Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 19

«Ubukerebutsi bw’Imana butekeye mw’ibanga ryeranda»

«Ubukerebutsi bw’Imana butekeye mw’ibanga ryeranda»

1, 2. Ni «ibanga ryeranda» irihe dukwiye kwitwararika, kandi kubera iki?

 AMABANGA! Kubera yuko avyurira abantu inyota yo kuyumva, akabakwegēra, kandi agatuma bibaza ibibazo, kenshi birabagora kutayamena. Ariko rero, Bibiliya ivuga iti: «Ubuninahazwa bw’Imana ni ukugumiza ikintu ari ibanga.» (Imigani 25:2) Egome, kubera ko Yehova ari Umutware Segaba akaba n’Umuremyi, arahisha ibintu bimwebimwe abantu, kandi ivyo birakwiriye, gushika igihe yashinze co kubibahishurira kigeze.

2 Ariko rero, hariho ibanga rikwegēra Yehova yahishuye mw’Ijambo ryiwe. Iryo banga ryitwa «ibanga ryeranda rihuye n’ivyo [Imana] igomba.» (Abanyefeso 1:9) Kwiga ibiryerekeye ntibituma gusa inyota ufise yo kuryumva ihera. Kumenya ivyereke iryo banga birashobora kugushikana ku bukiriro, bigashobora no kukwereka ibitari bike vyo mu bukerebutsi bwa Yehova butagira urugero.

Ryahishuwe buhorobuhoro

3, 4. Ubuhanuzi bwanditse mw’⁠Itanguriro 3:15 bwatanze gute icizigiro, kandi bwari burimwo ikinyegezwa canke «ibanga ryeranda» irihe?

3 Igihe Adamu na Eva bacumura, umugambi wa Yehova wo gutuma isi y’iparadizo ibako abantu batunganye ushobora kuba wasa n’uwuhagaze. Mugabo Imana yaciye ihagurukira ico kibazo buno nyene. Yavuze iti: «Nzoshira urwanko hagati yawe [inzoka] na wa mugore no hagati y’uruvyaro rwawe n’uruvyaro rwiwe. Uruvyaro rwiwe ruzogufyonyora umutwe, nawe uzorukomeretsa ku gitsintsiri.»​—Itanguriro 3:15.

4 Ayo yari amajambo avuruga ubwenge, agoye gutahura. Uwo mugore yari nde? Iyo nzoka yari nde? Urwo «ruvyaro» rwokomerekeje umutwe w’inzoka rwari nde? Nta kindi Adamu na Eva bari bashoboye atari ugukekeranya gusa. Ariko rero, amajambo Imana yavuze yaratanze icizigiro c’uko abo bantu babiri b’abahemu bokomotseko uruvyaro rw’abizigirwa. Ubugororotsi bwotsinze. Umugambi wa Yehova worangutse. Ariko none worangutse gute? Emwe, iryo ryari ibanga! Bibiliya ivyita «ubukerebutsi bw’Imana butekeye mw’ibanga ryeranda, ubukerebutsi bwanyegejwe.»​—1 Abakorinto 2:7.

5. Tanga akarorero kerekana igituma Yehova yagiye arahishura ibanga ryiwe buhorobuhoro.

5 Kubera yuko Yehova ari we «[a]hishura amabanga», amaherezo yohishuye ibintu bigoye bijanye n’ukuntu ivy’iryo banga vyogenze. (Daniyeli 2:28) Mugabo ivyo yobikoze buhorobuhoro intambwe ku yindi. Mu kubitangira ikigereranirizo, twoshobora kwiyumvira uburyo sebibondo munyarukundo avyifatamwo igihe agahungu kiwe kamubajije kati: «Da, jewe navuye hehe?» Sebibondo w’inkerebutsi abwira ako gahungu amakuru gashobora gutahura gusa. Uko ako gahungu karushiriza gukura, se agenda arakabwira ibindi. Mu buryo nk’ubwo, Yehova aramenya igihe abasavyi biwe bageze guhishurirwa ivy’ukugomba kwiwe be n’umugambi wiwe.​—Imigani 4:18; Daniyeli 12:4.

6. (a) Isezerano rifise akamaro akahe? (b) Ni kubera iki biri n’ico bivuze kuba Yehova yaragiraniye amasezerano n’abantu?

6 Yehova yahishuye iryo banga gute? Yarakoresheje urukurikirane rw’amasezerano, kugira ngo ahishure vyinshi. Ntihabuze igihe woba waragiraniye n’umuntu amasezerano, kumbure mu kugura inzu canke mu kugurana umuntu amahera. Mwene ayo masezerano yatanga icemeza cemewe n’amategeko c’uko ibintu vyumvikanyweko bitobaye amasigaracicaro. Ariko none ni kubera iki vyokenewe ko Yehova agiranira n’abantu amasezerano yemewe? Ata gukeka, ijambo avuze riba ari icemeza gihagije c’uko imihango atanze izoranguka. Ivyo ni ukuri, yamara mu bihe bitari bike, Imana ibigiranye ubuntu yarashigikiye ivyo ivuze ikoresheje amasezerano yemewe n’amategeko. Iyo myumvikano ntarengwa iraduha twebwe abantu badatunganye ishimikiro rikomeye mbere kuruta ry’ukwizigira imihango ya Yehova.​—Abaheburayo 6:16-18.

Isezerano yagiranye na Aburahamu

7, 8. (a) Ni isezerano irihe Yehova yagiraniye na Aburahamu, kandi ritanga uwuhe muco kuri rya banga ryeranda? (b) Yehova yagiye aramenyekanisha gute amamuko ya rwa ruvyaro rwasezeranywe?

7 Imyaka irenga ibihumbi bibiri inyuma y’aho umuntu yirukaniwe mw’Iparadizo, Yehova yabwiye umusavyi wiwe w’umwizigirwa Aburahamu ati: «Ni ukuri . . . nzogwiza uruvyaro rwawe nk’inyenyeri zo mu kirere . . . Kandi amahanga yose yo kw’isi azohezagirwa biciye ku ruvyaro rwawe, kuko wanyumviye.» (Itanguriro 22:17, 18) Uwo ntiwari umuhango gusa; Yehova yawugize mu buryo bw’isezerano ryemewe n’amategeko kandi awushigikiza indahiro ntarengwa. (Itanguriro 17:1, 2; Abaheburayo 6:13-15) Ese ukuntu bitangaje kubona vy’ukuri Umukama Segaba yarasezeranye kuronsa ivyiza abantu!

«Nzogwiza uruvyaro rwawe nk’inyenyeri zo mu kirere»

8 Isezerano rya Aburahamu ryarahishuye yuko nya ruvyaro rwasezeranywe rwoje ari umuntu, kubera yuko rwobaye uruvyaro rwa Aburahamu. Ariko none uwo muntu yobaye nde? Mu nyuma, Yehova yahishuye yuko mu bahungu ba Aburahamu, Izahaki yobaye sekuruza wa nya ruvyaro. Mu bahungu babiri ba Izahaki, Yakobo ni we yatowe. (Itanguriro 21:12; 28:13, 14) Mu nyuma, Yakobo yavuze ku vyerekeye umwe mu bahungu biwe 12 aya majambo y’ubuhanuzi: «Agakoni k’ubwami ntikazova kwa Yuda, kandi n’inkoni ya kizigenza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, gushika Shilo [canke «uwo vyegukira», akajambo k’epfo] aje. Amahanga yose azomugamburukira.» (Itanguriro 49:10) Ico gihe vyari bimenyekanye yuko nya ruvyaro rwobaye Umwami, uwokomotse mu ruvyaro rwa Yuda!

Isezerano yagiranye na Isirayeli

9, 10. (a) Ni isezerano irihe Yehova yagiraniye n’ihanga rya Isirayeli, kandi iryo sezerano ryatanze uburinzi ubuhe? (b) Itegeko ryerekanye gute yuko abantu bakeneye incungu?

9 Mu mwaka wa 1513 imbere ya Kristu, Yehova yaragize intunganyo yaciriye inzira ihishurwa ry’ibindi bintu vyerekeye nya banga ryeranda. Yaragiraniye isezerano n’abakomotse kuri Aburahamu, ni ukuvuga ihanga rya Isirayeli. Naho ubu ritagikora, iryo sezerano ry’Itegeko rya Musa ryari igihimba gihambaye c’umugambi wa Yehova wo kuzana nya ruvyaro rwasezeranywe. Uti gute? Rimbura uburyo butatu. Ubwa mbere, Itegeko ryari nk’igihome gikingira. (Abanyefeso 2:14) Amabwirizwa yaryo agororotse yakoze nk’ikintu gitangira kiri hagati y’Abayuda n’Abanyamahanga. Gutyo Itegeko ryarafashije gukingira amamuko ya nya ruvyaro rwasezeranywe. Bitumwe ahanini n’ukwo gukingirwa, iryo hanga rya Isirayeli ryari rikiriho igihe ikiringo Imana yashinze c’uko Mesiya avukira mu muryango wa Yuda cashika.

10 Ubugira kabiri, Itegeko ryarerekanye neza yuko abantu bakeneye incungu. Kubera ko ryari Itegeko ritunganye, ryarashize ahabona yuko abantu b’abacumuzi badashobora kubikurikiza bimwe bishitse. Gutyo, ryakoze «kugira ngo ibicumuro bije ahabona, kugeza uruvyaro rwari rwarahawe umuhango rushitse.» (Abagalatiya 3:19) Biciye ku bimazi vy’ibitungwa, Itegeko ryarategekanya ivyo guhongera ivyaha. Mugabo kuva ico gihe, nk’uko Pawulo yavyanditse, «[ntibishoboka] ko amaraso y’impfizi n’ay’impene akuraho ibicumuro.» Ku bw’ivyo, ivyo bimazi vyarafashije abantu gutahura ko bari bakeneye incungu, ni ukuvuga ikimazi gitunganye copfutse ibicumuro vyabo rimwe rizima. (Abaheburayo 10:1-4) Ku Bayuda b’abizigirwa rero, iryo sezerano ryabaye “umurezi abajana kuri Kristu.”​—Abagalatiya 3:24.

11. Ni icizigiro ciza igitangaza ikihe isezerano ry’Itegeko ryahaye Abisirayeli, mugabo ni kubera iki iryo hanga turifatiye hamwe ryahomvye?

11 Ubugira gatatu, iryo sezerano ryarahaye ihanga rya Isirayeli icizigiro ciza igitangaza. Yehova yababwiye yuko iyo bagaragaza ko ari intahemuka kuri iryo sezerano, bobaye «ubwami bw’abaherezi n’ihanga ryeranda.» (Kuvayo 19:5, 6) Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri amaherezo yaravuyemwo koko aba mbere mu bagize ubwami bwo mw’ijuru bw’abaherezi. Ariko rero, ihanga rya Isirayeli turifatiye hamwe, ryaragararije isezerano ry’Itegeko, riratera akagere nya ruvyaro ari we Mesiya, maze riratakaza ico cizigiro. None ni bande bokwije ubwo bwami bw’abaherezi? Kandi iryo hanga ryahezagiwe ryobaye rijanye gute n’uruvyaro rwasezeranywe? Iyo mice ya rya banga ryeranda yohishuwe mu gihe cashinzwe n’Imana.

Isezerano ry’ubwami yagiranye na Dawidi

12. Ni isezerano irihe Yehova yagiraniye na Dawidi, kandi ryahishuye iki ku bijanye na rya banga ryeranda ry’Imana?

12 Mu kinjana ca 11 imbere ya Kristu, Yehova yaratanze uwundi muco kuri nya banga ryeranda igihe yagira irindi sezerano. Yahaye umuhango Umwami w’umwizigirwa Dawidi ati: «Uruvyaro rwawe bwite, nzo[ru]gira umwami mu kibanza cawe. Kandi ubwami bwiwe nzobukomeza. . . . Intebe yiwe y’ubwami nzoyikomeza ibihe bidahera.» (2 Samweli 7:12, 13; Zaburi 89:3) Aha na ho, ayo majambo yari ahishuye ko nya ruvyaro rwasezeranywe rwokomotse mu muryango wa Dawidi. Ariko none, umuntu asanzwe yari gushobora gutwara igihe kitagira urugero? (Zaburi 89:20, 29, 34-36) Kandi mwene uwo mwami w’umuntu yari gushobora gukura abantu mu caha n’urupfu?

13, 14. (a) Dukurikije Zaburi 110, ni umuhango uwuhe Yehova aha Umwami wiwe yarobanuwe? (b) Ni ibindi bintu ibihe abahanuzi ba Yehova bahishuye ku bijanye n’uruvyaro rwari mu kuza?

13 Dawidi ahumekewe, yanditse ati: «Yehova yabwiye Umukama wanje ati: “Icara iburyo bwanje, gushika abansi bawe ndabagize nk’intebe y’ibirenge vyawe.” Yehova yararahiye, kandi ntazokwivuguruza. Yavuze ati: “Uri umuherezi ibihe vyose mu buryo bwa Melekisedeki!”» (Zaburi 110:1, 4) Amajambo Dawidi yavuze yerekeza neza na neza kuri rwa ruvyaro rwasezeranywe, ari rwo Mesiya. (Ivyakozwe 2:35, 36) Uwo Mwami yotegetse, atari i Yeruzalemu, mugabo ari mw’ijuru «iburyo» bwa Yehova. Ivyo ntivyomuhaye ubutware ku gihugu ca Isirayeli gusa, mugabo kw’isi yose. (Zaburi 2:6-8) Ng’aha hari ikindi kintu cari gihishuwe. Urabona yuko Yehova yarahiye indahiro ihambaye yuko Mesiya yobaye «umuherezi . . . mu buryo bwa Melekisedeki.» Cokimwe na Melekisedeki, umwe yakora ari umwami akaba n’umuherezi mu gihe ca Aburahamu, uruvyaro rwari kuza rwoshinzwe igikorwa kivuye ku Mana ubwayo co gukora bwa Mwami akongera akaba Umuherezi!​—Itanguriro 14:17-20.

14 Mu myaka n’iyindi yahaciye, Yehova yarakoresheje abahanuzi biwe kugira ngo ahishure ibindi bintu vyerekeye ibanga ryiwe ryeranda. Nk’akarorero, Yesaya yahishuye ko nya ruvyaro rwotanze ubuzima bwarwo bwa ncungu. (Yesaya 53:3-12) Mika yari yaravuze ahantu Mesiya yovukiye. (Mika 5:2) Daniyeli we mbere yari yaravuze igihe ntabanduka urwo ruvyaro rwari guserukirako n’igihe ntabanduka rwari gupfirako.​—Daniyeli 9:24-27.

Ibanga ryeranda rihishurwa!

15, 16. (a) Umwana wa Yehova yaje “kuvyarwa n’umugore” gute? (b) Yezu yarazwe iki n’abavyeyi biwe b’abantu, kandi yashitse ryari ari rwa ruvyaro rw’isezerano?

15 Ukuntu ubwo buhanuzi bworangutse vyagumye ari ibanga gushika aho rwa ruvyaro nyezina rwoserukiye. Mu Bagalatiya 4:4 hagira hati: «Igihe cashinzwe kimaze kurangira, Imana yararungitse Umwana wayo, avyarwa n’umugore.» Mu mwaka ugira 2 imbere ya Kristu, umumarayika yabwiye inkumi y’Umuyudakazi yitwa Mariya ati: «Umve, uzosama inda maze uvyare umuhungu, kandi uze umwite Yezu. Azoba uwuhambaye kandi azokwitwa Umwana w’Imana Musumbavyose. Yehova Imana azomuha intebe y’ubwami ya se wiwe Dawidi. . . . Impwemu nyeranda izokuzako, kandi ububasha bw’Imana Musumbavyose buzogutwikira. Ni co gituma umwana azovuka azokwitwa mweranda, Umwana w’Imana.»​—Luka 1:31, 32, 35.

16 Mu nyuma, Yehova yarakuye ubuzima bw’Umwana wiwe mw’ijuru abwimurira mu nda ya Mariya, ku buryo yahavuye avyarwa n’umugore. Mariya yari umugore adatunganye. Yamara, Yezu ntiyarazwe agasembwa na Mariya, kubera ko yari «Umwana w’Imana.» Muri ico gihe nyene, abavyeyi ba Yezu bo kw’isi, bwa bantu bakomoka kuri Dawidi, baramuronkeje uburenganzira mvukanwa kandi bwemewe n’amategeko bwo kuba samuragwa wa Dawidi. (Ivyakozwe 13:22, 23) Ku musi Yezu abatizwa mu 29 inyuma ya Kristu, Yehova yaramurobanuje impwemu nyeranda, maze avuga ati: «Uyu ni Umwana wanje nkunda cane, uwo nashimye.» (Matayo 3:16, 17) Amaherezo, rwa ruvyaro rwari rugiye rwashika! (Abagalatiya 3:16) Cari igihe co guhishura vyinshi vyerekeye rya banga ryeranda.​—2 Timoteyo 1:10.

17. Ni ibiki vyahishuwe ku bijanye n’insobanuro y’ibivugwa mw’⁠Itanguriro 3:15?

17 Igihe Yezu yarangura ubusuku bwiwe, yarerekanye ko ya nzoka ivugwa mw’itanguriro 3:15 ari Shetani, be n’uko uruvyaro rw’inzoka ari abayoboke ba Shetani. (Matayo 23:33; Yohani 8:44) Mu nyuma, harahishuwe ingene abo bose bazosangangurwa ubutagisubira kubaho. Kandi wa mugore yaramenyekanye yuko ari «Yeruzalemu yo hejuru», canke umugore w’Imana, ni ukuvuga igice co mw’ijuru c’ishirahamwe rya Yehova, rigizwe n’ibiremwa vy’impwemu. a​—Abagalatiya 4:26; Ivyahishuwe 12:1-6.

Isezerano rishasha

18. Intumbero y’«isezerano rishasha» ni iyihe?

18 Kumbure ihishurwa rihambaye kuruta ayandi yose ni iryabaye mw’ijoro ry’imbere y’urupfu rwa Yezu, igihe yabwira abigishwa biwe b’intahemuka ivyerekeye «isezerano rishasha.» (Luka 22:20) Cokimwe n’iryaritanguriye, ari ryo sezerano ry’Itegeko rya Musa, iryo sezerano rishasha ryari gutanga «ubwami bw’abaherezi.» (Kuvayo 19:6; 1 Petero 2:9) Ariko rero, iryo sezerano ntiryoshizeho ihanga ryo mu buryo bw’umubiri, ahubwo ryoshizeho iryo mu buryo bw’impwemu, «Isirayeli y’Imana», irigizwe gusa n’abayoboke ba Kristu b’abizigirwa barobanuwe. (Abagalatiya 6:16) Abo bantu bafise uruhara mw’isezerano rishasha bofatanije na Yezu mu kuronsa ivyiza abantu!

19. (a) Ni kubera iki isezerano rishasha riroranirwa mu kuzana «ubwami bw’abaherezi»? (b) Ni kubera iki abakirisu barobanuwe bitwa «ikiremwa gishasha», kandi bazokorana na Yezu mw’ijuru ari bangahe?

19 Ariko none ni kubera iki iryo sezerano rishasha riroranirwa mu kuzana «ubwami bw’abaherezi» kugira bahezagire umuryango w’abantu? Ni ukubera yuko aho gucira urubanza abigishwa ba Kristu ngo ni abacumuzi, rituma bishoboka ko baharirwa ibicumuro vyabo biciye ku nkuka yiwe. (Yeremiya 31:31-34) Igihe Yehova abonye ko badahumanye, aca abashira mu muryango wiwe wo mw’ijuru maze akabarobanuza impwemu nyeranda. (Abaroma 8:15-17; 2 Abakorinto 1:21) Gutyo “baravuka bushasha bakagira icizigiro kizima babikiwe mw’ijuru.” (1 Petero 1:3, 4) Kubera yuko mwene ico kibanza co mu rwego rwo hejuru ari gishasha rwose ku bantu, abakirisu bavyawe n’impwemu nyeranda bitwa «ikiremwa gishasha.» (2 Abakorinto 5:17) Bibiliya ihishura yuko abantu 144.000 amaherezo ari bo bazoja mw’ijuru, bakaganza abari kw’isi.​—Ivyahishuwe 5:9, 10; 14:1-4.

20. (a) Ni ihishura irihe rijanye n’ibanga ryeranda ryabaye mu mwaka wa 36 inyuma ya Kristu? (b) Ni bande bazoronka imihezagiro yasezeraniwe Aburahamu?

20 Abo barobanuwe bari kumwe na Yezu, bacika «uruvyaro rwa Aburahamu.» b (Abagalatiya 3:29) Aba mbere batoranijwe bari Abayuda bo ku mubiri. Mugabo mu 36 inyuma ya Kristu, hari uwundi muce wa rya banga ryeranda wahishuwe: Abanyamahanga ni ukuvuga abatari Abayuda, na bo nyene bogize icizigiro c’ijuru. (Abaroma 9:6-8; 11:25, 26; Abanyefeso 3:5, 6) None Abakirisu barobanuwe ni bo bonyene boronse imihezagiro yasezeraniwe Aburahamu? Ekaye, kubera ko inkuka Yezu yatanze igirira akamaro isi yose uko ingana. (1 Yohani 2:2) Mu nyuma, Yehova yahishuye yuko «isinzi rinini» ridaharurwa ryorokotse iherezo ry’iyi si mbi ya Shetani. (Ivyahishuwe 7:9, 14) Abandi bantu amasinzi bozutse bafise icizigiro co kuba mw’Iparadizo ibihe bidahera!​—Luka 23:43; Yohani 5:28, 29; Ivyahishuwe 20:11-15; 21:3, 4.

Ubukerebutsi bw’Imana na rya banga ryeranda

21, 22. Ni mu buryo ki ibanga ryeranda rya Yehova rigaragaza ubukerebutsi bwiwe?

21 Ibanga ryeranda rirerekana mu buryo butangaje «ubukerebutsi bw’Imana bwigaragaza mu buryo bwinshi cane.» (Abanyefeso 3:8-10) Ese ukuntu Yehova yagaragaje ubukerebutsi mu gutegura iryo banga, maze akarihishura intambwe ku yindi gutyo! Abigiranye ubukerebutsi, ntiyirengagije aho abantu bagarukiriza, arabareka kugira ngo bagaragaze uko umutima wabo vy’ukuri umeze.​—Zaburi 103:14.

22 Yehova kandi yarerekanye ubukerebutsi bwiwe ntangere mu gucagura Yezu ngo abe ari we aba Umwami. Umwana wa Yehova ni uwo kwizigirwa kuruta ikindi kiremwa cose Imana yaremye. Igihe Yezu yari kw’isi afise umubiri w’inyama n’amaraso, yarashikiwe n’ingorane nyinshi zitandukanye. Aratahura ingorane z’abantu mu buryo bushitse. (Abaheburayo 5:7-9) Tuvuge iki none ku bazofatanya na Yezu kuganza? Mu binjana n’ibindi, hari abagabo n’abagore bagiye bararobanuzwa impwemu nyeranda bakuwe mu moko yose, mu ndimi zose kandi bakuze mu buryo butandukanye. Nta ngorane n’imwe bahuye na yo ngo bareke kuyitsinda. (Abanyefeso 4:22-24) Emwe, kubaho dutwarwa n’ubutegetsi bw’abo bami n’abaherezi b’abanyembabazi bizoba biteye umunezero!

23. Ni agateka akahe Abakirisu batewe ku bijanye n’ibanga ryeranda rya Yehova?

23 Intumwa Pawulo yanditse ati: «Rya banga ryeranda ryari ryaranyegejwe kuva mu bihe vyarenganye, rikanyegezwa abantu bo mu bihe vya kera . . . ryarahishuriwe aberanda bayo.» (Abakolosayi 1:26) Egome, aberanda ba Yehova barobanuwe bahavuye batahura vyinshi ku vyerekeye rya banga ryeranda, maze barasangira mwene ubwo bumenyi n’abantu amamiliyoni. Ese ukuntu ari agateka twese twatewe! Yehova “yaratumenyesheje rya banga ryeranda rihuye n’ivyo igomba.” (Abanyefeso 1:9) Nimuze tubwire abandi iryo banga ry’igitangaza, tubafashe na bo nyene gucukura mu bukerebutsi bwa Yehova Imana butagira iherezo!

a «Ibanga ryeranda [ry’ukwihebera] Imana» ryarahishuriwe kandi muri Yezu. (1 Timoteyo 3:16) Ryamaze igihe kirekire ari ibanga, ikinyegezwa, ku bijanye no kumenya nimba hari uwoshoboye kuguma ari intahemuka kuri Yehova mu buryo bushitse. Yezu yaratanze inyishu. Yagumye ari intahemuka mu kigeragezo cose Shetani yamuteje.​—Matayo 4:1-11; 27:26-50.

b Yezu kandi yaragiranye n’uwo mugwi nyene «isezerano ry’ubwami.» (Luka 22:29, 30) Mu vy’ukuri, Yezu yagiraniye isezerano n’ubwo «busho buto» kugira ngo bazotware bari kumwe na we mw’ijuru bagize igihimba c’inyongera ca rwa ruvyaro rwa Aburahamu.​—Luka 12:32.