw’abantu b’abanyavyaha.

14 None iyo ncungu yorishwe nde? Zaburi 49:7 ivuga mu buryo butomoye yuko nya ncungu irihwa «Imana.» Ariko none Yehova si we nyene ari uwa mbere mu kuringaniza ivy’uko incungu iboneka? Egome, mugabo ivyo ntibituma iyo ncungu ihinduka ugukaba kutagira shinge na rugero kwo guheza umwuga, nk’ugukura amahera mu mufuko umwe uyashira mu wundi. Bitegerezwa gutahurwa yuko incungu itari ugukaba ibintu biboneka, mugabo ko ari ugusubiriza ikintu ikindi kwemewe n’amategeko. Mu gutunganya ivy’uko incungu irihwa, naho nyene yamutwaye ikintu kizimvye bimwe vy’agatangaza, Yehova yaremeje ko yumira atanyiganyiga ku butungane bwiwe bugororotse.​—Itanguriro 22:7, 8, 11-13; Abaheburayo 11:17; Yakobo 1:17.

15. Ni kubera iki vyari bikenewe ko Yezu ababazwa hanyuma agapfa?

15 Mu gatasi ko mu 33 inyuma ya Kristu, Yezu Kristu yaremeye arashikirwa n’ikigeragezo cavuyemwo irihwa rya nya ncungu. Yararetse baramufata bamwagiriza ibinyoma, acirwa urw’uko ari inkozi y’ikibi, akomerwa imisumari ku giti co kwicirwako. Ubwo koko vyari bikenewe yuko Yezu ababazwa gushika iyo hose? Egome, kubera yuko ikibazo c’ukutadohoka kw’abasavyi b’Imana categerezwa gutorerwa inyishu. Biri n’ico bivuze kubona Imana itaretse ngo Yezu akiri akana yicwe na Herode. (Matayo 2:13-18) Mugabo igihe Yezu yari ageze mu bigero, yarashoboye kwihanganira umubabaro wose w’ibitero vya Shetani, abigira atahura neza ibibazo vyari vyaravyutse. b Mu kuguma ari “intahemuka, intungane, uwudahumanye, uwutandukanijwe n’abacumuzi” kandi ariko arakorerwa ivy’ubunyamaswa, Yezu yaratanze ikimenyamenya ruhasha c’uko Yehova vy’ukuri afise abasavyi baguma ari abizigirwa mu bigeragezo. (Abaheburayo 7:26) Ntibitangaje rero kubona imbere y’uko Yezu apfa yasemereye mu buryo bw’intsinzi ati: «Birarangutse!»​—Yohani 19:30.

Aheraheza igikorwa ciwe c’ugucungura abantu

16, 17. (a) Yezu yabandanije gute igikorwa ciwe c’ugucungura abantu? (b) Ni kubera iki vyari bikenewe yuko Yezu «aduserukira imbere y’Imana»?

16 Yezu yategerezwa guheraheza igikorwa ciwe c’ugucungura abantu. Ku musi ugira gatatu Yezu apfuye, Yehova yaramuzuye mu bapfuye. (Ivyakozwe 3:15; 10:40) Biciye kuri ico gikorwa c’agahambaye, Yehova ntiyari ahaye impera gusa Umwana wiwe ku bw’umurimo yaranguye adahemuka, mugabo kandi yaramuhaye akaryo ko guheraheza igikorwa ciwe c’ugucungura abantu, akagikora ari Umuherezi Mukuru w’Imana. (Abaroma 1:4; 1 Abakorinto 15:3-8) Intumwa Pawulo asigura ati: «Igihe Kristu yaza ari umuherezi mukuru . . . yarinjiye ahantu heranda, mugabo ntiyinjiranye amaraso y’impene n’ay’amashuri, ahubwo yinjiranye amaraso yiwe bwite rimwe rizima, maze biciye kuri we turonka ubukiriro bw’ibihe bidahera. Kuko Kristu atinjiye ahantu heranda hakozwe n’amaboko hagereranya ahantu heranda nyaho, ahubwo yinjiye mw’ijuru ubwaho, ku buryo ubu aduserukira imbere y’Imana.»​—Abaheburayo 9:11, 12, 24.

17 Yezu ntiyashobora kujana mw’ijuru amaraso yiwe. (1 Abakorinto 15:50) Ahubwo yajanye ico ayo maraso yagereranya, ni ukuvuga agaciro kemewe n’amategeko k’ubuzima bwiwe butunganye yatanzeko incungu. Rero, imbere y’Imana, agaciro k’ubwo buzima yaragashikirije ku mategeko bwa ncungu y’abantu b’abanyavyaha. Yehova yoba yaremeye iyo nkuka? Egome, kandi ivyo vyagaragaye kuri Pentekote yo mu 33 inyuma ya Kristu, igihe impwemu nyeranda yasukwa ku bigishwa nka 120 i Yeruzalemu. (Ivyakozwe 2:1-4) Naho ico kintu cari gishimishije cane, nya ncungu ni ho yari igitangura kuvamwo inyungu z’igitangaza.

Ivyiza biva kuri iyo ncungu

18, 19. (a) Ni imigwi y’abantu ibiri iyihe yungukira ku kwuzura gushoboka biciye ku maraso ya Kristu? (b) Ni ivyiza bimwebimwe ibihe biva kuri iyo ncungu abo mw’«isinzi rinini» bironkera ubu no muri kazoza?

18 Mw’ikete Intumwa Pawulo yandikiye Abakolosayi, yasiguye ko biciye kuri Kristu, Imana yahimbawe no gusubiza hamwe n’ibindi bintu vyose, mu kugiranira amahoro na yo biciye ku maraso ya Yezu yasheshwe ku giti c’ukubabarizwako. Pawulo asigura kandi yuko ukwo gusubiza hamwe gukora ku bw’imigwi ibiri y’abantu itandukanye, ni ukuvuga «ivyo mw’ijuru» hamwe n’«ivyo kw’isi.» (Abakolosayi 1:19, 20; Abanyefeso 1:10) Uwo mugwi wa mbere ugizwe n’Abakirisu 144.000 bahabwa icizigiro co gukora ari abaherezi n’abami mw’ijuru, bakazotwara isi bari kumwe na Kristu Yezu. (Ivyahishuwe 5:9, 10; 7:4; 14:1-3) Biciye kuri bo, abantu bagamburuka bazogenda barironkera ivyiza biva kuri ya ncungu buhorobuhoro, mu kiringo c’imyaka igihumbi.​—1 Abakorinto 15:24-26; Ivyahishuwe 20:6; 21:3, 4.

19 «Ivyo kw’isi» ni abantu bafise icizigiro co kuzoronka ubuzima butunganye mw’Iparadizo kw’isi. Mu Vyahishuwe 7:9-17 habita «isinzi rinini» bazorokoka ya «makuba akomeye» agiye kuza. Mugabo ntibategerezwa kurindira gushika ico gihe kugira ngo binovore ivyiza biva kuri iyo ncungu. Baramaze «[kumesura] amakanzu yabo bayeza mu maraso ya wa Mwagazi w’intama.» Kubera yuko bagaragaza ko bizera iyo ncungu, no muri iki gihe nyene bariko bararonka ivyiza vyo mu buryo bw’impwemu biva kuri iyo ntunganyo yuzuye urukundo. Bariswe ko ari abagororotsi, baba abakunzi b’Imana! (Yakobo 2:23) Bivuye ku nkuka Yezu yatanze, barashobora “kwegera intebe y’ubuntu buhebuje bw’Imana bafise umwidegemvyo wo kuvuga.” (Abaheburayo 4:14-16) Igihe bahuvye, baragirirwa ikigongwe nyakuri. (Abanyefeso 1:7) Naho ari abanyagasembwa, baragira ijwi ryo mu mutima rityoroye. (Abaheburayo 9:9; 10:22; 1 Petero 3:21) Gutyo, ukwuzura n’Imana si ikintu bizigira ko kizoba, mugabo ni ikintu kiriko kiraba! (2 Abakorinto 5:19, 20) Muri ya myaka Igihumbi, «b[a]zokurwa mu buja bw’ukubora» maze amaherezo «[bagire] umwidegemvyo w’agatangaza w’abana b’Imana.»​—Abaroma 8:21.

20. Kuzirikana ku ncungu bigira ico bigukozeko gute wewe ubwawe?

20 «Imana ishimwe biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu» kuba twararonse incungu! (Abaroma 7:25) Ku bwa ngingo irasanzwe, yamara ishika kure bihagije ku buryo ituma tugira akoba. (Abaroma 11:33) Kandi uko tuzirikana kuri iyo ncungu dukenguruka, iradukora ku mutima, tukarushiriza kwiyegereza ya Mana y’ubutungane. Nka kumwe kw’umwanditsi wa Zaburi, turafise imvo zumvikana zo gushemeza Yehova we «akunda ubugororotsi n’ubutungane.»​—Zaburi 33:5.

a Adamu na Eva ntibashobora kwungukira kuri nya ncungu. Ivyagezwe vya Musa vyarimwo iyi ngingo ngenderwako ijanye n’umwicanyi yabikoze nkana: «Ntimuze mwakire amahera yo gucungura umwicanyi kuko ategerezwa gupfa.» (Guharura 35:31) Biratomoye, Adamu na Eva bari bakwiye gupfa kubera ko bagambarariye Imana n’ibigirankana kandi babizi. Muri ubwo buryo bari bahevye ubuzima budahera bari biteze.

b Kugira ngo Yezu asubizeho ivyononywe n’icaha ca Adamu, ntiyategerezwa gupfa ari umwana atagira agasembwa, mugabo yategerezwa gupfa ari umugabo atagira agasembwa. Niwibuke yuko icaha ca Adamu cari cakozwe nkana, agikora azi neza uburemere bwaco be n’inkurikizi cozanye. Ni co gituma kugira ngo Yezu acike «Adamu wa nyuma» maze apfuke ico gicumuro, yategerezwa kuba akuze bihagije kugira abe atahura neza ivyo ariko arakora igihe yahitamwo kuguma ari intahemuka kuri Yehova. (1 Abakorinto 15:45, 47) Gutyo, kuba Yezu yagumye ari intahemuka ubuzima bwiwe bwose akongera agatanga ubuzima bwiwe, vyabaye «igikorwa kimwe c’ubugororotsi.»​—Abaroma 5:18, 19.