Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 21

Yezu ahishura «ubukerebutsi buva ku Mana»

Yezu ahishura «ubukerebutsi buva ku Mana»

1-3. Abahoze ari ababanyi ba Yezu bakiriye gute ivyo yigisha, kandi ni igiki banse kwemera icese ku bimwerekeye?

 ABARI aho bari bumiwe. Nya musore ari we Yezu, yari ahagaze imbere yabo mw’isinagogi ariko arigisha. Ntiyari umuntu batazi, kubera yari yakuriye mu gisagara iwabo, akaba kandi yari amaze imyaka n’iyindi akorera aho iwabo ari umubaji. Kumbure bamwebamwe muri bo baba mu mazu Yezu yari yarafashije kwubaka, canke imirima yabo bakaba bayirimisha amasuka arimishwa n’inka be n’ingogo Yezu yari yarahinguye n’amaboko yiwe. a Ariko none bokwakiriye gute inyigisho z’uwo muntu yari yahoze ari umubaji?

2 Benshi mu bariko baramwumviriza baratangaye, maze babaza bati: «Uyu muntu yakuye hehe ubu bwenge?» Mugabo kandi baravuze bati: «Uyu [ni] wa mubaji, umuhungu wa Mariya.» (Matayo 13:54-58; Mariko 6:1-3) Ikibabaje, abahoze ari ababanyi ba Yezu bavuze bati: “Uyu mubaji ni umuntu nkatwe w’iwacu.” Naho amajambo yavuga yarimwo ubukerebutsi, baramuteye akagere. Ntibari bazi yuko ubukerebutsi yari afise butari ubwiwe bwite.

3 None Yezu yakuye hehe ubwo bukerebutsi? Yavuze ati: «Ivyo nigisha si ivyanje, ahubwo ni ivy’uwantumye.» (Yohani 7:16) Intumwa Pawulo yasiguye yuko Yezu «yatubereye ubukerebutsi buva ku Mana.» (1 Abakorinto 1:30) Ubukerebutsi bwa Yehova buribonekeza mu Mwana wiwe, Yezu. Kandi ivyo ni vyo, kuko we nyene ubwiwe yavuze ati: «Jewe na Data turi umwe.» (Yohani 10:30) Nimuze dusuzume imice itatu Yezu yagaragajemwo «ubukerebutsi buva ku Mana.»

Ivyo yigishije

4. (a) Umutwe-shimikiro w’ubutumwa bwa Yezu wari uwuhe, kandi ni kubera iki ivyo vyari bihambaye rwose? (b) Ni kubera iki impanuro za Yezu zama ari ngirakamaro kandi zikazanira ivyiza abamwumviriza?

4 Ubwa mbere, rimbura ivyo Yezu yigishije. Umutwe-shimikiro w’ubutumwa bwiwe wari «inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana.» (Luka 4:43) Ivyo vyari bihambaye rwose kubera uruhara Ubwami bwogize mu kweza izina rya Yehova, aho hakaba harimwo ukuntu azwi nk’umutware agororotse, be no mu kuzanira abantu imihezagiro iramba. Mu kwigisha kwiwe, Yezu kandi yaratanze impanuro ziranga ubukerebutsi zerekeye ubuzima bwa misi yose. Yaragaragaje ko yari we «Mujanama w’agatangaza» yari yarabuwe. (Yesaya 9:6) Kukaba nkako, Yezu yari umwigisha mwiza. Yaratahura cane Ijambo ry’Imana n’ivyo igomba, agatahura neza ingene umuntu ameze, kandi yarakunda cane abantu. Ni co gituma impanuro ziwe zama ari ngirakamaro kandi zikazanira ivyiza abamwumviriza. Yezu yavuga «amajambo y’ubuzima budahera.» Ni vyo, igihe umuntu akurikije impanuro ziwe, biratuma aronka ubukiriro.​—Yohani 6:68.

5. Bimwebimwe mu bintu Yezu yafatiyeko mu kwigisha muri ya Nsiguro yo ku Musozi vyari ibihe?

5 Ya Nsiguro yo ku Musozi ni akarorero kibonekeje k’ubukerebutsi ntangere dusanga mu nyigisho za Yezu. Iyo nsiguro iri muri Matayo 5:3–7:27, biboneka yuko yoshikirizwa mu minuta 20 gusa. Ariko rero, impanuro zirimwo zikora ku gihe ico ari co cose, zikaba zihambaye cokimwe n’igihe zatangwa ari bwo bwa mbere. Yezu yavuze ibintu vyinshi bitandukanye, harimwo ingene twotsimbataza gutsimbataza ubucuti hagati yacu n’abandi (5:23-26, 38-42; 7:1-5, 12), ingene twoba abatanduye mu nyifato runtu (5:27-32) be n’uburyo bwo kugira ubuzima buri n’ico buvuze (6:19-24; 7:24-27). Ariko Yezu ntiyapfuye kubwira abamwumviriza ingendo y’ubukerebutsi iyo ari yo; yarayiberetse mu kuyibasigurira, mu kubafasha kuyizirikanako, be no mu kubaha ibimenyamenya vyayo.

6-8. (a) Ni imvo zijijura izihe Yezu atanga zerekeye ukwirinda amaganya? (b) Ni igiki cerekana yuko impanuro za Yezu zigaragaza ubukerebutsi buva mw’ijuru?

6 Rimbura nk’akarorero impanuro iranga ubukerebutsi Yezu yatanze muri Matayo ikigabane ca 6, yerekana kuntu twobigenza igihe turi n’amaganya ku vyerekeye ibintu vy’umubiri. Yezu atugira inama ati: «Nimureke kwiganyira ku vyo muzorya, ivyo muzonywa canke ivyo muzokwambara.» (Umurongo wa 25) Ibifungurwa n’ivyambarwa ni ibintu umuntu akeneye vy’ishimikiro, kandi ni ibisanzwe kurazwa ishinga no kubironka. Mugabo Yezu atubwira “kutiganyira” ku vyerekeye mwene ivyo bintu. b Kubera iki?

7 Umviriza ukuntu Yezu asigura mu buryo bujijura. Kubera yuko Yehova yaduhaye ubuzima n’umubiri, mbega none ntiyoshobora kuturonsa ibifungurwa vyo kuzigama ubwo buzima be n’impuzu zo kwambika uwo mubiri? (Umurongo wa 25) Nimba Imana ironsa inyoni ibifungurwa, n’amashurwe ikayambika ubwiza, ca wiyumvira ukuntu izorushiriza kubungabunga abantu bayisenga! (Umurongo wa 26, 28-30) Vy’ukuri, amaganya adakenewe nta co avuze. Ntashobora kwongera ku buzima bwacu akantu na gatoyi. c (Umurongo wa 27) Dushobora gute kwirinda amaganya? Yezu aduhanura kubandanya dushira ugusenga Imana mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu. Ababigenza gutyo barashobora kwizigira yuko ibintu vyose bakenera ku musi ku musi “bazovyongerwa” na Se wo mw’ijuru. (Umurongo wa 33) Ubwa nyuma, Yezu aratanga inama ngirakamaro kuruta zose, ngo tuze turafata umusi umwe ukwawo. Bimaze iki gufata amaganya y’ejo hazoza tukayongera ku y’uwu musi? (Umurongo wa 34) Vyongeye, bimaze iki guhagarika umutima bimwe bidasanzwe ku vyerekeye ibintu bishobora kutazokwigera bishika? Gukurikiza mwene izo mpanuro ziranga ubukerebutsi birashobora kuturinda umubabaro wo mu mutima muri iyi si itesha umutwe.

8 Biratomoye yuko impanuro Yezu yatanze ari ngirakamaro muri iki gihe nk’uko yari ngirakamaro igihe yatangwa, ubu hakaba haciye hafi imyaka 2.000. None ico si ikimenyamenya c’ubukerebutsi buva mw’ijuru? Mbere n’impanuro nziza kuruta izindi abahanuzi b’abantu batanga usanga zigenda zirata igihe maze bidatevye zigasubirwamwo canke zigasubirizwa izindi. Inyigisho za Yezu zozo ntizatitutse ngo ni uko haciye igihe. Mugabo ivyo ntibikwiye kudutangaza, kubera yuko uwo Mujanama w’agatangaza yavuga «amajambo y’Imana.»​—Yohani 3:34.

Ukuntu yigisha

9. Abasoda bamwe bavuze iki ku vyerekeye ukuntu Yezu yigisha, kandi ni kubera iki ukwo kutari ukurenza urugero?

9 Umuce ugira kabiri Yezu yagaragarijemwo ubukerebutsi bw’Imana ni ukuntu yigisha. Igihe kimwe, abasoda bamwe bari barungitswe kumufata bagarutse imbokoboko, bavuga bati: «Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we.» (Yohani 7:45, 46) Ukwo ntikwari ukurenza urugero. Mu bantu bose babayeho, Yezu uwava «hejuru», ni we yari afise ubumenyi bwinshi kandi akaba yari yaraciye uruma rwose kuruta abandi bose, ari na vyo yikorako mu kwigisha. (Yohani 8:23) Vy’ukuri yarigisha mu buryo ata wundi muntu n’umwe yari gushobora kubigira. Rimbura uburyo bubiri gusa mu bwo uwo Mwigisha yakoresha.

‹‹Amasinzi aratangara cane kubera uburyo yigisha››

10, 11. (a) Ni kubera iki tutobura gutangarira ukuntu Yezu yakoresha ibigereranirizo? (b) Imigani ni iki, kandi ni akarorero akahe kerekana igituma imigani Yezu yakoresha ishika ku nyota rwose mu kwigisha?

10 Yarakoresha ibigereranirizo mu buryo bushika ku nyota. Tubwirwa yuko «Yezu ya[bwira] amasinzi mu bigereranyo. Nta kintu yababwira adakoresheje ibigereranyo.» (Matayo 13:34) Ntitubura gutangarira ububangukirwe ntangere yari afise bwo kwigisha ukuri kwimbitse abicishije mu bintu biba ku musi ku musi. Abarimyi batera imbuto, abagore bitegurira kwotsa imikate, abana bakinira mu tuguriro, abarovyi bakwega urusenga mu mazi, abungere barondera intama zazimiye, emwe, ivyo vyari ibintu abamwumviriza bari barabonye incuro nyinshi. Iyo ukuri guhambaye gusanishijwe n’ibintu bimenyerewe, mwene ukwo kuri ntiguteba kwiyandika mu bwenge no mu mutima bimwe bikomeye.​—Matayo 11:16-19; 13:3-8, 33, 47-50; 18:12-14.

11 Yezu kenshi yarakoresha imigani, ni ukuvuga udukuru tugufitugufi turimwo ukuri kwo mu vy’inyifato runtu canke mu vy’impwemu. Kubera ko inkuru zoroha gutegera no kwibuka kuruta ivyiyumviro bidatomoye, iyo migani yarafasha kuzigama inyigisho za Yezu. Mu migani myinshi, Yezu yadondoye Se akoresheje ibigereranirizo bikomeye bitashobora gupfa kwibagirwa. Nk’akarorero, ni nde adashobora gutahura iciyumviro co muri wa mugani w’umwana w’icangazi, yuko iyo umuntu yataye inzira agaragaje ukwigaya nyakuri Yehova amugirira ikigongwe kandi akamwakirana ikibabarwe?​—Luka 15:11-32.

12. (a) Ni mu buryo ubuhe Yezu yakoresha ibibazo mu kwigisha kwiwe? (b) Yezu yanumije gute abaharira ububasha yari afise?

12 Yarakoresha ibibazo abigiranye ubuhanga. Yezu yarakoresha ibibazo kugira ngo atume abamwumviriza bagira ivyiyumviro bashitseko, ngo atume basuzuma imvo zituma bakora ibintu canke kugira ngo atume bifatira ingingo. (Matayo 12:24-30; 17:24-27; 22:41-46) Igihe indongozi z’idini zaharira ko atoba yari afise ububasha yahawe n’Imana, Yezu yasubijeyo ati: «Ibatisimu ya Yohani yava mw’ijuru canke ku bantu?» Barabuze ayo bacira n’ayo bamira bitumwe n’ico kibazo, maze bibaza bati: «Nitwavuga ngo “mw’ijuru”, aca atubaza ati: “Kubera iki none mutamwemeye?” Ariko none duhirahire tuvuge ngo “ku bantu”?» Mugabo «baratinya isinzi ry’abantu, kuko bose babona ko Yohani yari umuhanuzi w’ukuri.» Baca bishura bati: «Nta vyo tuzi.» (Mariko 11:27-33; Matayo 21:23-27) Akoresheje ikibazo coroshe, Yezu yasize bajumarariwe, yongera arahishura uburyarya bwari mu mitima yabo.

13-15. Wa mugani w’Umusamariya w’imbabazi ugaragaza gute ubukerebutsi bwa Yezu?

13 Hari igihe Yezu yashira hamwe uburyo yakoresha, biciye ku kwinjiza ibibazo bikabura ubwenge mu bigereranirizo vyiwe. Igihe umwigisha w’amategeko w’Umuyuda yabaza Yezu igisabwa kugira ngo aronke ubuzima budahera, Yezu yamurungitse mu mategeko ya Musa, ibitegeka gukunda Imana na mugenzawe. Mu gushaka kwiyerekana ko yari umugororotsi, nya mugabo yabajije ati: «Mugenzanje ni nde?» Yezu yamwishuye mu kumwiganira inkuru y’umugabo w’Umuyuda yari ku rugendo ari wenyene, maze agwa mu bambuzi, baramukubita bamusiga ari intere. Haraciye Abayuda babiri, uwa mbere akaba yari umuherezi, hanyuma hakurikira Umulewi. Bompi baramwirengagije. Ariko mu nyuma haza Umusamariya umwe. Atewe n’akagongwe, amupfuka inguma atamutoneka, maze amujana aho ingenzi zirara hatagira inkomanzi, aho yashobora gutorera mitende. Mu gusozera inkuru yiwe, Yezu abaza nyene kumubaza ikibazo ati: «Muri abo batatu, ubona ari nde yabaye umugenzi w’uwo muntu yaguye mu bambuzi?» Nya mugabo vyabaye ngombwa ko yishura ati: «Ni uwo yamugiriye imbabazi.»​—Luka 10:25-37.

14 Uwo mugani none ugaragaza gute ubukerebutsi bwa Yezu? Mu gihe ca Yezu, Abayuda bakoresha ijambo «mugenzanje» ku bakurikiza imigenzo yabo bonyene, atari ku Basamariya. (Yohani 4:9) None iyo Yezu aza kuba yariganye iyo nkuru akavuga ko uwo Musamariya ari we yaguye mu bambuzi hanyuma agafashwa n’Umuyuda, ubwo ivyo vyari gukuraho uwo mwikeko? Yezu abigiranye ubukerebutsi, yaratunganije iyo nkuru ku buryo vyumvikanyemwo ko Umusamariya yitwararitse Umuyuda n’ikibabarwe cinshi. Zirikana kandi ikibazo Yezu yabajije arangije kwigana iyo nkuru. Yarahinduye ico ijambo «mugenzanje» ryashaka kuvuga. Mu bisanzwe nya mwigisha w’amategeko yari yamubajije ati: “Ni nde nkwiye kugirira urukundo nka we mugenzanje?” Mugabo Yezu yamubajije ati: «Muri abo batatu, ubona ari nde yabaye umugenzi w’uwo muntu yaguye mu bambuzi?» Yezu ntiyashimitse ku wagaragarijwe ubuntu, uwagiriwe nabi, ahubwo yashimitse ku wagaragaje ubuntu, ari we Musamariya. Umugenzi nyakuri aribwiriza kugaragariza abandi urukundo ataravye ubwoko bwabo. Yezu ntaba yarashoboye gutuma iciyumviro ciwe kirushiriza gushika ku nyota iyo atabigira gutyo.

15 None vyoba bitangaje kuba abantu baratangazwa n’‘uburyo Yezu yigisha’ kandi bakumva abakwegereye? (Matayo 7:28, 29) Igihe kimwe «isinzi rinini» ryaramaze imisi itatu rimuri iruhande, mbere ritagira n’imfungurwa!​—Mariko 8:1, 2.

Ukuntu yabaho

16. Ni mu buryo ubuhe Yezu yatanze «ikimenyamenya ngirakimazi» c’uko yarongorwa n’ubukerebutsi buva ku Mana?

16 Umuce ugira gatatu Yezu yagaragajemwo ubukerebutsi bwa Yehova ni ukuntu yabaho. Ubukerebutsi ni ngirakimazi; burakora. Umwigishwa Yakobo yabajije ati: «Ni nde ari inkerebutsi kandi ategera muri mwebwe?» Yaciye yiyishura, mu kuvuga ati: «Inyifato yiwe nziza nibitangire ikimenyamenya ngirakimazi.» (Yakobo 3:13, The New English Bible) Uburyo Yezu yigenza ubwiwe bwaratanze «ikimenyamenya ngirakimazi» c’uko yarongorwa n’ubukerebutsi buva ku Mana. Nimuze turimbure ingene yagaragaje ko abona ibintu neza, mu kuntu yabaho be no mu kuntu yafata abandi.

17. Ni ibiki bitwereka yuko Yezu yari n’uburimbane butagira agahaze mu buzima bwiwe?

17 Woba umaze kubona ko abantu batabona ibintu neza kenshi bama barenza urugero mu vyo bagira? Emwe, bisaba ubukerebutsi kugira ngo umuntu agire uburimbane. Mu kugaragaza ubukerebutsi bw’Imana, Yezu yari n’uburimbane butagira agahaze. Ibintu vy’impwemu yabiha ikibanza ca mbere mu buzima kuruta ikindi kintu cose. Ico yaguma akora rwose cari igikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza. Yavuze ati: «[Ni] co canzanye.» (Mariko 1:38) Mu bisanzwe, ibintu vy’umubiri si vyo yashira imbere kuruta ibindi; bisa n’uko mbere ivy’umubiri yari atunze vyari bikeya cane. (Matayo 8:20) Ariko rero, ntiyari umuntu azira kunezerwa. Cokimwe na Se ya «Mana ihimbawe», Yezu yari umuntu arangwa n’umunezero, kandi yarongerereza abandi umunezero. (1 Timoteyo 1:11; 6:15) Igihe yitaba ubugeni bumwe, bukaba bwari ubukwe bwarangwa n’umuziki, ukuririmba be n’ukunezerwa, ntiyari ahari kugira ngo atere abandi ubuyega. Igihe umuvinyu wari uheze, yarahinduye amazi umuvinyu uryoshe, kikaba ari ikinyobwa «[ki]nezereza umutima w’umuntu.» (Zaburi 104:15; Yohani 2:1-11) Yezu yaremeye ubutumire bwinshi bwo kuza ku bifungurwa, kandi kenshi kuri mwene ivyo bihe yaca aboneraho akaryo ko kwigisha.​—Luka 10:38-42; 14:1-6.

18. Yezu yagaragaje gute ukubona ibintu neza kutagira agahaze mu kuntu yafata abigishwa biwe?

18 Yezu yaragaragaje ukubona ibintu kutarimwo agahaze mu kuntu yafata abandi. Kubera ko yatahura ingene umuntu ameze, vyatumye abona abigishwa biwe mu buryo bwiza. Yari azi neza yuko batari batunganye. Yamara, yarabona kamere zabo nziza. Yarabona ibizova muri abo bantu Yehova yari yarakwegereye. (Yohani 6:44) Naho bari n’udukosa, Yezu yaragaragaje umutima ukunze wo kubizigira. Mu kwerekana ko yari abizigiye, yarashinze ibanga rikomeye abigishwa biwe. Yabashinze kwamamaza inkuru nziza, kandi yari yizigiye ubushobozi bari bafise bwo kurangura iryo banga. (Matayo 28:19, 20) Igitabu c’Ivyakozwe n’intumwa kiremeza yuko bashishikaye igikorwa yari yarabashinze gukora, badahemuka. (Ivyakozwe 2:41, 42; 4:33; 5:27-32) Biratomoye rero yuko Yezu yari yabaye inkerebutsi mu kubizigira.

19. Yezu yerekanye gute ko “yitonda kandi yicisha bugufi”?

19 Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 20, Bibiliya ifata ukwicisha bugufi n’ubwitonzi ikabisanisha n’ubukerebutsi. Biragaragara yuko Yehova yatanze akarorero keza muri ivyo. Ariko none tuvuge iki ku vyerekeye Yezu? Birakora ku mutima kubona ukwicisha bugufi Yezu yerekanye mu kuntu yafashe abigishwa biwe. Kubera yuko yari umuntu atagira agasembwa, yari abarengeye. Yamara, ntiyigeze asuzugura abigishwa biwe. Ntiyigeze arondera gutuma bumva ko basuzuguritse canke ko ataco bashoboye. Ahubwo nyabuna, ntiyirengagiza aho bageza, kandi yarihanganira udukosa twabo. (Mariko 14:34-38; Yohani 16:12) None ntibiri n’ico bivuze kubona mbere n’abana barumva bisanze igihe baba bari kumwe na Yezu? Vy’ukuri, barumva bakwegerewe kuri we kubera ko babona ko “yitonda kandi yicisha bugufi.”​—Matayo 11:29; Mariko 10:13-16.

20. Yezu yagaragaje gute ukugira ibitegereka mu kuntu yafashe umugore w’Umunyamahanga yari afise umukobwa yatewe n’amadayimoni?

20 Yezu yarerekanye ukwicisha bugufi kw’Imana mu bundi buryo buhambaye. Yagira ibitegereka, kandi agatanga imbabazi igihe haba hari imvo zumvikana zo kubigira. Nk’akarorero, ibuka igihe umugore w’Umunyamahanga yamusaba gukiza umukobwa wiwe yari yatewe n’amadayimoni bimwe bikomeye. Mu buryo butatu butandukanye, Yezu yabanje kwerekana yuko atari agiye kumufasha, ivyo ubwa mbere abigira mu kwanka kumwishura; ubwa kabiri, mu kuvuga adakikiriza yuko atari yarungitswe ku banyamahanga, mugabo ko yari yarungitswe ku Bayuda; hanyuma ubugira gatatu, mu gutanga ikigereranirizo cerekana ico ciyumviro nyene mu bugwaneza. Ariko rero, nya mugore yarakobeje, atanga ikimenyamenya c’ukwizera kudasanzwe. Yezu arimbuye ico kintu kidasanzwe, yaciye akora iki? Yakoze neza na neza ico yari yerekanye yuko atokoze. Yarakijije umukobwa wa nya mugore. (Matayo 15:21-28) None ukwo si ukwicisha bugufi kudasanzwe? Ibuka kandi yuko ukwicisha bugufi ari ishimikiro ry’ubukerebutsi nyakuri.

21. Ni kubera iki dukwiye kwihatira kwigana kamere za Yezu, imvugo yiwe be n’uburyo yakora ibintu?

21 Ese ukuntu dushobora gukenguruka kuba Injili ziduhishurira amajambo n’ibikorwa vya wa muntu w’inkerebutsi kuruta ababayeho bose! Twibuke yuko Yezu yagaragaza neza na neza kamere nk’iza Se. Twiganye kamere za Yezu, imvugo yiwe be n’uburyo yakora ibintu, tuzoba turiko turatsimbataza ubukerebutsi buva mw’ijuru. Mu kigabane gikurikira, turabona ingene dushobora gushira mu ngiro ubukerebutsi bw’Imana mu buzima bwacu.

a Mu bihe vya Bibiliya, ababaji barakoreshwa mu kwubaka amazu, guhingura ibikoresho vyo mu nzu, be n’ibikoresho vyo gukoresha mu murima. Uwitwa Justin Martyr wo mu kinjana ca kabiri inyuma ya Kristu, yanditse ku vyerekeye Yezu ati: «Yari amenyereye gukora bwa mubaji igihe yaba ari mu bantu b’abagabo, agahingura amasuka arimishwa n’inka be n’ingogo.»

b Irivuga ry’ikigiriki ryahinduwe «kwiganyira» risobanura «kwangaza umuzirikanyi.» Nk’uko ryakoreshejwe muri Matayo 6:25, ryerekeza ku bwoba bw’uguhagarika umutima busamaza umuzirikanyi canke bugatuma udatekanirwa, bugatuma umuntu atagira umunezero mu buzima.

c Kukaba nkako, ubushakashatsi abanyasiyansi bagize bwarerekanye yuko guhagarika umutima be no guta umutwe birenze urugero bishobora gutuma turwara indwara y’umutima be n’ibindi birwara vyinshi bishobora gutuma tutaramba.