Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 3

«Inkerebutsi mu mutima»

«Inkerebutsi mu mutima»

Ubukerebutsi nyakuri ni bumwe mu butunzi bw’agaciro kuruta ubundi bwose ushobora kurondera. Yehova wenyene ni we Soko ryabwo. Muri iki gihimba turihweza twitonze ubukerebutsi butagira aho bugarukira bwa Yehova Imana. Wa mugabo w’umwizigirwa Yobu yavuze ku bimwerekeye ati: «Ni inkerebutsi mu mutima.»​—Yobu 9:4.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

IKIGABANE CA 17

“Ewe kuntu ubukerebutsi bw’Imana bwimbitse!”

Ni kubera iki ubukerebutsi bw’Imana busumba mbere ubumenyi bwayo, ugutahura n’ugutandukanya ibintu?

IKIGABANE CA 18

Ubukerebutsi mw’«Ijambo ry’Imana»

Kubera iki Imana yakoresheje abantu kwandika ivyiyumviro vyayo mu gitabu, kandi ni kubera iki hari ibintu bimwebimwe vyashizwe muri ico gitabu n’ibitashizwemwo?

IKIGABANE CA 19

«Ubukerebutsi bw’Imana butekeye mw’ibanga ryeranda»

Ni ibanga ryeranda irihe Imana yagiye irahishura?

IKIGABANE CA 20

«Inkerebutsi mu mutima», yamara yicisha bugufi

Ni gute Umukama Segaba w’ijuru n’isi yicisha bugufi?

IKIGABANE CA 21

Yezu ahishura «ubukerebutsi buva ku Mana»

Ivyo Yezu yigisha vyari bitangaje cane ku buryo igihe kimwe abasoda bari barungitswe kumufata bagarutse iminwe misa!

IKIGABANE CA 22

«Ubukerebutsi buva mw’ijuru» bwoba buriko burakora mu buzima bwawe?

Bibiliya iradondora ibintu bine nyamukuru bishobora kudufasha gutsimbataza ubukerebutsi buva ku Mana.