Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 17

“Ewe kuntu ubukerebutsi bw’Imana bwimbitse!”

“Ewe kuntu ubukerebutsi bw’Imana bwimbitse!”

1, 2. Ni umugambi uwuhe Yehova yari afitiye umusi ugira indwi, kandi ubukerebutsi bw’Imana bwageragejwe gute mu ntango z’uwo musi?

 VYARONONEKAYE! Ikiremwa muntu ari bwo bwiza ruheta bwaranze umusi w’irema ugira gatandatu, carataye agaciro bukwi na bukwi bimwe biteye agahinda. Yehova yari yatangaje ko «ibintu vyose yari yaremye», ushizemwo n’abantu, «vyari vyiza cane.» (Itanguriro 1:31) Mugabo mu ntango y’umusi ugira indwi, Adamu na Eva bahisemwo gukurikira Shetani mu bugarariji bwiwe. Baciye bisuka mu caha, baba abadatunganye, basigara biteze urupfu.

2 Ni nk’aho umugambi Yehova yari afitiye umusi ugira indwi wari uzimanganye. Uwo musi, cokimwe n’imisi itandatu yari yawutanguriye, wari uwomaze imyaka ibihumbi. Yehova yari yavumereye yuko uwo musi ari mweranda, kandi amaherezo wotumye isi yose ihinduka iparadizo yuzuyeko umuryango w’abantu utunganye. (Itanguriro 1:28; 2:3) Ariko none inyuma y’ukwo kugarariza kw’agahomerabunwa, ico kintu cari gushobora kuranguka gute? Imana yokoze iki? Aho ni ho Yehova yokwerekaniye ubukerebutsi bwiwe budasanzwe mu buryo butangaje.

3, 4. (a) Ni kubera iki ukuntu Yehova yavyifashemwo mu gutorera umuti ubugarariji bwo muri Edeni ari akarorero gateye akoba k’ubukerebutsi bwiwe? (b) Uko dutohoza ubukerebutsi bwa Yehova, ukwicisha bugufi gukwiye gutuma twamiza mu bwenge ukuri ukuhe?

3 Yehova yaciye ubwo nyene abihagurukira. Yaraciriye urubanza abo bagarariji muri Edeni, ico gihe nyene aba araduciriye agace k’ikintu ciza igitangaza: umugambi wiwe wo gutorera umuti ibibi bari bahejeje gutanguza. (Itanguriro 3:15) Uwo mugambi wa Yehova womaze igihe kirekire ugenda uraranguka intambwe ku yindi, ukaba utangurira muri Edeni ugafata imyaka ibihumbi n’ibihumbi muri kahise k’abantu ukabandanya gushika kure muri kazoza. Urasanzwe cane, yamara urimwo ubukerebutsi bwinshi cane ku buryo umusomyi wa Bibiliya yoshobora kumara ubuzima bwiwe ariko arawutohoza yongera awuzirikanako kandi bikamuhimbara. Vyongeye, umugambi wa Yehova utegerezwa kuranguka bimwe bishitse. Uzokuraho ububisha bwose, igicumuro be n’urupfu. Uzoshikana abantu b’intahemuka ku kuba abatunganye. Ivyo vyose bizoshika imbere y’uko umusi ugira indwi urangira, ku buryo, naho hoba iki, Yehova azoba yaranguye umugambi wiwe werekeye isi n’abantu nk’uko nyene yawutegekanije!

4 Mwene ubwo bukerebutsi burateye akoba, si vyo none? Intumwa Pawulo yaravyuriwe umutima wo kwandika ati: “Ewe kuntu ubukerebutsi bw’Imana bwimbitse!” (Abaroma 11:33) Uko dutohoza imice itandukanye y’iyo kamere y’Imana, hari ukuri guhambaye kuza mu bwenge gukwiye gutuma twicisha bugufi: Naho twokwiga ibingana iki, twomenya gusa udusunwa ku bijanye n’ubukerebutsi bwinshi bwa Yehova. (Yobu 26:14) Nimuze tubanze dusigure iyo kamere iteye akoba.

Ubukerebutsi bw’Imana ni iki?

5, 6. Ni isano irihe riri hagati y’ubumenyi n’ubukerebutsi, kandi ubumenyi Yehova afise bungana iki?

5 Ubukerebutsi buratandukanye n’ubumenyi. Vya vyuma vy’intasobwa bita orodinateri birashobora kubika ubumenyi bwinshi cane, mugabo nta muntu n’umwe yovuga ko mwene ivyo bikoresho bifise ubukerebutsi. Ariko rero, ubumenyi n’ubukerebutsi birafitaniye isano. (Imigani 10:14) Nk’akarorero, mu gihe woba ukeneye impanuro iranga ubukerebutsi mu vy’ukwivuza indwara kanaka ikomeye, none woja kubaza umuntu afise ubumenyi buke mu vy’ubuvuzi canke ata n’ubwo afise? Ntibishoboka! Ubumenyi butagira agahaze ni nkenerwa rero kugira ngo umuntu agire ubukerebutsi nyakuri.

6 Yehova arafise ubumenyi butagira aho bugarukira. Kubera ko ari «Umwami w’ibihe bidahera», ni we wenyene yamyeho. (Ivyahishuwe 15:3) Kandi muri iyo myaka yose idaharurwa, yamye azi ikintu cose. Bibiliya ivuga iti: «Nta kiremwa na kimwe gihishijwe imbere yayo. Ahubwo vyose biri gusa kandi vyashizwe ku mugaragaro imbere y’uwuzotubaza ivyo twakoze.» (Abaheburayo 4:13; Imigani 15:3) Kubera ko Yehova ari Umuremyi, aratahura ivyo yaremye bimwe bishitse, kandi yarihweje ivyo umuntu akora vyose kuva mu ntango. Arasuzuma umutima w’umuntu umwumwe wese, ntihagire n’akantu na kamwe kamucika. (1 Ngoma 28:9) Kubera ko yaturemanye ubushobozi bwo kwihitiramwo, aranezerwa iyo abona tugira amahitamwo aranga ubukerebutsi mu buzima. Kubera ko “yumva amasengesho”, arumviriza ibintu bidaharurwa abwirwa icarimwe! (Zaburi 65:2) Kandi ikitovugwa coco, Yehova aribuka mu buryo butagira agatosi.

7, 8. Yehova agaragaza gute ugutahura, ubumenyi be n’ubukerebutsi?

7 Yehova ntafise ubumenyi gusa. Arabona kandi ingene ibintu bigenda bigiranira isano, akanatahura ukuntu ibintu vyinshi bikoranirijwe hamwe bivamwo ikintu kiboneka. Arihweza ibintu akaraba ikiruta ikindi, agatandukanya iciza n’ikibi, igihambaye n’ikidahambaye. Vyongeye, araraba kure y’ibiboneka inyuma, agasesangura gushika imbere mu mutima. (1 Samweli 16:7) Yehova rero aratahura ibintu kandi akamenya kubitandukanya, izo zikaba ari kamere zirengeye ubumenyi. Mugabo ubukerebutsi buri ku rugero rwo hejuru rwose kuruta.

8 Ubukerebutsi bushira hamwe ubwenge, ugutandukanya ibintu be n’ugutahura, maze bukabikoresha. Kukaba nkako, amwamwe mu majambo y’intango yo muri Bibiliya ahindurwa ngo «ubukerebutsi», urudome ku rundi asigura «ugukora gushika ku ntumbero» canke «ubukerebutsi ngirakimazi.» Gutyo rero, ubukerebutsi bwa Yehova si ubwo mu majambo gusa. Ni ngirakimazi, kandi burakora. Akoresheje ubwaguke bw’ubumenyi afise be n’ubwimbike bw’ugutahura kwiwe, Yehova yama nantaryo afata ingingo nziza kuruta zishoboka, akazishitsa akoresheje uburyo bwiza bubaho. Ubwo ni ubukerebutsi nyakuri! Yehova arerekana ukuri kw’aya majambo Yezu yavuze agira ati: «Ubukerebutsi bubonekera ku bikorwa vyabwo.» (Matayo 11:19) Ibikorwa vya Yehova hirya no hino mu kirere, birashingira intahe ikomeye ubukerebutsi bwiwe.

Ibimenyamenya vy’ubukerebutsi bw’Imana

9, 10. (a) Yehova yerekana bwoko ubuhe bw’ubukerebutsi, kandi yabugaragaje gute? (b) Akagingo ngengabuzima gatanga gute ikimenyamenya c’ubukerebutsi bwa Yehova?

9 Woba umaze gutangarira ubuhanga bw’umuhinguzi w’utugenegene ahingura ibintu vyizavyiza bikagenda neza? Ubwo ni ubwoko butangaje bw’ubukerebutsi. (Kuvayo 31:1-3) Yehova ubwiwe ni we Soko rya mwene ubwo bukerebutsi akaba na we Nkerebutsi ihambaye kuruta bose. Umwami Dawidi yavuze ku vyerekeye Yehova ati: «Ndagushemeza kuko ndemwe mu buryo butangaje kandi buteye ubwoba. Ibikorwa vyawe ni agatangaza, kandi ivyo ndabizi neza.» (Zaburi 139:14) Si ivy’imbeshere, uko turushiriza kwiga ivyerekeye umubiri w’umuntu, niko turushiriza guterwa akoba n’ubukerebutsi bwa Yehova.

10 Tubitangire akarorero: Wewe watanguye kubaho uri akagingo ngengabuzima kamwe rudende, ni ukuvuga akagingo ngengabuzima k’akagi ko muri nyoko wawe, kafatanye n’akabuto kavuye muri so wawe. Bidatevye ako kagingo ngengabuzima katanguye kwigabagura. Wewe, uwahavuye uvamwo, umubiri wawe ugizwe n’utugingo ngengabuzima nk’imiliyaridi ibihumbi 100. Utwo duhimba ni utuntu dutoduto inzatsa. Utugingo ngengabuzima 10.000 tw’ubunini bugereranye, twokwira ku mutwe w’isonga ry’igikwashu. Yamara, kamwekamwe kose ni akaremwa k’igitangaza gakozwe mu buryo bugoye itahura. Akagingo ngengabuzima kagizwe n’uduce twinshi tw’urusobe kuruta imashini iyo ari yo yose canke ihinguriro iryo ari ryo ryose vyakozwe n’umuntu. Abanyasiyansi bavuga yuko akagingo ngengabuzima kameze nk’igisagara kizitiye, gifise ubwinjiriro n’inzugi bicungerewe, uburyo bwo kwiyunguruza, uburyo bwo guhanahana amakuru, amahinguriro atanga umuyagankuba, amahinguriro y’ibindi bintu, ahantu hagenewe gutabwa imyavu hagaheza hakayihingura ngo ivemwo ibindi bintu, uburyo bwo kwivuna abansi, eka mbere n’ubwoko bw’intwaro iyobora vyose igakorera hagati mu ntimatima ya nya kagingo. Vyongeye, akagingo ngengabuzima karashobora kwikuramwo akandi gasa na ko mu masaha makeyi gusa!

11, 12. (a) Ni iki gituma utugingo ngengabuzima two mu nda y’agasamo iriko irakura tuba udutandukanye, kandi ivyo bihuye gute n’amajambo ari muri Zaburi 139:16? (b) Ubwonko bw’umuntu bwerekana gute yuko “twaremwe mu buryo butangaje”?

11 Ariko ntiwumve, utugingo ngengabuzima twose ntitumeze kumwe. Uko utugingo ngengabuzima tw’agasamo tubandanya kwigabagura, turarangura imirimo itandukanye cane. Tumwe tuba utw’udutsi nsozabwenge; utundi tuba utw’amagufa, imitsi, amaraso canke utugingo tw’amaso. Ukwo kuntu bitandukanywa vyaranditswe mu cokwitwa «ububiko» bw’akagingo ngengabuzima bwitwa ADN, bukaba burimwo ibintu vyose vyerekana ukuntu umuntu azoba ameze. Birahambaye kubona Dawidi yarahumekewe akabwira Yehova ati: «Amaso yawe yarambonye ngisamwa inda. Ibihimba vyanje vyose vyari vyanditswe mu gitabu cawe.»​—Zaburi 139:16.

12 Ibihimba vy’umubiri bimwebimwe bigizwe n’utuntu twinshi duhanitse. Nk’akarorero, rimbura ubwonko bw’umuntu. Hari ababwise ko ari co kintu kigizwe n’utuntu twinshi duhanitse kuruta ibindi vyose vyubuwe mu vyaremwe. Burimwo utugingo ngengabuzima nk’imiliyaridi 100 tw’udutsi nsozabwenge, tukaba dushobora kuba tungana n’igitigiri c’inyenyeri ziri mu kigwi c’inyenyeri turimwo. Kamwekamwe kose muri utwo tugingo ngengabuzima karashamika kakagira imihora ibihumbi n’ibihumbi igafatanya n’utundi tugingo ngengabuzima. Abanyasiyansi bavuga yuko ubwonko bw’umuntu bwoshobora kujamwo amakuru yose ari mu bubiko bw’ibitabu bwose bwo kw’isi, be n’uko ubushobozi ubwonko bufise bwo kubika, mu vy’ukuri, ata muntu yoshobora kubupima. Naho haciye imyaka mirongo ico gihimba “kiremwe mu buryo butangaje” gitohozwa, abanyasiyansi baremera ko hari aho batoshobora gutegera bimwe bishitse ingene gikora.

13, 14. (a) Ibimonyo be n’ibindi biremwa vyerekana gute yuko «bifise ubwenge burenze», kandi ivyo bitwigisha iki ku vyerekeye Umuremyi wavyo? (b) Ni kubera iki twoshobora kuvuga yuko ibiremwa, nk’akarorero inzu y’igitangurirwa, vyaremanywe “ubwenge”?

13 Ariko rero, abantu ni akarorero kamwe gusa k’ubukerebutsi bwo kurema bwa Yehova. Muri Zaburi 104:24 hagira hati: «Ewe Yehova, ese ukuntu ibikorwa vyawe ari vyinshi! Vyose wabikoranye ubwenge. Isi yuzuye ivyo waremye.» Ubukerebutsi bwa Yehova burabonekera mu caremwe cose kiri iruhande yacu. Nk’akarorero, ikimonyo «[gi]fise ubwenge burenze.» (Imigani 30:24) Mu bisanzwe, imigwi y’ibimonyo iringanijwe mu buryo bw’agatangaza. Imigwi imwimwe ijejwe gukingira ibindi bimonyo, ikarondera imfungurwa mu dukoko twitwa afidi tubeshejweho no kununuza ibiterwa, nk’aho womenga utwo dukoko ni ubworozi bw’ibimonyo. Ibindi bimonyo usanga bikora bwa barimyi, bikarima bikongera bikabungabunga «ibiterwa» vy’ibizinuzinu. Hariho ibindi biremwa vyinshi vyaremanywe ubushobozi bwo gukora ibintu bihambaye bikoresheje itima. Isazi isanzwe iragira ibintu vy’agatebetebe mu kirere ivyo indege ya mbere ihanitse yahinguwe n’umuntu idashobora kwigana. Inyoni z’ingenzi zirafata ingendo zisunze inyenyeri, zikisunga ahantu isi ikwegera ibintu bwa sumaku, canke zikisunga ubwoko bunaka bw’ikarata ndondabihugu zaremanywe. Abahinga mu vy’ibifise ubuzima baramara imyaka n’imyaka batohoza inyifato nsingabwenge zihanitse ziri muri ivyo biremwa. Ese ukuntu rero Imana yo yaziremanye izo nyifato itegerezwa kuba yuzuye ubukerebutsi!

14 Abanyasiyansi barigiye vyinshi ku bukerebutsi bwa Yehova bwo kurema. Mbere hariho igisata c’ivy’ubuhinga bwo guhingura ibintu kirondera kwigana ubuhinga bwo mu vyaremwe. Nk’akarorero, ushobora kuba warigeze kwitegereza ujorewe ubwiza bw’inzu y’igitangurirwa. Mugabo umuhinga ayifata nk’ikintu gihinguye mu buryo bw’agatangaza. Utugozi tumwetumwe dusa n’utworoshe usanga dukomeye kuruta icuma kitagwa ingese, tukaba tugumye kuruta utunyuzi tw’ikoti idatoborwa n’amasasu. Ariko neza na neza utwo tugozi dukomeye ku rugero rungana iki? Niwihe ishusho y’inzu y’igitangurirwa yoba yagizwe nini gushika ingane n’urusenga rukoreshwa ku bwato bwo kuroba. Mwene uwo mutego woshobora gufata indege itwara abantu iriko iragenda mu kirere! Emwe, ivyo bintu vyose Yehova yabiremanye “ubwenge.”

Ni nde yagenye ivy’uko ibiremwa vyo kw’isi biba “bifise ubwenge burenze”?

Ubukerebutsi kure y’isi

15, 16. (a) Amajuru yuzuye inyenyeri atwigisha iki ku bijanye n’ubukerebutsi bwa Yehova? (b) Ikibanza Yehova afise co kuba Umukomanda Rudasumbwa agaba abamarayika ibihumbi n’ibihumbi, kigaragaza gute ubukerebutsi uwo Mutegetsi afise?

15 Ubukerebutsi bwa Yehova buragaragarira mu bikorwa yakoze vyo hirya no hino mu kirere. Amajuru yuzuye inyenyeri, izo twihweje gatoyi mu kigabane ca 5, ntizapfuye gukwiragira mu kirere gutyo gusa. Bitumwe n’ubukerebutsi bw’«amategeko agenga ijuru» ya Yehova, amajuru yagiye aratunganywa neza mu bigwibigwi vy’inyenyeri vyitwa amagalagisi, ano na yo ashirwa hamwe akaba ibirundo vy’ibigwibigwi vy’inyenyeri, bino na vyo bigashirwa mu birundo vy’imigwi y’ibigwibigwi vy’inyenyeri nyene. (Yobu 38:33) Ntibitangaje kuba Yehova avuga ko ibisyo vyo mw’ijuru ari «ingabo»! (Yesaya 40:26) Ariko rero, hariho izindi ngabo mbere zigaragaza mu buryo bukomeye kuruta ubukerebutsi bwa Yehova.

16 Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 4, Imana ifise izina ry’icubahiro ari ryo «Yehova Nyeningabo» kubera ikibanza afise co kuba ari Umukomanda Rudasumbwa w’ingabo nyinshi imiliyoni amajana n’amajana z’ibiremwa vy’impwemu. Ivyo birerekana ububasha bwa Yehova. None ng’aho hajamwo gute ubukerebutsi bwiwe? Rimbura ibi: Yehova na Yezu ntibigera barera amaboko. (Yohani 5:17) Bica vyumvikana rero yuko abasuku b’abamarayika bakorera Musumbavyose na bo nyene bama bariko barakora. Ibuka kandi yuko baruta umuntu, bakaba bafise ubwenge n’ububasha birengeye. (Abaheburayo 1:7; 2:7) Yamara, Yehova yatumye abo bamarayika bose baguma bafise ivyo bakora, bakajamwo mu gushitsa igikorwa ciwe babigiranye umunezero, ni ukuvuga igikorwa co «[ku]gamburuka ijwi ryiwe» no gukora «ukugomba kwiwe», bakaba bamaze imyaka amamiliyaridi n’amamiliyaridi bakora ico gikorwa. (Zaburi 103:20, 21) Ibaze ukuntu ubukerebutsi bw’uwo Mutegetsi butegerezwa kuba buteye akoba!

Yehova ni we “wenyene afise ubukerebutsi”

17, 18. Ni kubera iki Bibiliya ivuga yuko Yehova ari we “wenyene afise ubukerebutsi”, kandi ni kubera iki ubukerebutsi bwiwe bukwiye gutuma twumva akoba?

17 Twisunze mwene ivyo bimenyamenya, none vyoba bitangaje kuba Bibiliya ivuga yuko Yehova ari we ntangere mu bukerebutsi? Nk’akarorero, ivuga yuko Yehova ari we “wenyene afise ubukerebutsi.” (Abaroma 16:27) Yehova wenyene ni we afise ubukerebutsi mu buryo butagira agahaze. Ni we Soko ry’ubukerebutsi nyakuri bwose. (Imigani 2:6) Ni co gituma Yezu, naho ari we ari n’ubukerebutsi kuruta ibindi biremwa vyose vya Yehova, atigeze yiheka ku bukerebutsi bwiwe bwite, mugabo yavuga nk’uko Se yamutegetse.​—Yohani 12:48-50.

18 Ehe raba ingene intumwa Pawulo yaseruye ivy’uko ubukerebutsi bwa Yehova ari ntangere: «Ewe kuntu Imana itanga cane! Ewe kuntu ubukerebutsi bwayo n’ubumenyi bwayo vyimbitse! Ese ukuntu imanza zayo zisiga ubwenge n’ukuntu inzira zayo zirengeye ugutahura!» (Abaroma 11:33) Mu gutangura uwo murongo akoresheje akajambo k’ugutangara ngo «Ewe» Pawulo yarerekanye ko atangaye cane, ng’aha akaba yari agize akoba. Ijambo ry’ikigiriki yahisemwo gukoresha kuri «vyimbitse» rirafitaniye isano rya hafi n’ijambo «igisumanyenzi.» Rero, amajambo yavuze aravyura mu bwenge ishusho ikomeye. Iyo tuzirikanye ku bukerebutsi bwa Yehova, ni nk’aho tuba dutamariye kuraba mu kinogo kidafise aho kigarukira, kitagira hasi epfo, ahantu h’ibwina kure, hagera iyo n’iyo ku buryo tutopfa twarashoboye gutegera ubunini bwaho, tutavuze ivyo kubwerekana neza canke kubushushanya ido n’ido. (Zaburi 92:5) Mbega none ico si iciyumviro gikwiye gutuma twicisha bugufi?

19, 20. (a) Ni kubera iki inkona ari ikigereranyo kibereye c’ubukerebutsi bw’Imana? (b) Yehova yagaragaje gute ubushobozi bwiwe bwo gusesangura muri kazoza?

19 Yehova ni we “wenyene afise ubukerebutsi” mu bundi buryo: Ni we wenyene ashobora gusesangura muri kazoza. Ibuka yuko Yehova akoresha inkona ibona kure mu kugereranya ubukerebutsi bwiwe. Inkona nini ishobora gupima ibiro 5 gusa, mugabo amaso yayo ni manini kuruta ay’umuntu akuze. Inkona ifise ubushobozi butangaje bwo kuraba kure ku buryo ishobora kubona agakoko yorya kangana urwara yibereye mu kirere ku metero amajana n’amajana, kumbure mbere no ku birometero bitari bike! Igihe kimwe Yehova ubwiwe yaravuze ku vyerekeye inkona ati: «Amaso yayo abona kure cane.» (Yobu 39:29) Mu buryo nk’ubwo nyene, Yehova arashobora kuraba «kure cane» mu vy’igihe, ni ukuvuga muri kazoza!

20 Bibiliya yuzuyemwo ibimenyamenya bigaragaza ko ivyo ari ivy’ukuri. Irimwo ubuhanuzi amajana n’amajana, canke inkuru za kahise zanditswe imbere y’igihe. Intambara, uguhaguruka n’ugutemba kw’intwaro nganzasi, mbere n’ubuhinga bwo kurwana intwazangabo zokoresheje, ivyo vyose vyari vyaravuzwe muri Bibiliya, rimwerimwe bikavugwa hagisigaye imyaka amajana ngo bibe.​—Yesaya 44:25–45:4; Daniyeli 8:2-8, 20-22.

21, 22. (a) Ni kubera iki bitumvikana kwiyumvira yuko Yehova abona imbere y’igihe amahitamwo yose uzogira mu buzima? Bitangire ikigereranirizo. (b) Tuzi dute yuko ubukerebutsi bwa Yehova atari ubutarimwo igishika canke ko butagiramwo inyiyumvo?

21 Ariko none, ivyo vyoba bisigura yuko Imana yamaze kubona amahitamwo uzogira mu buzima? Abigisha yuko ibintu vyose bishikira umuntu aba yaravyandikiwe, ni ko bavuga. Ariko rero, mu vy’ukuri ico ciyumviro kiratitura ubukerebutsi bwa Yehova, kubera ko cumvikanisha yuko adashobora gutegeka canke kubuza ubushobozi bwiwe bwo kuraba muri kazoza. Tubitangire akarorero: Nka hamwe woba ufise ijwi ryo kuririmba riryoheye ugutwi, none nta kindi wokora atari ukuguma uririmba umwanya wose? Ivyo ntivyokwumvikana! Na Yehova nyene arafise ubushobozi bwo kumenya kazoza imbere y’igihe, mugabo ntabukoresha umwanya wose. Kubigira gutyo vyohava biba uguhonyanga uburenganzira dufise bwo kwihitiramwo, bukaba ari ingabirano y’agaciro Yehova atazokwigera atwaka.​—Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20.

22 Yamara ikirushirije kuba kibi, ni uko iciyumviro c’uko ibintu vyose biba ku muntu aba yaravyandikiwe ubwaco gisobanura yuko ubukerebutsi bwa Yehova butarimwo igishika, butagiramwo urukundo, inyiyumvo canke imbabazi. Ariko ivyo ntibishobora kuba ari vyo! Bibiliya yigisha yuko Yehova ari «inkerebutsi mu mutima.» (Yobu 9:4) Si ukuvuga yuko afise umutima w’inyama, mugabo Bibiliya akenshi irakoresha iryo jambo mu bijanye n’umuntu w’imbere, uwurimwo n’imvo zituma umuntu akora ikintu, ukabamwo n’inyiyumvo, nk’urukundo. Gutyo rero, ubukerebutsi bwa Yehova, cokimwe n’izindi kamere ziwe, buyoborwa n’urukundo.​—1 Yohani 4:8.

23. Kuba Yehova afise ubukerebutsi bwinshi bikwiye gutuma dukora iki?

23 Ubukerebutsi bwa Yehova busanzwe ari ubwo kwizigirwa bimwe bishitse. Buri hejuru rwose y’ubukerebutsi bwacu bwite, ku buryo Ijambo ry’Imana riduhimiriza ribigiranye urukundo riti: «Niwizigire Yehova n’umutima wawe wose, kandi ntiwiheke ku bwenge bwawe. Numwibuke mu vyo ukora vyose, na we azogorora inzira zawe.» (Imigani 3:5, 6) Nimuze ducukure mu bukerebutsi bwa Yehova kugira ngo dushobore kurushiriza kwiyegereza Imana yacu yuzuye ubukerebutsi.