Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 20

«Inkerebutsi mu mutima», yamara yicisha bugufi

«Inkerebutsi mu mutima», yamara yicisha bugufi

1-3. Ni kubera iki dushobora kwemera tudakeka yuko Yehova yicisha bugufi?

 SE W’AGAHUNGU gatoyi ashaka kukigisha icigwa gihambaye. Arashashaye gushikira umutima wako. Azobigenza gute? Yoba akwiye kugahagarara hejuru mu buryo buteye ubwoba kandi agakoresha amajambo akaze? Canke yoba akwiye guca bugufi akareha n’uwo mwana kandi akavugana ubwitonzi, mu buryo bukwegera? Sebibondo w’inkerebutsi kandi yicisha bugufi ntiyobura guhitamwo kubigirana ubwitonzi.

2 Yehova ni Sebibondo ameze gute? Yoba yishira hejuru canke yicisha bugufi? Yoba akaze canke aritonda? Yehova yuzuye ubumenyi n’ubukerebutsi. Ariko none, woba umaze kubona yuko ubumenyi n’ubwenge bitama bituma abantu bicisha bugufi? Nk’uko Bibiliya ibivuga, «ubumenyi butera kwivyimvya.» (1 Abakorinto 3:19; 8:1) Ariko Yehova ni «inkerebutsi mu mutima», akongera akicisha bugufi. (Yobu 9:4) Ivyo ntibisigura yuko Yehova afise ikibanza kiri hasi canke ko adahambaye, ahubwo ntiyishira hejuru na gato. Ni kubera iki biri ukwo?

3 Yehova ni mweranda. Ni co gituma ukwishira hejuru, ikaba ari kamere yonona, bitari muri we. (Mariko 7:20-22) Vyongeye, raba ivyo umuhanuzi Yeremiya yabwiye Yehova: «Uzokwibuka vy’ukuri, wuname unshikire.» a (Gucura intimba 3:20) Umve ntuze! Yehova, Umukama Segaba w’ibiriho vyose yaragize umutima ukunze wo “kwunama”, canke kumanuka gushika ku rugero rwa Yeremiya, kugira ngo yitwararike uwo mugabo adatunganye. (Zaburi 113:7) Emwe, Yehova aricisha bugufi. Ariko none ukwicisha bugufi Imana igaragaza kurimwo ibiki? Kujanye gute n’ubukerebutsi? Kandi ni kubera iki guhambaye kuri twebwe?

Ingene Yehova agaragaza ko yicisha bugufi

4, 5. (a) Kwicisha bugufi ni iki, umuntu akugaragaza gute, kandi ni kubera iki umuntu adakwiye kwigera akwitiranya n’ubugoyagoye canke ukubura ubutinyutsi? (b) Yehova yerekanye gute ukwicisha bugufi mu kuntu yafashe Dawidi, kandi ukwicisha bugufi Yehova agaragaza kudufitiye akamaro gute?

4 Ukwicisha bugufi ni ukwifata ruto mu muzirikanyi, ukutishira hejuru canke kutagira ubwishime. Ukwicisha bugufi ni kamere yo mu mutima, kandi igaragarira muri kamere nk’ubwitonzi, ukwiyumanganya n’ukugira ibitegereka. (Abagalatiya 5:22, 23) Ariko rero, izo kamere ziranga Imana ntizikwiye kwigera zitiranywa n’ukugoyagoya canke ukubura ubutinyutsi. Ntizirwanya ishavu rigororotse rya Yehova canke ukuntu akoresha ububasha afise bwo gusangangura. Ahubwo riho, Yehova akoresheje ukwicisha bugufi n’ubwitonzi, aragaragaza inkomezi ziwe nyinshi igitangaza be n’ububasha bwiwe bwo kwigumya bimwe bitagira agahaze. (Yesaya 42:14) Ukwicisha bugufi kujanye gute n’ubukerebutsi? Igitabu kimwe c’ivya Bibiliya kivuga giti: «Ukwicisha bugufi kwahavuye gusigurwa . . . mu buryo bw’ukutikunda kandi ni kwo shimikiro ntahara ry’ubukerebutsi iyo buva bukagera.» Ubukerebutsi nyakuri rero, ntibushobora kubaho ata kwicisha bugufi. Ukwicisha bugufi Yehova agaragaza kutugirira akamaro gute?

Sebibondo w’inkerebutsi afata abana biwe mu buryo buranga ukwicisha bugufi be n’ubwitonzi

5 Umwami Dawidi yaririmbiye Yehova ati: «Umpa inkinzo yawe y’ubukiriro. Ukuryo kwawe kuranshigikira. Ukwicisha bugufi kwawe gutuma mba uwuhambaye.» (Zaburi 18:35) Kukaba nkako, Yehova yarishize hasi kugira ngo afashe uwo muntu wo hasi adatunganye, mu kumukingira no mu kumushigikira ku musi ku musi. Dawidi yaratahuye yuko kugira ngo aronke ubukiriro, kandi mbere azohave aba umwami ahambaye, vyobaye gusa bitumwe n’uko Yehova yogize umutima ukunze wo kwicisha bugufi muri ubwo buryo. Mu vy’ukuri none, ni nde muri twebwe yogize icizigiro na kimwe co kuronka ubukiriro iyo Yehova ataza kuba yicisha bugufi, afise umutima ukunze wo kwishira hasi kugira ngo adufate nk’uko Sebibondo w’umugwaneza kandi w’umunyarukundo abigira?

6, 7. (a) Ni kubera iki Bibiliya itigera ivuga ko Yehova yifata ruto? (b) Ni isano irihe riri hagati y’ubwitonzi n’ubukerebutsi, kandi ni nde yatanze akarorero kadasanzwe muri ivyo.

6 Birahambaye yuko tubona ko hariho itandukaniro hagati y’ukwicisha bugufi be n’ukwifata ruto. Ukwifata ruto ni kamere nziza cane abantu bakwiye gutsimbataza. Cokimwe n’ukwicisha bugufi, ukwifata ruto kurajana n’ubukerebutsi. Nk’akarorero, mu Migani 11:2 hagira hati: «Ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto.» Ariko rero, Bibiliya ntiyigera ivuga ko Yehova yifata ruto. Kubera iki? Ukwifata ruto, nk’uko gukoreshwa mu Vyanditswe, kwumvikanisha ukuba umuntu azi neza aho ubwiwe agarukiriza. Mushoboravyose nta ho afise agarukiriza uretse ko yishiriraho aho ashaka kutarenza abitumwe n’ingingo ngenderwako ziwe zigororotse. (Mariko 10:27; Tito 1:2) Vyongeye, kubera yuko ari Musumbavyose, nta n’umwe amutegeka. Ni co gituma iciyumviro c’ukwifata ruto kitaraba Yehova na gato.

7 Ariko rero, Yehova aricisha bugufi kandi aritonda. Arigisha abasavyi biwe yuko ubwitonzi buhambaye ku bukerebutsi nyakuri. Ijambo ryiwe riravuga ivy’«ubwitonzi buva ku bukerebutsi.» b (Yakobo 3:13) Rimbura akarorero Yehova atanga muri ivyo.

Yehova arashinga abandi amabanga kandi akumviriza yicishije bugufi

8-10. (a) Ni kubera iki bitangaje kuba Yehova yerekana ko afise umutima ukunze wo gushinga abandi amabanga no kwumviriza? (b) Mushoboravyose yerekanye gute ko yicisha bugufi mu kuntu yafashe abamarayika biwe?

8 Hariho ibimenyamenya bikora ku mutima vy’uko Yehova yicisha bugufi, mu kuba afise umutima ukunze wo gushinga abandi amabanga no kubumviriza. Ivyo biratangaje cane kubera yuko Yehova ata mfashanyo canke impanuro akeneye. (Yesaya 40:13, 14; Abaroma 11:34, 35) Naho ari ukwo, Bibiliya iratwereka kenshi yuko Yehova yicisha bugufi muri ubwo buryo.

9 Nk’akarorero, rimbura ikintu kidasanzwe cabaye mu buzima bwa Aburahamu. Aburahamu yagendewe n’abashitsi batatu, umwe muri bo akamwita «Yehova.» Nya bashitsi mu bisanzwe bari abamarayika, mugabo umwe muri bo yaje mw’izina rya Yehova kandi akaba yariko akora mw’izina rya Yehova. Iyo uwo mumarayika agize ico avuga canke akora, ni nk’aho Yehova ari we yaba ariko aravuga yongera akora. Biciye kuri ubwo buryo, Yehova yabwiye Aburahamu yuko yari yumvise «induru [nyinshi] y’abidogera Sodomu na Gomora.» Yehova yavuze ati: «Ngira manuke kuraba ko ivyo bakora bihuye n’induru yanshikiriye. Nimba atari ko biri na ho ndabimenye.» (Itanguriro 18:3, 20, 21) Ng’aho, ivyo Yehova yavuze ntivyasobanura yuko Mushoboravyose “yomanutse” we ubwiwe. Ahubwo, yarongeye arungika abamarayika kugira ngo bamuserukire. (Itanguriro 19:1) Kubera iki? Mbega none Yehova abona vyose ntiyari ashoboye “kumenya” ubwiwe ukuntu iyo ntara vy’ukuri yari imeze atarinze kugira uwo atuma? Cane nyene. Mugabo aho kubigira, Yehova abigiranye ukwicisha bugufi yarahaye nya bamarayika igikorwa co gusuzuma ukuntu ibintu vyari vyifashe no kugendera Loti be n’umuryango wiwe i Sodomu.

10 Vyongeye, Yehova arumviriza. Yarigeze gusaba abamarayika biwe ngo batange ivyiyumviro bitandukanye vyo kwosha umwami w’umubisha Ahabu kugira agwe mu ntambara. Yehova ntiyari akeneye mwene iyo mfashanyo. Yamara yaremeye inama umumarayika umwe amugiriye, maze amushinga ibanga ryo kuyishitsa. (1 Abami 22:19-22) Mbega none ukwo ntikwari ukwicisha bugufi?

11, 12. Aburahamu yiboneye gute ukuntu Yehova yicisha bugufi?

11 Yehova mbere aremera kwumviriza abantu badatunganye bafise icipfuzo co kuvuga ibibaraje ishinga. Nk’akarorero, igihe Yehova yatangura kubwira Aburahamu ivy’umugambi yari afise wo gusangangura Sodomu na Gomora, uwo mugabo w’umwizigirwa vyaramuzazaniye. Aburahamu yavuze ati: “Ntiwovyubahuka.” Yongeyeko ati: «Mbega Umucamanza w’isi yose ntazokora ibigororotse?» Yarabajije Yehova ko atoretse ivyo bisagara mu gihe vyosanzwemwo abantu b’abagororotsi 50. Yehova yamusubirije umutima mu nda ko atobikoze. Mugabo Aburahamu yarongeye arabaza, amanura ico gitigiri gushika ku bagororotsi 45, hanyuma 40, gutyogutyo. Naho Yehova yagenda aramusubiriza umutima mu nda, Aburahamu yarabandanije gushika aho ico gitigiri akimanura gushika kuri cumi. Kumbure Aburahamu ntiyaribwategere bimwe bishitse ingene Yehova ari umunyakigongwe. Ivyo ari vyo vyose, Yehova abigiranye ukwihangana n’ukwicisha bugufi, yararetse umugenzi wiwe akaba n’umusavyi wiwe Aburahamu, ngo avuge ivyari bimuraje ishinga muri ubwo buryo.​—Itanguriro 18:23-33.

12 None ni abantu bangahe b’incabwenge kandi bize bokwumviriza umuntu atize kandi bihanganye cane gutyo? c Mugabo Imana yacu yicisha bugufi yarabikoze. Muri ico kiganiro nyene, Aburahamu yarabonye kandi ko Yehova «[a]teba gushavura.» (Kuvayo 34:6) Kumbure abitumwe no gutahura yuko ata burenganzira afise bwo guhaririza ivyo Musumbavyose akora, Aburahamu yaratakamvye incuro zibiri ati: «Yehova, ndagusavye ntunshavurire.» (Itanguriro 18:30, 32) Kukaba nkako, Yehova ntiyamuhambariye. Arafise vy’ukuri «ubwitonzi buva ku bukerebutsi.»

Yehova akora ibitegereka

13. Muri Bibiliya, imvugo «ukugira ibitegereka» isobanura iki, kandi ni kubera iki bibereye kuba iyo mvugo idondora Yehova?

13 Ukwicisha bugufi kwa Yehova kurabonekera kandi mu yindi kamere nziza cane, ni ukuvuga kamere y’ugukora ibitegereka. Birababaje kubona ingene abantu badatunganye badafise iyo kamere. Yehova abigiranye umutima ukunze, aremera kwumviriza ibiremwa vyiwe bifise ubwenge kandi akemera no kwiyorosha igihe bidateye kubiri n’ingingo ngenderwako ziwe zigororotse. Muri Bibiliya, imvugo «kugira ibitegereka» isobanura ijambo ku rindi «kwiyorosha» canke «kurekura.» N’iyo kamere nyene ni ikimenyetso kiranga ubukerebutsi bw’Imana. Muri Yakobo 3:17 hagira hati: «Ubukerebutsi buva mw’ijuru . . . ntiburenza urugero.» Ni mu buryo ubuhe Yehova ya Mana yuzuye ubukerebutsi akora ibitegereka? Kimwe coco, arahuza n’uko ibintu vyifashe. Ibuka yuko izina ryiwe ubwaryo ritwigisha yuko Yehova acika ikintu cose gikenewe kugira ngo arangure imigambi yiwe. (Kuvayo 3:14) None ivyo ntibigaragaza umutima w’uguhuza n’uko ibintu vyifashe be n’ugukora ibitegereka?

14, 15. Ivyo Ezekiyeli yeretswe nko mu ndoto vy’umukogote wa Yehova wo mw’ijuru bitwigisha iki ku vyerekeye igice co mw’ijuru c’ishirahamwe rya Yehova, kandi ritandukanye gute n’amashirahamwe yo mw’isi?

14 Hariho igisomwa cibonekeje ca Bibiliya kidufasha gutegera gatoya ukuntu Yehova ahuza n’uko ibintu vyifashe. Umuhanuzi Ezekiyeli yarabonye mwiyerekwa igice co mw’ijuru c’ishirahamwe rya Yehova, kigizwe n’ibiremwa vy’impwemu. Yabonye umukogote munini uteye ubwoba uyoborwa na Yehova ubwiwe. Icakwegera kuruta ibindi kwari ukuntu ugenda. Amakurudumu yawo amahero yari afise impande zinezine, akaba kandi yari yuzuyeko amaso kugira ngo ashobore kubona ahantu hose, yongere ashobore guhindura iyo aja mu kanya isase, atarinze guhagarara canke guhindukira. Kandi uwo mukogote amahero ntiwarinda kwikwega nk’ikiduga kiremereye, cakozwe n’umuntu. Uwo mukogote warashobora kunyaruka buravyo, mbere ukagira amakorosi y’imfuruka ngororotsi! (Ezekiyeli 1:1, 14-28) Emwe, ishirahamwe rya Yehova, cokimwe na Yehova, rirahuza rwose n’uko ibintu vyifashe. Rikagira ico rikoze ku bintu be n’inkenero ritegerezwa gutunganya.

15 Abantu boshobora kugerageza kwigana iyo kamere itunganye y’uguhuza n’ukuntu ibintu vyifashe. Ariko rero, kenshi cane usanga abantu be n’amashirahamwe yabo badadaza aho guhuza n’uko ibintu vyifashe, bagakora ibidategereka aho kwiyorosha. Tubitangire akarorero: Ubwato butwara ibitoro canke igariyamoshi itwara imizigo birashobora kuba bitangaje mu bunini no mu bukomezi. Ariko none hoba hari kimwe muri ivyo gishobora kugira ico gikoze ku bintu bibaye giturumbuka? Iyo habaye ikintu gitambitse mu nzira imbere y’igariyamoshi itwara imizigo, ntibikunda ko ikata. Ntibishoboka kandi ko ihagarara bukwi na bukwi. Igariyamoshi ipakiye imizigo ishobora gukoresha ikirometero kirenga kugira ngo ihagarare bamaze gufata amafire! Ubwato butwara ibitoro na bwo nyene burashobora kubandanya bugenda ibirometero umunani kandi bamaze kuzimya imoteri. Mbere n’igihe bashatse ko bugenda busubira inyuma, bubanza kubandanya bugenda gushika ku birometero bitatu! Ni co kimwe n’amashirahamwe y’abantu, ayo usanga afise impengamiro yo kudadaza no gukora ibidategereka. Bitumwe n’ubwibone, kenshi abantu baranka guhuza n’ihinduka mu bikenewe be no mu kuntu ibintu vyifashe. Mwene ukwo kudadaza kwaratembeje amashirahamwe, kuranatuma intwaro zisenyuka. (Imigani 16:18) Ese ukuntu dushobora kunezerezwa no kubona ko yaba Yehova canke ishirahamwe ryiwe, batameze nk’amashirahamwe y’abantu!

Ingene Yehova agaragaza ko akora ibitegereka

16. Yehova yerekanye gute ko akora ibitegereka mu kuntu yafashe Loti imbere y’uko asangangura Sodomu na Gomora?

16 Subira urimbure isangangurwa rya Sodomu na Gomora. Loti n’urugo rwiwe bahawe aya mabwirizwa atomoye avuye ku mumarayika wa Yehova agira ati: «Hungira hariya mu misozi.» Ariko rero, ivyo ntivyashimishije Loti. Loti yasavye yinginga ati: «Oya Yehova sinoja hariya!» Kubera ko Loti we yiyumvira ko yopfa mu gihe yohungira mu misozi, yasavye yinginga yuko we hamwe n’urugo rwiwe bokwemererwa guhungira mu gasagara kari hafi yaho kitwa Zowari. Ibuka yuko Yehova yari afise intumbero yo gusangangura n’ako gasagara. Vyongeye, ubwoba bwa Loti nta shingiro bwari bufise. Yehova ntiyari kubura gukingira Loti muri iyo misozi! Naho ari ukwo, Yehova yaremeye ivyo Loti amusavye maze arakingira ako gasagara Zowari. Nya mumarayika yabwiye Loti ati: «Sawa, ndabikwemereye. Sinzohonya ico gisagara uvuze.» (Itanguriro 19:17-22) None aho Yehova ntiyakoze ibitegereka?

17, 18. Mu kuntu Yehova yafashe Abanyaninewe, yerekanye gute yuko akora ibitegereka?

17 Yehova kandi ntiyirengagiza ukwigaya kw’umuntu kuvuye ku mutima kandi yama akora ibiranga imbabazi kandi bigororotse. Rimbura ivyashitse igihe umuhanuzi Yona yarungikwa mu gisagara Ninewe cari cuzuye ububisha n’ubukazi. Igihe Yona yagendagenda mu mabarabara y’i Ninewe, ubutumwa bwahumetswe yatangaza bwari bworoshe cane: bwari ubw’uko ico gisagara gikomeye cosanganguwe mu misi 40. Ariko rero, ibintu vyarahindutse mu buryo budasanzwe. Abanyaninewe barigaye!​—Yona, ikigabane ca 3.

18 Turagira ico twigiye ku kuntu Yehova yakiriye iryo hinduka n’ukuntu Yona yaryakiriye. Muri ico gihe, Yehova yarahuje n’ukuntu ibintu vyari vyifashe, atuma we nyene ubwiwe acika uwuharira ibicumuro aho gucika «umurwanyi akomeye.» d (Kuvayo 15:3) Ku rundi ruhande, Yona yaradadaje araba ruburakigongwe. Aho kwigana ugukora ibitegereka kwa Yehova, Yona yavyifashemwo nka ya garimoshi y’imizigo canke bwa bwato butwara ibitoro duhejeje kuvuga. Yari yatangaje ivyago, akaba rero yashaka ko bishika! Ariko rero, Yehova abigiranye ukwihangana, yarigishije uwo muhanuzi wiwe ibijanye no gukora ibitegereka no kugira imbabazi.​—Yona, ikigabane ca 4.

Yehova ntarenza urugero kandi aratahura aho tugeza

19. (a) Ni kubera iki dushobora kwemera tudakeka ko Yehova akora ibitegereka mu vyo atwitegako? (b) Mu Migani 19:17 herekana gute yuko Yehova ari Umutware “ameze neza kandi atarenza urugero” kandi yicisha bugufi cane?

19 Ubwa nyuma, Yehova arakora ibitegereka mu vyo atwitegako. Umwami Dawidi yavuze ati: «A[ra]zi neza ingene turemwe, aribuka ko turi umukungugu.» (Zaburi 103:14)Yehova aratahura neza cane aho tugeza be n’udusembwa twacu, kuruta uko twebwe tubitahura. Ntiyigera atwitegako ibirenze ivyo dushobora gukora. Bibiliya iratandukanya abatware b’abantu «bameze neza kandi batarenza urugero» n’abatware «abagoye gushimisha.» (1 Petero 2:18) Yehova ni Umutware ameze gute? Ehe raba ico mu Migani 19:17 havuga: «Uwugiriye ubuntu umuntu mutoyi aba aguranye Yehova.» Biratomoye yuko umutware mwiza kandi akora ibitegereka ari uwoshima igikorwa cose kirangwa ubuntu gikozwe ku neza y’abaciye bugufi. Ikirushirije, ico canditswe cumvikanisha yuko Umuremyi w’ibiriho vyose ari nk’aho abona ko we ubwiwe afitiye ideni abantu buntu barangura mwene ivyo bikorwa biranga ikigongwe! Ukwo ni ukwicisha bugufi gushika kure kuruta ukundi kwose.

20. Ni igiki kidukura amazinda yuko Yehova yumva amasengesho dutura kandi akayishura?

20 Yehova aritonda kandi akora ibitegereka mu kuntu afata abasavyi biwe bo muri iki gihe. Igihe dusenga tubigiranye ukwizera, aratwumviriza. Naho atorungika intwarabutumwa z’abamarayika ngo bagire ico batubwira, ntidukwiye guca twiyumvira yuko atishura amasengesho yacu amasengesho. Ibuka yuko igihe intumwa Pawulo yasaba abo basangiye ukwizera “kuguma bamusengera” kugira ngo akurwe mw’ibohero, yongeyeko ati: «Kugira ngaruke iwanyu vuba hashoboka.» (Abaheburayo 13:18, 19) Rero, amasengesho dutura yoshobora koko gutuma Yehova akora ivyo atokoze!​—Yakobo 5:16.

21. Ni igiki tudakwiye kwigera twiyumvira ku vyerekeye ukwicisha bugufi kwa Yehova, mugabo riho dukwiye gukenguruka iki ku bimwerekeye?

21 Ariko rero, muri ivyo bintu vyose bigaragaza ko Yehova yicisha bugufi, ari ivyo ubwitonzi bwiwe, umutima ukunze afise wo kwumviriza, ukwiyumanganya kwiwe, ugukora ibitegereka kwiwe, nta na kimwe muri vyo gisobanura yuko adohoka ku ngingo ngenderwako ziwe zigororotse. Abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu boshobora kwiyumvira ko bariko barakora ibitegereka igihe babwira abayoboke babo ibibaryohera mu gutitura ingingo ngenderwako za Yehova z’ivy’ukwigenza runtu. (2 Timoteyo 4:3) Mugabo impengamiro umuntu afise yo kudohoka kugira ngo ashikire ivyo yironderera, nta ho isa isana n’ugukora ibitegereka kw’Imana. Yehova ni mweranda; ntazokwigera yonona ingingo ngenderwako ziwe zigororotse. (Abalewi 11:44) Nimuze rero dukunde ugukora ibitegereka kwa Yehova kubera yuko vy’ukuri ari ikimenyamenya c’uko yicisha bugufi. Ntibigutera umunezero mwinshi none kwiyumvira yuko Yehova Imana, we Nkerebutsi mu biriho vyose, yicisha bugufi bimwe bidasanzwe? Ese ukuntu bihimbaye kwiyegereza iyo Mana iteye akoba, yamara yitonda, yihangana kandi ikora ibitegereka!

a Abanyabwenge b’ivyanditswe ba kera, canke Abasoferimu, barahinduye uwo murongo bavuga yuko Yeremiya ari we aca bugufi, ko atari Yehova. Biboneka yuko biyumviriye ko bitabereye kwitirira Yehova mwene ico kintu kiranga ukwicisha bugufi. Ivyo vyatumye impinduro nyinshi zihusha iciyumviro kiri muri uwo murongo mwiza cane. Ariko rero, Bibiliya yitwa The New English Bible ivuga mu buryo bugororotse ko Yeremiya yabwiye Imana ati: «Ibuka, ibuka yewe, kandi uce bugufi unshikire.»

b Izindi mpinduro zihahindura ngo «ukwicisha bugufi kuva mu bukerebutsi» be na «ubwitonzi buba ari ikimenyetso c’ubukerebutsi.»

c Birahambaye kubona Bibiliya ihushanya ukwihangana n’ubwibone. (Umusiguzi 7:8) Ukwihangana Yehova agaragaza kuratanga ikindi kimenyamenya c’uko yicisha bugufi.​—2 Petero 3:9.

d Muri Zaburi 86:5, havuga yuko Yehova ari «mwiza kandi [yiteguriye] kubabarira.» Igihe iyo zaburi yahindurwa mu kigiriki, iyo mvugo ngo “yiteguriye kubabarira” yahinduwe ngo e·pi·ei·kesʹ, canke «ugukora ibitegereka.»