Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 22

«Ubukerebutsi buva mw’ijuru» bwoba buriko burakora mu buzima bwawe?

«Ubukerebutsi buva mw’ijuru» bwoba buriko burakora mu buzima bwawe?

1-3. (a) Salomo yagaragaje gute ubukerebutsi budasanzwe mu kuntu yatatuye amatati y’abagore bapfa umwana? (b) Yehova adusezeranira kuduha iki, kandi ni ibibazo ibihe bivyuka?

 RWARI urubanza rugoye: abagore babiri bariko barahazukira umwana umwe. Abo bagore barabana mu nzu imwe, kandi umwe wese yari yaravyaye umuhungu, ku misi itandukanye. Umwe muri abo bana yari yapfuye, maze umugore umwumwe wese akemeza ko ari we nyina w’uwo mwana akomeye. a Nta bandi bantu bari babonye ingene vyagenze. Bisa n’uko urwo rubanza rwari rwumvirijwe mu bucamanza bwo hasi mugabo ntirwacika. Amaherezo, ayo matati yarajanywe kwa Salomo, umwami wa Isirayeli. Mbega none yoshoboye gutora aho ukuri kuri?

2 Amaze akanya yumviriza uko nya bagore bariko baraburana, Salomo yatumyeko inkota. Hanyuma, asa n’uwajijutse, ategeka yuko nya mwana acibwamwo kubiri, igihimba kimwe kigahabwa umugore umwe ikindi uwundi. Ubwo nyene, nyina w’ukuri wa nya mwana yaciye atakambira umwami ngo uwo mwana wiwe yikundira bamuhe wa mugore wundi. Ariko uwo wundi mugore abandanya gushimika yuko nya mwana acibwamwo kubiri. Buno Salomo aca amenya aho ukuri kuri. Yari azi imbabazi zuzuye ikibabarwe umuvyeyi agirira umwana wiwe yibarutse, hanyuma akoresha ubwo bumenyi kugira ngo atature ayo matati. Iyumvire ukuntu nya muvyeyi yahumurijwe igihe Salomo yamwegurira nya mwana hanyuma akavuga ati: «Ni we nyina.»​—1 Abami 3:16-27.

3 None ubwo ntibwari ubukerebutsi budasanzwe? Igihe abantu bumva ingene Salomo yaciye urwo rubanza, baragize akoba, «kuko babonye ko Imana yari yamuhaye ubukerebutsi.» Egome, ubukerebutsi bwa Salomo bwari ingabirano iva ku Mana. Yehova yari yaramuhaye «ubukerebutsi n’ugutegera.» (1 Abami 3:12, 28) Ariko none tuvuge iki ku bitwerekeye? Twoba natwe twoshobora kuronka ubukerebutsi buva ku Mana? Ego cane, kubera yuko Salomo yanditse ahumekewe ati: «Yehova [ni] we atanga ubukerebutsi.» (Imigani 2:6) Yehova asezerana guha ubukerebutsi ababurondera babikuye ku mutima, ubwo na bwo bukaba ari ubushobozi bwo gukoresha neza ubumenyi, ugutahura be n’ugutandukanya icatsi n’ururo. None dushobora gute kuronka ubukerebutsi buva hejuru? Kandi dushobora gute kubukoresha mu buzima bwacu?

“Wokwironsa gute ubukerebutsi”?

4-7. Ni ibintu bine ibihe bisabwa kugira ngo umuntu aronke ubukerebutsi?

4 Twoba dutegerezwa kuba dufise ubwenge bwinshi canke amashure menshi kugira ngo turonke ubukerebutsi buva ku Mana? Oya. Yehova arafise umutima ukunze wo kuduha ubukerebutsi bwiwe ataravye kahise kacu canke amashure twize. (1 Abakorinto 1:26-29) Mugabo dutegerezwa kugira ico dukoze, kubera yuko Bibiliya iduhimiriza “kwironsa ubukerebutsi.”’ (Imigani 4:7) Ivyo twobigira gute?

5 Ubwa mbere, turakeneye gutinya Imana. Mu Migani 9:10 hagira hati: «Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi [«ni yo ntambwe ya mbere ijana ku bukerebutsi», The New English Bible].» Ugutinya Imana ni wo mushinge w’ubukerebutsi nyakuri. Kubera iki? Ibuka yuko ubukerebutsi burimwo ubushobozi bwo gukoresha ubumenyi mu buryo butuma umuntu aroranirwa. Gutinya Imana si ukujugumira imbere yayo watekewe n’ubwoba, ahubwo ni ukwicisha bugufi imbere yayo ufise akoba, icubahiro be n’ukwizigira. Mwene ukwo gutinya ni kwiza kandi kuravyurira umuntu wo kugira ico akoze. Kuratuma duhuza ubuzima bwacu n’ubumenyi bw’ivyo Imana igomba be n’inzira zayo. Iyo ni yo ngendo iranga ubukerebutsi kuruta izindi twobaho twisunga, kubera yuko ingingo ngenderwako za Yehova zama zironsa ivyiza vyinshi cane abazikurikiza.

6 Ubugira kabiri, dutegerezwa kwicisha bugufi no kwifata ruto. Ubukerebutsi buva ku Mana ntibushobora kubaho ata kwicisha bugufi n’ukwifata ruto. (Imigani 11:2) Ni kubera iki ari ukwo bimeze? Mu gihe twicisha bugufi kandi tukifata ruto, tuba dufise umutima ukunze wo kwemera yuko tutazi ikintu cose, yuko ivyiyumviro vyacu bitama nantaryo bigororotse, be n’uko dukeneye kumenya ivyiyumviro vya Yehova ku bintu binaka. Yehova “arwanya abibona”, mugabo aranezerwa no guha ubukerebutsi abicisha bugufi mu mutima.​—Yakobo 4:6.

7 Ikindi kintu gihambaye kigira gatatu ni ukwiga Ijambo ry’Imana ryanditswe. Ubukerebutsi bwa Yehova burahishurwa mw’Ijambo ryiwe. Kugira ngo turonke ubwo bukerebutsi, dutegerezwa kugira akigoro ko kwimba tuburondera. (Imigani 2:1-5) Igisabwa kigira kane ni isengesho. Dusavye Imana ngo ituronse ubukerebutsi tubikuye ku mutima, izobuduha ititangiriye itama. (Yakobo 1:5) Amasengesho dutura yo gusaba imfashanyo y’impwemu y’Imana ntazogenda atishuwe. Kandi impwemu yayo irashobora gutuma turonka ubutunzi bwo mw’Ijambo ryayo bushobora kudufasha gutorera umuti ingorane, kwirinda ingeramizi be no gufata ingingo ziranga ubukerebutsi.​—Luka 11:13.

Kugira ngo turonke ubukerebutsi buva ku Mana, dutegerezwa kugira akigoro ko kwimba tukaburondera

8. Nimba twararonse koko ubukerebutsi buva ku Mana, bizokwibonekeza gute?

8 Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 17, ubukerebutsi bwa Yehova ni ngirakamaro. Ku bw’ivyo, nimba vy’ukuri twararonse ubukerebutsi buva ku Mana, bizogaragarira mu kuntu twigenza. Umwigishwa Yakobo yaradondoye ivyamwa vy’ubukerebutsi buva ku Mana igihe yandika ati: «Ubukerebutsi buva mw’ijuru imbere ya vyose ntibwanduye, kandi burangwa n’amahoro, ntiburenza urugero, bwiteguriye kugamburuka, bwuzuye imbabazi n’ivyamwa vyiza, ntibugira nkunzi, ntibwiyorobeka.» (Yakobo 3:17) Uko tuganira ku muce umwumwe wose muri iyo, twoshobora kwibaza duti: “Ubukerebutsi buva hejuru bwoba buriko burakora mu buzima bwanje?”

«Ntibwanduye, kandi burangwa n’amahoro»

9. Kutandura bisigura iki, kandi ni kubera iki bibereye kubona ukutandura ari yo kamere y’ubukerebutsi yavuzwe imbere y’izindi?

9 «Imbere ya vyose ntibwanduye.» Kutandura bisigura kuba uwutagira agatosi, atari inyuma ku rukoba gusa, mugabo n’imbere mu mutima. Bibiliya irafatanya ubukerebutsi n’umutima, mugabo ubukerebutsi buva hejuru ntibushobora kwinjira mu mutima wandujwe n’ivyiyumviro bibi, ivyipfuzo bibi, be n’imvo mbi. (Imigani 2:10; Matayo 15:19, 20) Ariko rero, nimba umutima wacu utanduye ku rugero abantu badatunganye bashobora gushikanako, “tuzoreka ikibi, dukore iciza.” (Zaburi 37:27; Imigani 3:7) Ntibikwiriye none kuba ukutandura ari kamere y’ubukerebutsi yavuzwe imbere y’izindi? Nakare, nimba duhumanye mu vyo kwigenza runtu be no mu vy’impwemu, twoshobora gute vy’ukuri kugaragaza izindi kamere z’ubukerebutsi buva hejuru?

10, 11. (a) Ni kubera iki bihambaye yuko tuba indemeshamahoro? (b) Mu gihe ubonye yuko wababaje uwo musangiye ukwizera, wogaragaza gute yuko wewe ubwawe uri indemeshamahoro? (Raba n’akajambo k’epfo.)

10 “Kandi burangwa n’amahoro.» Ubukerebutsi buva hejuru butuma dukurikirana amahoro, na yo akaba ari umuce w’icamwa c’impwemu y’Imana. (Abagalatiya 5:22) Turihatira kwirinda guhungabanya «umugozi w’amahoro» wunga abasavyi ba Yehova. (Abanyefeso 4:3) Turakora uko dushoboye kandi kugira ngo tugarukane amahoro igihe yahungabanye. Ni kubera iki ivyo bihambaye? Bibiliya igira iti: «Mubandanye . . . kubaho mu mahoro. Ya Mana y’urukundo n’amahoro izoheza ibane namwe.» (2 Abakorinto 13:11) Rero, nitwabandanya kubaho mu mahoro, ya Mana y’amahoro izobana natwe. Uburyo dufata abo dusangiye ukwizera buragira ico bukoze ku bucuti dufitaniye na Yehova. None dushobora kugaragaza gute yuko ubwacu turi indemeshamahoro? Rimbura aka karorero.

11 Ukwiye gukora iki mu gihe wiyumvamwo yuko wababaje uwo musangiye ukwizera? Yezu yavuze ati: «Nimba rero uzanye ishikanwa ryawe ku gicaniro, hanyuma ukahibukira ko mwenewanyu agufitiye agashavu, nuce usiga ishikanwa ryawe ng’aho imbere y’igicaniro maze ugende. Nubanze usubize hamwe na mwenewanyu hanyuma ugaruke, ubone gutanga ishikanwa ryawe.» (Matayo 5:23, 24) Urashobora gukurikiza iyo mpanuro mu kwibwiriza kugenda kuri uwo muvukanyi wawe. Wogenda ufise intumbero iyihe? “Gusubiza hamwe” na we. b Kugira ngo ivyo ubishikeko, hari aho woba ukwiye kwemera ko vyamubabaje aho kubihakana. Umwegereye ufise intumbero yo kugarukana amahoro no kuyazigama, birashoboka ko mutorera umuti ukutumvikana, mugasabana imbabazi nimba bikenewe, maze mukababarirana. Iyo ugize uko ushoboye kwose ukarondera amahoro, uba ugaragaje yuko urongorwa n’ubukerebutsi buva ku Mana.

«Ntiburenza urugero, bwiteguriye kugamburuka»

12, 13. (a) Ijambo ryahinduwe ngo «kutarenza urugero» muri Yakobo 3:17 risobanura iki? (b) Dushobora kwerekana gute yuko tutarenza urugero?

12 «Ntiburenza urugero.» Kutarenza urugero bisobanura iki? Dukurikije ivyo abahinga bavuga, ijambo ry’ikigiriki ryo mu ntango ryahinduwe ngo “kutarenza urugero” muri Yakobo 3:17 riragoye guhindura mu zindi ndimi. Iryo jambo riserura iciyumviro co kuba uriko urarekura. Abahinduzi bagiye barakoresha amajambo nk’aya ngo «ukwengenga», «ukwihangana», be n’«ukuba umunyabuntu.» Dushobora kugaragaza gute yuko uwo muce w’ubukerebutsi buva hejuru uriko urakora muri twebwe?

13 Mu Bafilipi 4:5 hagira hati: «Bose nibabone ko muri abantu batadadaza.» Hari iyindi mpinduro ihavuga iti: «Nimumenyekane yuko mutarenza urugero.» (The New Testament in Modern English, by J. B. Phillips) Urabona yuko ng’aha ahanini atari ukungene twebwe ubwacu twibona; ni ukungene abandi batubona, ukuntu tuzwi. Umuntu atarenza urugero ntiyama nantaryo ashimika ku kantu kose ko mw’itegeko canke ku kuntu we ubwiwe abona ibintu. Ahubwo riho, agira umutima ukunze wo kwumviriza abandi no kwemera ivyo abandi bipfuza igihe bibereye. Vyongeye arengenga, ntakarira abandi canke ngo abaryagagure mu kuntu abafata. Naho ivyo bihambaye ku bakirisu bose, birahambaye na canecane ku bakurambere. Ukwengenga kurakwegera, kugatuma abakurambere baba abantu begereka. (1 Abatesalonika 2:7, 8) Vyoba vyiza twese twibajije duti: “Noba nzwi yuko niyumvira abandi, ko ndi umuntu arekura, kandi nkaba nitonda?”

14. Twogaragaza gute ko «[twi]teguriye kugamburuka»?

14 «Bwiteguriye kugamburuka.» Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «bwiteguriye kugamburuka» nta handi riboneka mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu. Nk’uko umuhinga umwe abivuga, iryo jambo «kenshi rikoreshwa ku kwubaha kwo mu gisoda.» Ritanga iciyumviro c’umuntu «yoroshe kujijura» n’iciyumviro co kuba «uwuyoboka.» Uwuyoborwa n’ubukerebutsi buva hejuru yama yiteguye kuyobokera ivyo Ivyanditswe bivuga. Ntaba azwi yuko ari umuntu afata ingingo maze akanka ko hogira ibintu na bimwe vyohava biyivuguruza. Ahubwo arihutira guhindura igihe ahawe ikimenyamenya gitomoye co mu Vyanditswe cerekana yuko yafashe impagararo itari yo canke ko yashitse ku vyiyumviro bitari vyo. Wewe ukwo ni ko abandi bakuzi?

«Bwuzuye imbabazi n’ivyamwa vyiza»

15. Imbabazi ni iki, kandi ni kubera iki bibereye yuko «imbabazi» n’«ivyamwa vyiza» bivugwa biri kumwe muri Yakobo 3:17?

15 «Bwuzuye imbabazi n’ivyamwa vyiza.» c Imbabazi ni umuce uhambaye w’ubukerebutsi buva hejuru, kubera yuko mwene ubwo bukerebutsi buvugwa yuko «bwuzuye imbabazi.» Urabona yuko «imbabazi» n’«ivyamwa vyiza» bivuzwe biri kumwe. Ivyo birabereye, kubera yuko muri Bibiliya kenshi imbabazi zerekeza ku kwitwararika abandi ubigiranye akigoro, zikaba ari impuhwe zivamwo ivyimburwa vyinshi vy’ibikorwa bikoranywe umutima mwiza. Igitabu kimwe gisigura yuko imbabazi ari «ukwumva utuntujwe n’uko uwundi amerewe nabi hanyuma ukagerageza kugira ico umufashije.» Ku bw’ivyo rero, ubukerebutsi buva ku Mana si ubutagira igishika, butarimwo inyiyumvo, canke ubugizwe n’ubwenge gusa. Ahubwo burangwa n’igishika, bukava ku mutima kandi bukagira ico bufashije. Twokwerekana gute ko twuzuye imbabazi?

16, 17. (a) Turetse urukundo dukunda Imana, ni igiki gituma tugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza, kandi kubera iki? (b) Ni mu buryo ubuhe dushobora kwerekana yuko twuzuye imbabazi?

16 Mu vy’ukuri, uburyo buhambaye bwo kuvyerekana ni ukubwira abandi inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Ni igiki gituma dukora ico gikorwa? Ubwa mbere hoho, ni urukundo dukunda Imana. Mugabo kandi turabitumwa n’imbabazi, canke impuhwe tugirira abandi. (Matayo 22:37-39) Benshi muri iki gihe «baratabaguwe kandi barasabagiye nk’intama zitagira umwungere.» (Matayo 9:36) Barirengagijwe bongera barahumwa amaso mu buryo bw’impwemu n’abungere b’abanyamadini y’ikinyoma. Ivyo vyatumye batamenya ubuyobozi buranga ubukerebutsi dusanga mw’Ijambo ry’Imana, canke imihezagiro ubwo Bwami bugiye kuzana ubu bwa vuba kw’isi. Iyo rero tuzirikanye ku vyo abantu badukikije bakeneye mu vy’impwemu, imbabazi zacu zivuye ku mutima ziratuma dukora ivyo dushobora vyose kugira ngo tubabwire ivyerekeye umugambi wa Yehova wuzuye urukundo.

Iyo tugaragariza abandi imbabazi, canke impuhwe, tuba tugaragaje «ubukerebutsi buva mw’ijuru»

17 Ni mu bundi buryo ubuhe dushobora kwerekana yuko twuzuye imbabazi? Ibuka ca kigereranirizo Yezu yatanga ca wa Musamariya yasanga ingenzi iryamye iruhande y’ibarabara, yibwe kandi yakubiswe. Abitumwe n’impuhwe, nya Musamariya “yaragiriye imbabazi” nya muntu yari yagiriwe nabi, atubika ibikomere vyiwe yongera aramwitwararika. (Luka 10:29-37) Ivyo none si akarorero k’uko imbabazi zirimwo no gutanga imfashanyo ngirakamaro ku bayikeneye? Bibiliya itubwira iti: «Nuko rero tugifise akaryo ko kubigira, dukorere iciza bose, ariko canecane incuti zacu mu kwizera.» (Abagalatiya 6:10) Rimbura uburyo bumwebumwe ivyo bishoboka. Uwo dusangiye ukwizera ageze mu zabukuru yoshobora gukenera uwomwunguruza mu kuja canke mu kuva ku makoraniro. Umupfakazi wo mw’ishengero ashobora kuba akeneye ikimufasha gusanura inzu. (Yakobo 1:27) Uwihebuye ashobora kuba akeneye «ijambo ryiza» ryo kumuhumuriza. (Imigani 12:25) Igihe tugaragaza imbabazi muri mwene ubwo buryo, tuba dutanze ikimenyamenya c’uko ubukerebutsi buva hejuru buriko burakora muri twebwe.

«Ntibugira nkunzi, ntibwiyorobeka»

18. Nimba turongorwa n’ubukerebutsi buva hejuru, dutegerezwa kwihatira gukura iki mu mitima yacu, kandi kubera iki?

18 «Ntibugira nkunzi.» Ubukerebutsi bw’Imana buririnda ukuvangura ivy’amoko be n’ukwishimira igihugu. Mu gihe turongorwa na mwene ubwo bukerebutsi, turihatira kurandurana n’imizi mu mitima yacu impengamiro iyo ari yo yose yo kugira nkunzi. (Yakobo 2:9) Ntidushima abandi twishimikije amashure bize, uko ubutunzi bwabo bwifashe, canke ibanga bafise mw’ishengero; nta n’ubwo dusuzugura abo dusangiye ukwemera, naho boba baboneka ko ari bantahonikora gute. Nimba Yehova yarahaye urukundo rwiwe mwene abo bantu, nta cotubuza kubona ko babereye urukundo rwacu.

19, 20. (a) Inkomoko y’ijambo ry’ikigiriki rihindurwa ngo «ubwiyorobetsi» ni iyihe? (b) Tugaragaza gute ko «[twi]yumvamwo abavukanyi ata bwiyorobetsi», kandi kubera iki bihambaye?

19 «Ntibwiyorobeka.» Ijambo ry’ikigiriki rihindurwa ngo «umwiyorobetsi» rishobora kwerekeza ku «muntu yagira uruhara mu gikino.» Mu bihe vya kera, abakinyi b’ibikino b’Abagiriki n’ab’Abaroma barambara ibintu vyabayoberanya mu maso igihe baba bariko barakina. Kubera ico, ijambo ry’ikigiriki rihindurwa ngo «ubwiyorobetsi» ryahavuye rikoreshwa ku muntu yiyoberanya, canke uwukina ivyo atari. Uwo muce w’ubukerebutsi bw’Imana ukwiye kutagira akosho gusa ku kuntu dufata abo dusangiye ugusenga, mugabo kandi no ku kuntu twiyumva ku biberekeye.

20 Intumwa Petero yavuze yuko «[ku]gamburukira ukuri» bikwiye gutuma «[twi]yumvamwo abavukanyi ata bwiyorobetsi.» (1 Petero 1:22) Egome, urukundo dufitiye abavukanyi bacu ntirutegerezwa kuba urw’uruheyiheyi. Ntitwambara ibintu bituma twiyoberanya mu maso canke ngo tugire ibintu vyo guhenda abandi. Urukundo rwacu rutegerezwa kuba ari nyakuri, ruvuye ku mutima. Rubaye rumeze gutyo, abo dusangiye ukwizera bazotwizigira, kubera yuko bazomenya ko turi ico tuboneka ko turi. Mwene ukwo kuboneka nk’uko turi koko biratuma haba ukugiranira ubucuti bwiza hagati y’abakirisu kandi butarimwo uguhendana, bikongera bigafasha gutuma mw’ishengero haba ukwizigirana.

«Zigama ubukerebutsi nyabwo»

21, 22. (a) Vyagenze gute ngo Salomo areke kugumya ubukerebutsi? (b) Dushobora gute kugumya ubukerebutsi, kandi tuzokwungukira gute mu kubugumya?

21 Ubukerebutsi buva ku Mana ni ingabirano iva kuri Yehova, iyo dukwiye kugumya. Salomo yavuze ati: «Mwananje, . . . zigama ubukerebutsi nyabwo n’ubushobozi bwo kwiyumvira.» (Imigani 3:21) Ikibabaje, Salomo ubwiwe ntiyabugumije. Yagumye ari inkerebutsi igihe cose yari agifise umutima ugamburuka. Ariko amaherezo, abagore benshi yari afise b’abanyamahanga batumye umutima wiwe uva ku gusenga Yehova gutyoroye. (1 Abami 11:1-8) Ingaruka vyazaniye Salomo zirerekana yuko ubumenyi ata kamaro kanini butugirira mu gihe tutabukoresheje neza.

22 Dushobora gute kugumya ubukerebutsi ngirakimazi? Ntidutegerezwa gusa gusoma ubudahorereza Bibiliya be n’ibitabu bishingiye kuri yo bitangwa na wa «mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge», mugabo kandi dutegerezwa kwihatira gushira mu ngiro ivyo twiga. (Matayo 24:45) Turafise imvo zumvikana zo gushira mu ngiro ubukerebutsi buva ku Mana. Ni bwo buryo bwiza kuruta bwo kubaho ubu. Bituma dushobora “gucakira ubuzima nyakuri”, ni ukuvuga ubuzima bwo mw’isi nshasha y’Imana. (1 Timoteyo 6:19) Kandi n’igihambaye kuruta, gutsimbataza ubukerebutsi buva hejuru bituma turushiriza kwiyegereza rya Soko ry’ubukerebutsi bwose, ari we Yehova Imana.

a Dukurikije 1 Abami 3:16, nya bagore babiri bari abamaraya. Igitabu Étude perspicace des Écritures kigira giti: «Abo bagore bashobora kuba bari abamaraya, atari mu buryo bwo kurondera amahera, mugabo mu buryo bw’uko bari abagore bakoze ubusambanyi, bakaba bari Abayudakazi canke bagashobora kuba bakomoka mu banyamahanga.»​—Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Imvugo y’ikigiriki yahinduwe ngo «gusubiza hamwe» isobanurwa ko ari «kureka kuba abansi mukaba abagenzi; kwikiranura; gusubira kugiranira ubucuti, mukumvikana.» Gutyo rero, intumbero yawe ni iyo guhindura ibintu, gukura ikibi ku mutima w’uwababajwe nimba bishoboka.​—Abaroma 12:18.

c Iyindi mpinduro ivuga ayo majambo ngo «bwuzuye ikibabarwe n’ibikorwa vyiza.»​—A Translation in the Language of the People, ya Charles B. Williams.